IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yiyemeza kubandanya imigambi y’ukugabanya irwirirana ry’abantu

Reta yiyemeza kubandanya imigambi y’ukugabanya irwirirana ry’abantu

vendredi 3 Ndamukiza 2015, par Egide N

Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu aremeza ko ikibazo c’irwirirana ry’abantu gihanze Reta, akabirabira ku bimenyetso bivyerekana. Reta y’Uburundi ikaba ivuga ko ibandanya gushira mu ngiro imigambi y’ukugabanya irwirirana ry’abantu.

Mu biganiro vyateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA ryitaho irwirirana ry’abantu, ku bijanye n’imigambi yashizwe imbere mu nama mpuzamakungu kw’irwirirana ry’abantu n’iterambere, Prosper BAZOMBANZA, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko ikibazo c’irwirirana ry’abantu cibonekeza mu Burundi, agatanga akarorera k’abantu bongerekana kuva ku bice bibiri gushika ku bice bine kw’ijana ku munsi. Ibiharuro vyakozwe vyerekana ko abantu bagera ku 379 aribo baba ku kirometero kwadarato kimwe, umurundikazi umwe nawe akibaruka n’imiburiburi abana bagera kuri batandatu batandatu.

Prosper BAZOMBANZA avuga ko iryo rwirirana ry’abantu rituma abanyagihugu bo mu Burundi baba bagizwe n’urwaruka rw’abafise imyaka 25 ku bice 65 kw’ijana, ivyo navyo bigatuma haba ibibazo Reta ica itegerezwa guhangana navyo, nko kwubaka amashure menshi yigisha abo bana, uburyo bw’ukubavuza, ubuzi bwabo n’ibindi.
Nk’uko Prosper BANZOMBANZA yabisiguye, nico gituma Reta y’Uburundi, iri kumwe n’abasanzwe bayifasha babandanya gutunganya imigambi y’uguhimiriza abanyagihugu kurondoka ku rugero.

Uwari yaserukiye abafasha Uburundi, Oppewal Jolke Folkert asanzwe aserukira Ubuhorande mu Burundi, yamenyesheje ko ukurwanya ubukene bitangurirwa n’ukugabanya imvyaro, kuko n’isi ndimwa y’Uburundi isanzwe ari ntoya ku banyagihugu b’abarundi batunzwe n’uburimyi ku bice birenga 90 kw’ijana.

Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu akaba yamenyesheje ko ivyo biganiro vyari vyatunganijwe kuri uwu wa gatanu bifasha abarabwa n’ikibazo c’irwirirana ry’abantu, bakabona kumwe ico kibazo c’irwirirana ry’abantu, bongere batorere hamwe inyishu zitanga ihangiro ry’umwaka w’2015, ryerekana aho Uburundi bushaka gushika mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

JPEG - 4.6 Mo
Susanne MANDONG aserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA (i buryo), Oppewal Jolke Folkert aserukira Ubuhorande mu Burundi (hagati), hamwe na Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu nama mpuzamakungu y’umurwi ujejwe irwirirana ry’abantu n’iterambere itegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 17 Ndamukiza 2015 i New York, Susanne MANDONG aserukira mu Burundi ishirahamwe mpuzamakungu UNFPA ryitaho irwirirana ry’abantu, amenyesha ko abasanzwe bakurikirana ikibazo c’irwirirana ry’abantu bazogenzura ko abafasha bose muri ico gisata bavuga rumwe ku bibazo vy’irwirirana ry’abantu mu Burundi, kugira n’imigambi igihugu c’Uburundi izoshikiriza kuva mu 2015 kuduga, izoshobore gushirwa mu ngiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • nayifashe iyo leta babandanye bagura imipanga yokubagabanya!eeeewe umututsi gito!!!

  • Uyu bazombanza sinarinzi kobamihinduye icegera cakabiri cumukuruwigihugu narinzikwaricegera cambere cumukuru wigihugu? Ariko murakoze niyabatari ryatekenikanyu tugiraguti tugasanga ivyomwatubwiye sikwobimeze.

  • Ariko ntimuvuge abafise iyomyaka nabafise iyirenga iyomwaka usanga bafise abanacumi

  • hadnaoltowtsioea.lwolteoalootowt

  • hadnaoltowtsioea.lwolteoalootowt

  • Ntimwirigwe murat’umwanya cndd FDD yaratanguye umugambi wo kubaganya n’imipanga n’inkoho

  • Nta warondeye kugabanya abantu yaramvye! Subire murabe muri histoire: kuva isi iremwa kugeza n’ ubu, uwagerageje kurwanya icashizweho bivanye n’ integuro y’ ubudashira, yaciye asezera isi. Bamwe barasanzajwe, abandi barisha nk’ inka. Burya nk’ uwozana iciyumviro ko igiterwa c’ ikawa canke ikigazi cononekaye agatangaza ati ndabazaniye imbuto nshasha, izo mbuto ntitwozakira? Tumaze kubona ko zimbuka kandi zizana umwimbu incuro nka 10, uwo muhinga yongejeko ati : " nimuzisabikanye, kandi zirwire hose"; ntitwobikora? Hari ingemwe kandi imbuto nziza ziriko zirama! Nimurabe abo bazirwanya abaribo! Tugiye kurwira, dukwire isi yose! Umwansi (satani) yaraturwanije, mugabo twarakuze!

  • MBEGA AHO BAGWANYA UMUGAMBI W’Imana niki? NI BAREKEGUHENDWA NA SATANI IMANA IREMA UMUNTU IMUFITIYE UMUGAMBI KANDI ABANTU NTIBAZOKWIGERA BABURA AHOBAKWIGWA NICOGITUMA IMANA ITUBWIRA ITI TWAME TWITEGUYE KUKO TUTAZI UMUSI NISAHA KUKO IYISI SIYIWACU KUKO IMANA IREMA UMUNTU AKABA KURIYISI KUGIRANGO AHITEMWO INZIRA KUKO HARI INZIRAZIBIRI HARI INZIRA YUKWEMERA ISHAKA RY’IMANA IYO IKABA ARIYO ISHIKANA UMUNTU KUMANA HAKABA IYINDINZIRA IGWANYA UMUGAMBI W’IMANA IYONAYO IKABA ARIYO ISHIKANA UMUNTU KWA SATANI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.