IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruhororo : Abanyagihugu bageze ku ntambwe nziza mu kubana neza

Ruhororo : Abanyagihugu bageze ku ntambwe nziza mu kubana neza

vendredi 24 Gitugutu 2014

Abanyagihugu bo muri komine ya Ruhororo bahanurwa n’umukuru w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu kubandanya barengera ibibatandukanya, ariko bagume bapfumbatiye amahoro.

Ivyo Furera Ntakarutimana Emmanuel akaba yabivuze inyuma y’aho umurwi arongoye utunganirije ibiganiro vyabereye kw’iseminari ntoya y’i Mureke, ibiganiro vyari vyitabwe n’abatandukanye harimwo abajejwe intwaro, umutekano n’abanyaihugu. Mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bakavuga ko abanyagihugu ba komine ya Ruhororo bageze ku ntambwe nziza mu gufatana mu nda, inyuma y’aho iyo komine yari imaze iminsi yabaye iciro ry’umugani mu kutihanganiranira mu vya poritike.

Abo banyagihugu bakaba basabwe kubandanya bashigikirana kugira baze bashike kw’iterambere rirama.


Aristide Nizigire

Messages

  • Erega ubundi abanyaruhororo barakwiye kumenya yuko kwama bariko barashihana bapfa amoko canke imigambwe ataho bizobageza? numva ahubwo bakwiye gufatana mu nda bakubaka ikomine yabo bari hamwe niho bazoshika kw’iterambere rirama.
    Erega hambavu yo kuba abahutu canke abatutsi nibatahure yuko bose ari abarundi hama babane mu mahoro!

  • ruhororo nta mahoro tukiba kubiri,ahubwo Imana ifashe ruhororo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.