IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abadandaza umubiri 18 bafatanywe n’abagabo 13

Rumonge : Abadandaza umubiri 18 bafatanywe n’abagabo 13

lundi 3 Munyonyo 2014

Abadandaza umubiri bagera kuri 18 harimwo n’abagabo 13 nibo bafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryagizwe mu ntara ya Bururi muri komine ya Rumonge.

Abo bakobwa badandaza umubiri harimwo n’umunyarwandakazi umwe, bakaba bafashwe inyuma y’aho hari amakuru yiriwe aravuga mw’ijoro rishira uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Gitugutu, hari abagizi ba nabi bitwaje imipanga bahava batera imisozi igize igisagara ca komine ya Rumonge, bikavugwa ko abo bagizi ba nabi bari kuzanana intara za Mwaro na Bujumbura, aho iyo mirwi yari imaze iminsi ivugwa.

Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu ba radiyo Bonesha FM abivuga, bikaba vyavugwa ko nyabagizi ba nabi, bari kurara muri abo badandaza imibiriaho mu Rumonge imbere y’ugutera. Abo bakobwa rero bakaba barasatswe abo 18 barafatwa, bari kumwe n’abagabo 13 baracakirwa.

Mukamenya ko iyo mirwi imaze iminsi ivugwa ndetse abanyagihugu bakagira ubwoba, bivugwa ko mu ntara ya Bujumbura muri komine ya Mugongomanga iyo mirwi isa niyahavuye nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu. Nayo muri iyo komine ya Rumonge abayirongoye bakavuga ko cari igihuha.

Photo : IWACU

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.