IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutana : Abantu 25 baguye mw’isanganya ry’imodoka

Rutana : Abantu 25 baguye mw’isanganya ry’imodoka

lundi 25 Ndamukiza 2016, par egide

Abantu bagera kuri 25 barimwo Patiri mukuru wa Paruwasi Kiguhu hamwe n’umubikira umwe wo kuri iyo paruwasi nibo bamaze kwitaba Imana bivuye kw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa FUSO yari yunguruje abakirisu bo kuri Paruwasi Kiguhu bari bavuye mu butumwa bw’ukuririmbira Imana mu ntara ya Gitega, kw’ishure ryisumbuye (Lycé Notre Dame de la Sagesse).

Mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, iyo modoka yacitse ifire igeze ahantu hamanuka cane, muri komine ya Musongati, aho bita KUW’IVYUMA.

Buramatari w’intara ya Rutana, Abed NYANDWI amenyesha ko iryo sanganya ryabaye ari agahomerabunwa, kuko iyo modoka yari yunguruje abantu benshi cane.
Muri iryo sanganya, abari imbere bakaba baciye bapfa, abandi benshi barakomereka.

Abaharurwa muri 25 akaba aribo bamaze kwitaba Imana, abakomeretse nabo bakaba babandanya gukurikiranwa kwa muganga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.