IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruziba : Imiryango yaba mu muzimiza iriko ironswa amatara ngendanwa

Ruziba : Imiryango yaba mu muzimiza iriko ironswa amatara ngendanwa

jeudi 3 Mukakaro 2014

Mu gihe ibice vy’abarundi bigera kuri 97 kw’ijana bitagira umuyagankuba, ishirahamwe UNICEF rifashanije na FVS Amade Burundi rikaba ryatanguje umugambi witiriwe umuco.

Imwe mu migambi yo gufasha abanyagihugu b’abarundi mu kurwanya umuzimiza nk’uko bishikirizwa na Juliette Ruthi ajejwe kumenyesha amakuru muri UNICEF akavuga ko ari nk’uguha amatara abanyagihugu basobora nk’ugukoresha umwanya munini kandi ahezemwo umuriro bagashobora kuwishiriramwo, bakoresheje zimwe mu mashine zitanga umuyagankuba. Ruthi akabandanya avuga ko ayo matara yoroshe gutunga ku buryo bizera ko abanyagihugu bayaronkejwe azobagirira akamaro, kandi agashobora n’ukumara igihe.

Uyo mugambi rero uje gufasha bamwe mu banyagihugu baba mu micungararo itagira umuyagankuba, ukaba kandi uzofasha n’imwe mu miryango y’abantu bareze impfuvyi hamwe n’abapfakazi. Bamwe mu baronkejwe ayo matara basanzwe bafashwa na FVS/Amade -Burundi, bakavuga ko bamaze kuyaronka bafashijwe n’iryo shirahamwe ryatanze ayitwa ‘’Murikira Nige’’,akaba afasha imiryango itari mike, kandi isanzwe itunze n’abanyeshure yo muri komine ya Kanyosha mu Ruziba mu ntara ya Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.