Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu
 Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu
 Rwasa Agathon yoba agira ave mu buhungiro, atahe mu gihugu
				
				jeudi 9 Rusama 2013
Umuvugizi w’umugambwe FNL, Aimé Magera, amenyesha ko umukuru w’umugambwe, Agathon Rwasa yiteguriye gutaha mu gihugu n’aho atatomoye igenekerezo azozirako.
Mu kiganiro yatanze ku nsamirizi Isanganiro kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 08 Rusama 2013, Aimé Magera avuga ko umunyepolitike Agathon Rwasa ategerezwa gutaha gutegura amatora azoba mu mwaka w’2015. Kuri ivyo, Rwasa Agathon ategekanya gutunganya ikoraniro mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo.
Umuvugizi w’umugambwe FNL, Aimé Magera abandanya anegura intumbero yo gushaka gukumira muri politike abatavuga rumwe na Leta, cane cane abahurikiye mu mugambwe FNL, inyuma y’aho umunyamabanga wa FNL aterewe muri yompi mu rugendo yahoramwo mu Burundi, arapfungwa imisi mike. Aimé Magera yibutsa ko iyo ngendo itandukanye n’ivyo bari bumvikanye mu nama iheruka guhuza abanyepolitike, iteguwe n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, BNUB.
Aimé Magera, asanzwe ariwe avugira umugambwe FNL amenyesha ko icipfuzo ca Agathon Rwasa aruko umugambwe FNL wosubizwa indongozi zawatswe.
Jeacques Bigirimana, umunyamabanga wa FNL irongowe na Emmanuel Miburo kubw’iwe amategeko agenga umugambwe aratomoye neza kuri ico kibazo cabiyitirira uburongozi bwa FNL.
Rwasa Agathon yahunze igihugu inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010. Abanywanyi benshi b’umugambwe FNL baragandaguwe, abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta bakamenyesha ko abo bishwe bahowe imvo za politike, imbere n’inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010.
Egide Nduwimana



Messages
9 Rusama 2013, 04:53, par Didier
Karibu mu gihugu mutama Rwasa ukore politique. Uwuri hanze y’igihugu nta politique akina. Ariko rero, birya bintu vyo kwikura mu matora ntuzobisubire kuko la politique de la chaise vide ni iya kera cane ubu yarataye igihe. Uko bigenda kwose uragumamwo gutyo tu continues a véhiculer tes idées. Ku neza yawe uzosabe amakungu agarantisser umutekano wawe kuko abansi barakaka.
9 Rusama 2013, 05:39, par Patrick
None ni nde yari yaramubujije gutaha? Mu Burundi amahoro yariraye n’amakungu arakenguruka. Naze twubake igihugu, ariko amacakubiri ayasige mu buhungiro. "Uwuzotangura intambara izoherera mu rugo iwe"
9 Rusama 2013, 05:41, par Melance
patrick yaco uvuga ivyo utazi! aba FNL bo muri Rural bariyishe?
9 Rusama 2013, 05:48, par jeannette
Karibu Rwasa twubake igihugu. tegura ivyiyumviro bitomoye vyozamura politique y’igihugu. Ivyabaye muri kahise vyibagire twubake uburundi bushasha. Mu matora hakora ivyiyumviro vya programme yo muri kazoza
9 Rusama 2013, 06:15, par Richard
Icipfuzo co gutahuka mu gihugu c’amavukiro ca Rwasa ni ciza cane kuko ubuzima bwo mu buhungiro burababaza. Uwutarahunga ntavyo nomwipfuriza, ariko rero ntibizokworoha kuko ubutegetsi buramutinya. erega Rwasa afise abantu benshi. Mwibaza ko ari kubera iki bamwirukako? erega yari yabaye uwa kabiri mu matora kandi yaronse iyo place inyuma y’amanyanga y’ubusuma. CNDD FDD irazi ko Rwasa ashobora gutsinda amatora c’est pourquoi yoraba neza ntibazomucishe mu rya humwe
9 Rusama 2013, 07:33, par rumuri
ibi vyose biba nuko bamuhenze akava mumatora iyo agumamwo ntabwo tuba dutwawe gutya... gusa nyene aze neza kuko nihatari
9 Rusama 2013, 15:35, par Big
Abahutu murimbwa erega muri 72 igihugu cari mumaboko yanyu.uwuriko ahunga ahungishwa n,abatutsi?
9 Rusama 2013, 20:02, par kakanakimana
Unva sukuvuga yuko atashe ngo nukubera Amatora ahubwo nivyomutaramenya mwoba muziyuko ibisaka vyimbwa vyahiye nayi bijanye na Politique yo !!!nibaza yuko yobanza kwitonda kuko mukirindi bati nyenimbugita nuwuyifitiy’ikirindi
kuko nakare Politique yamunaniy kuvakare uwumusi siho yoza kuyishobora!!
10 Rusama 2013, 01:22, par Didier
Rwasa bamuhenze kuva akiva mw’ishamba. Mwibaze vraiment bakamuha gutwara INSS n’imyaka yaramaze mw’ishamba. Harya yarahihendeye. En plus muri démobilisation nta grade n’imwe ikomeye bahaye abasoda biwe. Mwumva bari gufata décision gute ari ba Major, mu gihe muri CNDD FDD harimwo aba Généraux? Yarabeshwe kabisa. BARAMUCIYEMWO
10 Rusama 2013, 02:24, par Pontien
Mbega yahora he Rwasa? Nabanze abwire abarundi n’amakungu aho ahagaze kuvyerekeye imirwi irwana. Akihenda akagarukana ivyiyumviro vy’amacakubiri ntituzomwihanganira. Abarundi twarushe, akabona politique yamunaniye ntateshe umwanya abamuyoboka. Napfume aja mu bundi buzi nk’urudandazwa par exemple. Erega politique si bose batishobora. Bisaba umutwe. CNDD FDD Ramba
10 Rusama 2013, 04:39, par umunyagihugu
Pontien harya we uri mubiki uri murudandazwa??ewe Mana ikimbabaza c,abarundi nuko nabagiye kubutegetsi boose baza bashaka inda, zabo nababo umugabwo, intara zabo NUBWOKO bwabo ntagukunda igihugu mufise abarundi je narihweje nsanga nubujuju bwuzuye mubarundi gusa ntakindi!!harya ntanisoni mugira muzokwama mukajagari gushika ryari aho mwoteje imbere igihugu??wewe Patrick amahoro ngira ariwawe kuri umu DD wirirwa wica ukingiwe nubutegetsi!!amahoro arih?ayo majambo yubupfapfa uvuga yo arantangaj nciye mbona categorie urimwo na niveau yubwenge bwawe!!harageze ko muhindura ingendo mukagira nisoni mukagira numutima wogukunda igihugu comme ca muzotwara mushaka inyungu zabarundi boose atamacakubiri kukintu nakimwe!!ikibabaje sivuba kuko mufise imitima mibi nubwenge buke bwokubona muri kazoza!!muriko mutwarira nabi aban muriko muravyara nivyyo mutazi!!nimusabe Imana bivuye kumutima pana bimwe mwama mubesha amakungu ngo murasenga naho kwica muri abambere kwiba murusha muri abambere muyisabee ibahe uubwenge nubumuntu muri mwebwe.
10 Rusama 2013, 05:57, par Hughes
Rwasa nareke kwitwaza ngo yarahunze. Ko atahunganye abarundi isinzi bishwe bazira ivyiyumviro vy’amacakubiri yari afise? Murazi abantu bagandaguwe bamuzira? Nareke politike ikine abayizi, ikarata yaramusize
10 Rusama 2013, 10:45, par leonce
Ngaho jewe ndabona umenga Rwasa ntakomeye! wewe urivanye mu matora ugaca utangura kunyegeza ahantu wahungiye waheza ngo uratashe gutegura ayandi matora? none aya mbere yayaviramwo iki?, wewe za uzanye ivyiyumviro birashe amacakubiri kuruhande, inda nini kuruhande ,abarundi bazoheza bagushigikire.
10 Rusama 2013, 10:45, par leonce
Ngaho jewe ndabona umenga Rwasa ntakomeye! wewe urivanye mu matora ugaca utangura kunyegeza ahantu wahungiye waheza ngo uratashe gutegura ayandi matora? none aya mbere yayaviramwo iki?, wewe za uzanye ivyiyumviro birashe amacakubiri kuruhande, inda nini kuruhande ,abarundi bazoheza bagushigikire.
16 Rusama 2013, 04:50, par ALEXIS
Iyizire mutama nyenicubahiro RWASA urintwari tukurindiranye igishika cishi abakwanka bakwandureko bumvise ugombuze batanguye kuvuga ayamuhe bazicobakoze ariko nahobatwishe ntibatumaze,kandi turitez guhangana nabo muri politique atabwoba nabatwishe turabaz ubutungane buzoteba bukore bwigenga
14 Ruheshi 2013, 14:12, par Samuel
AAH!Bati :"amaherezo y’inzira ni munzu."Aho nyene urumva wogaruka?Tekereza sha,ahubwo,rab’ikindi wokora atari "politike"bury’uravy’ivyo wadukoreye ngo tukur’inyuma,wibaziki?ntibatumaze ingo turab’amanyanga yawe.WORYA NK4ABANDI.
20 Ruheshi 2013, 08:29, par UMURUNDI AKUNDA IGIHUGU
IT IS TIME BURUNDIANS CHANGE THEIR MIND OF THINKING SO THAT WE CAN BUILD OUR COUNTRY.SI VOUS NE VOULEZ PAS VIVRE COMME DES FRERES VOUS MOUREZ COMME DES MOUCHES! THE PLAN OF GOD UPON HIS PEOPLE IS TO LIVE TOGETHER AS BROTHERS NOT AS ANIMALS.JESUS SAVED EVERYBODY SO WE HAVE TO IMITATE OUR LORD IN ORDER TO WIN AS HE WON.HIS COMMENDMENT IS SUMMERED INTO THE LOVE OF GOD AND PEOPLE OF GOD IF YOU ARE HATING YOUR NEIGHBOUR INSTEAD OF FORGIVING MAKE SURE THAT YOU BELONG TO SATAN AND YOU DO NOT HAVE ETERNAL LIFE. I WISH YOU TO BE BELONGED TO JESUS BECAUSE HE DOESN.T HATE ANYBODY EVEN POLITICIANS THAT YOU ARE ALWAYS JUDGING. THANK YOU FOR BEING INTERSED BY MY POOR IDEA!
20 Ruheshi 2013, 08:29, par UMURUNDI AKUNDA IGIHUGU
IT IS TIME BURUNDIANS CHANGE THEIR MIND OF THINKING SO THAT WE CAN BUILD OUR COUNTRY.SI VOUS NE VOULEZ PAS VIVRE COMME DES FRERES VOUS MOUREZ COMME DES MOUCHES! THE PLAN OF GOD UPON HIS PEOPLE IS TO LIVE TOGETHER AS BROTHERS NOT AS ANIMALS.JESUS SAVED EVERYBODY SO WE HAVE TO IMITATE OUR LORD IN ORDER TO WIN AS HE WON.HIS COMMENDMENT IS SUMMERED INTO THE LOVE OF GOD AND PEOPLE OF GOD IF YOU ARE HATING YOUR NEIGHBOUR INSTEAD OF FORGIVING MAKE SURE THAT YOU BELONG TO SATAN AND YOU DO NOT HAVE ETERNAL LIFE. I WISH YOU TO BE BELONGED TO JESUS BECAUSE HE DOESN.T HATE ANYBODY EVEN POLITICIANS THAT YOU ARE ALWAYS JUDGING. THANK YOU FOR BEING INTERSED BY MY POOR IDEA!
5 Mukakaro 2013, 12:37, par Aniseth Bakunda
Why Conflict in the smallest Country like Burundi?????Could anybody tell me the truth ??? I’m still wondering without response!!!
 If my people bow down and worship me,seeking my holy eyes,
 If my people bow down and worship me,seeking my holy eyes,
 I will be with them,forgive their sins,and protect their country.
 I will be with them,forgive their sins,and protect their country.
As anybody knows,a good Leader ,who ,truly worship Almighty in spirit,will lead in a manner which please our heavenly father.
OUR HEAVENLY FATHER SAYS:
If they believe me,i will calm down their lugages,and protect them against all adversities.
So ,even that we are seeming working like good worshipers,are we truly acting as recommended by our Saviour Jesus??
10 Mukakaro 2013, 16:13, par cede
vous etes les bienvenus mais attention avec les mbonerakure!!!soyez prudent." Imana isumba ingabo"
10 Mukakaro 2013, 16:39, par Cyprien
Ikibabaje ni kimwe,iy’utamenye iy’uva n’iyuja kiba ikibazo gushika!!! Uwirengangiza ivyabaye nibiba muburundi,nabucumbire mukwaha.iconzi ic’IMANA yavuze ntikizohinduka.twibuke benshi bishwe,n’imvo zabitumye ntitwirengangize kiyikubise mukeba utayirengeje urugo buca nawe ikagukorako! Sivyiza gucokorana nokuvuga aya muhe,iciza umuntu adye utwiwe yitekerereje kuko buraca bugacana ayandi!!!
6 Myandagaro 2013, 05:23, par Erast ninyibuka
Ntawubura icatinya.ndabonye,aba DD muratinyaRWASA.mutama rwasa icongusavy uzoguman URUFASON ntuzokwambare IKABUTURA.NKABABANDI.