IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Berahino ariko akurikiranwa n’ubutungane bwo mu Bwongereza

Saido Berahino ariko akurikiranwa n’ubutungane bwo mu Bwongereza

mardi 25 Munyonyo 2014

Umukinyi mpuzamakungu w’umupira w’amaguru Saido Berahino ari ko akurikiranwa n’ubucamanza bw’igihugu c’Ubwongereza ku caha co kunyonga imodoka mu muvuduko munini kandi yaborewe.

Kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo isaha icenda n’inusu z’ijoro (3h30), igiporisi co mu Bwongereza cahagaritse Saido Berahino mw’ibarabarabara bita M6. Yahagaritswe kubera yariko agenda mu muvuduko munini. Si ico gusa, Saido Berahino yagirizwa ko yari aborewe. Azorenguka mbere y’ubutungane mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama 2014, ico gihe hazofatwa ingingo yo kumurekura canke akubitwe inkoni mu gahanga.

Mbega arushijwe bizoca bigenda gute?

Saido Berahino akina mu murwi wa West Bromwich Albion arushijwe azoca apfungwa amezi atandatu (6mois) nk’uko amategeko y’ibarabara yo muri ico gihugu abivuga. Amakuru duhabwa na Désiré Nimubona wo kw’Isanganiro avuga ko abakunzi biwe bakiriye nabi iyo nkuru mbi. Bamwe bati : "Saido w’imyaka 21 yiyumviriye nk’umwana kuko ntiyari kurara aragenda ijoro kandi azi ko ashobora guhura n’abaporisi, kandi yari ashoboye kuriha ihoteri kuko nta mahera yo kuriha yari abuze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.