IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare yerekanye aho ihagaze ku tegeko rigenga abamenyeshamakuru

Sentare yerekanye aho ihagaze ku tegeko rigenga abamenyeshamakuru

mercredi 8 Nzero 2014

Sentare yo mu Burundi ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yamenyesheje ko zimwe mu ngingo zigize itegeko rigenga abamenyeshamakuru mu Burundi zitisunze ibwirizwa shingiro.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru, UBJ (Union Burundaise des Journalistes) ryari ryarashikirje zimwe muri izo ngingo kugira iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro igire ico izivugako.
Izo ngingo zashikirijwe ni nk’ingingo za 61, 62, 67 na 69) zivuga ihadabu ry’umurengera hamwe n’ingwati mu gihe abamenyeshamakuru bagiriwe n’ikosa mu mwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ (Union Burundaise des Journalistes), amenyesha ko ashima kubona sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko hariho ingingo mw’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru zidakurikije amategeko.

JPEG - 84 ko
Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ

Tubamenyeshe ko ingingo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje ko zubahiriza ibwirizwa shingiro ari ingingo zihana umumenyeshamakuru atanga amakuru atanga ubukomezi ku mwansi, amakuru atosekaza izina ry’igihugu, hamwe n’amakuru yotuma ubutunzi bw’igihugu buhungabana.

Mwokwibuka ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryateye impari nyinshi hagati y’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho ryariko ririgwa, imbere y’uko ryemezwa.
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abatagira aho begamiye muvya poritike, yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, barasemereye basaba ko umukuru w’igihugu atoshira umukono kuri iryo tegeko, bavuga ko riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro, n’aho bitabujije ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atera umukono kuri iryo tegeko igenekerezo rya 4 Ruheshi umwaka twaraye turangije.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.