IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > inkuru > Umviriza indirimbo zateye Lolilo na Big Fizzo kutumvikana

Umviriza indirimbo zateye Lolilo na Big Fizzo kutumvikana

lundi 11 Ntwarante 2013

Haraheze iminsi Lolilo na Big Fizzo bongeye kutumvikana kubera indirimbo ya Lolilo yitwa “URUWAMBERE” isa cane n’iya Big Fizzo yitwa “NAKULOVE”.

Twari twavuzeko tugiye kurondera izo ndirimbo tukazizana namwe mukazumviriza hama ukuri kukaja ahagaragara kuko mbere Lolilo yari yavuzeko indirimbo yiwe yatanguye gukorwa mbere y’iya Big Fizzo ariko iyo ubajije abahinyanyuzi bakoze izi ndirimbo bavugako Nakulove ya Big Fizzo ariyo yatanguye kandi ko ari nayo yageze kubimenyeshamakuru ubwa mbere.

Fyonda ngaha wumvirize indirimbo Nakolove ya Big Fizzo

Fyonda ngaha wumviriza indirimbo Uruwambere ya Lolilo

Icagaragaye nk’ukuri nuko izo ndirimbo zose bazikora bagendeye kundirimbo ya P-square yitwa “Shop my money” gusa kuva Big Fizzo ariwe yayikoze ubwa mbere Lolilo ntiyagomba gukora iyo bisa kuko ntiwomenya ukuri kwiwe niba na we yaragendeye kuri “Shop my money” canke niba yariganye” Nakulove” ya Big Fizzo.

Gusa ababirabira kure babona ko Lolilo akunda gukora indirimbo afatiye cane kuzabandi kuko no mu minsi yahera yakoze iyindi ndirimbo yitwa ngo “Aka gafi” isa cane n’iyitwa “ Akabuto” ya “Kitoko Bibarwa” umuririmvyi mugenzi wiwe w’umunyarwanda.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.