IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > STEVCO imenyesha ko itazi abakenyezi badandaza amababi ya Stevia

STEVCO imenyesha ko itazi abakenyezi badandaza amababi ya Stevia

mardi 11 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ririma igiterwa ca Stevia STEVCO rimenyesha ko ritazi abakenyezi bavuga ko badandaza amababi y’ico giterwa hagati mu gisagara ca Bujumbura,hafi y’ahahoze isoko nkuru.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Daniel Kinigi,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe STEVCO,avuga ko atari bo batanga amababi yumye y’ico giterwa ngo adandazwe n’abo bakenyezi.

Daniel Kinigi avuga ko batogira ico babazwa mu gihe hogira uwo bigirira ingaruka mbi ku buzima,mu gihe yoba yafunguye aayo mababi y’igiterwa Stevia.

Mwomenya ko igiterwa ca Stevia cemerewe guterwa mu Burundi,inyuma y’igihe kitari gito cankiwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi,aho mu bice bimwe bimwe vy’igihugu ico giterwa caturiwe kiri mu matuta.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Leta Yategerezwa Kwemerera Icogiterwa Imbere Y,uko Abanyagihugu Bakirima Kuri Fraude. Ivyoshikira Abagifunguye, Vyose Vyobazwa Iyo Leta Nyene. Kuko Acnyagihugu Bamaze Kumenya Akamaro Kaco N’ Akarusho Muvyubutunzi Ntakundi Vyari Kugenda Atari Guca Bakirima Mukinyegero. Kuko Turetse Stevia N’ Urumogi Rurarimwa.

  • vyukuri abazanye ico giterwa baragize neza;nkuko muvyibonera uko abanyagihugu bacirukira bafatiye kukamaro kaco; ico twobasaba nuko bokwihuta kukirma nk’uko baribatanguye kugihimiriza mubanyagihugu;gurtyo kibone guhingurwa na caane cane hano mu Burundi .nayo izo ngaruka mwikanze sizo mwoshira imbere. tabara abarundi bave mu bukene kuko bageze aho umwansi ashaka mu bukene ko twatomboye kikemererwa kurimwa! duheze tucihereze kurya tunywa icayi gihinguwe!

  • Que le Tout Puissant accueil au milieu de Ses chérubins notre cher regretté Epitace Bayaganakandi pour son amour envers sa Patrie et son zèle àla recherche des projets qui peuvent changer le sort de ses compatriotes. Intore ntiramba ariko yarasize umugani ’(akarorero keza )abarundi basigaye borabirako. Tuvuge make dukore vyinshi!

  • noneko mpejejamashure wpakazi

  • mbe bafashe bohanwa gute ko biba stevia cane? ntaruhusha rwo kudandaza ruraboneka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.