Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Amerika ishobora gutera umwanya uwariwo wose
 Syria: Amerika ishobora gutera umwanya uwariwo wose
 Syria: Amerika ishobora gutera umwanya uwariwo wose
				
				mardi 27 Myandagaro 2013
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Leta zunzubumwe z’Amerika, Chuck Hagel, yaganiriye na BBC amenyesha ko igisirikare citeguriye gutera muri Siriya, Barack Obama aramutse atanze iryo tegeko.
Umushikiranganji Hagel yamenyesheje ko ibikoresho vy’igisirikare bimaze gutegurwa kugira bashire mu ngiro ingingo iyo ariyo yose umukuru w’igihugu yohitamwo.
Yamenyesheje ko kubwa Obama, bibandanije kwigaragaza ko Leta ya Syria ariyo yakoze igitero c’ibisasu vy’ubumara mu ndwi iheze, ariko Amerika izorindira irabe ico ibimenyetso vyerekana.
"Twiteguriye gutera umwanya uwo ariwo wose, Barack Obama atanze itegeko" : ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji Chuck Hagel.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yahamagaje inama nshingamateka kugira yige kucokorwa.
Umuvugizi wiwe avuga ko bariko barihweza gukoresha igisikare nk’inyishu ku vyabaye muri Syria.
Umuvugizi wa David Cameron yavuze kandi ko iyo inyishu izoba ingana n’uburemere bw’ivyabaye, yongerako y’uko bari mu biganiro vyo kwihweza ingene vyoja mu ngiro.
Uburusiya n’Ubushinwa baragabisha
Kare Uburusiya n’Ubushinwa vyasubiye kugabisha abashaka kwinjira mu ntambara ya Syria. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire yavuze ko ico cose coza gica inyuma y’icemezo c’inama ya ONU ijejwe umutekano, cogira inkurikizi mbi.
Ababishwa ni ibihugu vy’ibihangange vy’i Buraya biriko birafata ingingo gihuti huti, kandi abagenduzi ba ONU bataraheza amatohoza yabo.
IGIHE
