Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania : John Magufuli yapfungishije abayobozi bacerewe ku (...)
Tanzania : John Magufuli yapfungishije abayobozi bacerewe ku kazi
lundi 30 Munyonyo 2015, par
Mu gihe gito amaze ku butegetsi, umukuru w’igihugu wa Tanzaniya, John Magufuli abandanya kwerekana ko ashashaye impinduka, bikaboneka mbere ko bamwe mu bayobozi batanguye gushikirwa n’ingaruka z’ubuyobozi bushasha batari bamenyereye.
Mu ndwi iheze, abayobozi batandatu bakora mu biro vy’igisagara ca Dar es Salaam bamaze amasaha atandatu mu gasho, bazira gucererwa ku kazi, bakaba bacerewe kandi mu nama yari kubahuza n’umuyobozi wabo kuri uwo munsi nyene.
Umushikiranganji w’ubutegetsi bw’igihugu ca Tanzaniya yabwiye ikinyamakuru Uhuru ko abo bayobozi bapfunzwe inyuma yo gucererwa amasaha atatu yose mu nama n’umuyobozi wabo.
- John Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya
Mu gihe kidakwiye n’ukwezi kumwe amaze ku butegetsi, umukuru w’igihugu John Magufuli amaze guhindura ibintu bikomeye mu buyobozi butandukanye, akavuga ko hari n’ibindi vyinshi mu buyobozi bidafitiye akamaro abanyagihugu bitegerezwa guhinduka. John Magufuli avuga ko n’igiturire kimaze kuba cinshi mu gihugu agiye kugihagurukira.
Umukuru w’igihugu Magufuli aheruka gukuraho ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ukwikukira yamenyesheje ko utwara amafaranga menshi kandi abanyagihugu bariko bicwa na korera.
Mu gihe mu mpera z’indwi iheze hari hategekanijwe ibirori vy’ugutanguza icese ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Tanzaniya, amafaranga agera ku miriyoni 300 z’Amashilingi yari gukoreshwa yaragabanuwe ashikanwa ku miriyoni 25, asigaye John Magufuli ayarungikira ibitaro vya Muhimbili agurwamwo ibitanda 300 hamwe na matera 600 z’abarwayi. Ivyo akaba yabikoze kuva aho agendeye kuri ivyo bitaro asanga bamwe mu barwayi baryamye hasi kubera kubura ibitanda.
Umukuru w’igihugu Magufuli aheruka kandi kugabanya igitigiri c’abayobozi bategerezwa kuja mu rugendo mu bihugu vya Commonwealth. Ico gitigiri cakuwe ku bayobozi 50 gishirwa ku bayobozi bane gusa, Reta ya Tanzaniya ikaba yaciye yunguka amashilingi imiriyoni 600 zari gukoreshwa muri urwo rugendo.
Tubamenyeshe kandi ko abantu bose bamuhaye utuganuke inyuma yo gutsinda amatora yatubasubije, ndetse ategeka ko abashaka kumukeza bamurungikira ubutumwa bugufi kuri terefone ngendanwa, kandi ko ategeka ko ata wemerewe kuja kumuramutsa.
John Magufuli yaragabaije kandi igitigiri c’abacungera umutekano wiwe, agabanya n’igitigiri c’abantu baherekeza umukuru w’igihugu mu ngendo.
Mu zindi mpinduka John Magufuli yakoze, twobabwira ko kuva ashitse ku butegetsi, yategetse ko ata nama za Reta zizosubira kubera muma hoteri akomeye, ahubwo zikaba zizoza zirabera mu mazu y’inama z’ubushikiranganji butandukanye, hamwe n’ibigo vya Reta.
Nta mafaranga azosubira guhabwa abakozi ba Reta kuko bitabiriye inama, mu gihe basanzwe bafise imishahara yo ku kwezi, aho mukamenya ko iyo ngingo iraba n’abashingamateka.
Jphn Magufuli yategetse kandi ko uretse umukuru w’igihugu, icegera ciwe hamwe n’umushikiranganji wa mbere, abandi bategetsi bose bazohora bagendera mu bibanza bisanzwe mu ndege, ivyo akaba ari mu gihe bahora bagendera mu bibanza vy’ivyubahiro (VIP).
IGIHE
Messages
30 Munyonyo 2015, 23:25, par domitien
ongela sana rais wetu
1er Kigarama 2015, 03:47, par MAYENGO
NATAHINDURA NINTWARI
1er Kigarama 2015, 05:05, par Worlde
Nibamuhe umwanya harigihe yoba aje kubera akarorero Afrika nzima. Ko anezereje cane?
1er Kigarama 2015, 07:48, par Salomon
Shukrani Bwana Rahisi endelea kupiganisha rushwa . hata Congo nayo itapona. Nakupa heshima zangu kwa haya umeanza kufanya...
1er Kigarama 2015, 09:30, par bachelier
mugih atohindura munyuma imigambi yiw ira rash naho mur africa intwari zitaramba.
1er Kigarama 2015, 14:18, par Konyagi
Ayo namava muhira!azohava asanga yiyatse uburenganzira atitonze!ariko niyaba akeney gutezimbere abanyagihugu nisawa!
1er Kigarama 2015, 14:39, par mariya
ewe mukama abandi baratombora ni bamuturungikire mu Burundi, eka ni Magufuri nyene. Ariko rero arabe neza kwaje agwanya ibiturire aba nyafirika na bagesera bazomugira nka sankara mukama. Niyirambire nki sima.
1er Kigarama 2015, 15:26, par RWASA GASPARD
AHAAA!NGUWO UMUKOZI WABANYAGIHUGU LERO S.E MAGHUFULI SONGA MBELE
1er Kigarama 2015, 17:26, par Jeremie
Abakuru b ibihugu canke b ama leta nkamwe nibo Africa ikeneye.Ishaka
ryo guteza imbere igihugu cawe kunywanisha abatanzaniya, gushira kumurongo igihugu udakandamije abantu, wishimikije Ukuri n’Urukundo ufitiye igihugu nabanyagihugu bawe biragaragara ko arivyo bikuranga. Komera muriyo nzira Nyenicubahiro; Imana ikuje imbere muruyo mugambi mwiza wo guhagurutsa igihugu c’Abatanzaniya. Ubere akarorero keza abany’Afrika twese.
2 Kigarama 2015, 09:35, par AFRIKA
kilicho namwanzo kinamwisho, mateso juu ya watoto wa Afrika yamekuwa mengi katika karine nyingi zilizopita , wakati umufika Afrika haina budi kusimama na kusimamia masirahi yake na katika zoezi hilo hatua ya kwanza nikujinyima nakukubali kuridhika na kidogo tulicho nacho tukifanya kazi kwa bidi .Mheshimiwa MAGUFULI njia ulioichaguwa ndiotulikuwa tunaitegemea kuwa mkombozi wetu ingwa hiyo njia inawaasi wengi kati yetu wa AFRIKA HUSUSANI wale waliozoea kuwa vibaraka vya COLONI , wanao taka kuishi wakiwakandamiza wa Afrika wenzao, najua sasa hivi umeibuka na nia wakuwakwamuwa wa Afrika mikakati ya kukukatiza kauri itaundwa kama walivyo fanyia Ndugu yetu Thomas NSANKARA wa Burkina faso lakini jikaze kiume wAFRIKA kamiri tuko nyuma yako , towa mfano kwa viongozi wenzako wAFRIKA tupumue.
2 Kigarama 2015, 10:03, par bacumi
kwakweli Afrika tungepata maraisi kama mheshimiwa raisi mpya wa Tanzania J.P MAGUFULI kwa hatua unayo chukua Afrika ingeendelea ila nakuomba uwe mufano kwa marais wenziyo ili nao wabadilike hongera sana kwa kujali raia mungu akulinde na akupe hekima.
4 Kigarama 2015, 11:43, par bapa
hongera mzee kila lakheri
5 Kigarama 2015, 15:10, par FIDELE
HONGELAAA UMEKUBALIKA DUNIA NZIMA
5 Kigarama 2015, 15:17, par FIDELE
HONGELAAA UMEKUBALIKA DUNIA NZIMA
5 Kigarama 2015, 20:57, par FIKILIA BUSIGO NTOBUTO
MAGUFULI ENDELEA KULETAMABADILIKO LAIA WAHALIYACHINI TUPATEUNAFUU HASAWAHUKUMIPAKANI KIGOMA MAWASILIANO MIUNDOMBINU DUNI.KAZI TU.
6 Kigarama 2015, 00:05, par roben
uyu mutama Imana nimwongere imisi maze azobe umwigisha wabandi bazokwifuza gutwara kk arakunda igihugu ntagusesagura ashira imbere.