IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania : John Magufuli yapfungishije abayobozi bacerewe ku (...)

Tanzania : John Magufuli yapfungishije abayobozi bacerewe ku kazi

lundi 30 Munyonyo 2015, par egide

Mu gihe gito amaze ku butegetsi, umukuru w’igihugu wa Tanzaniya, John Magufuli abandanya kwerekana ko ashashaye impinduka, bikaboneka mbere ko bamwe mu bayobozi batanguye gushikirwa n’ingaruka z’ubuyobozi bushasha batari bamenyereye.

Mu ndwi iheze, abayobozi batandatu bakora mu biro vy’igisagara ca Dar es Salaam bamaze amasaha atandatu mu gasho, bazira gucererwa ku kazi, bakaba bacerewe kandi mu nama yari kubahuza n’umuyobozi wabo kuri uwo munsi nyene.

Umushikiranganji w’ubutegetsi bw’igihugu ca Tanzaniya yabwiye ikinyamakuru Uhuru ko abo bayobozi bapfunzwe inyuma yo gucererwa amasaha atatu yose mu nama n’umuyobozi wabo.

JPEG - 47.6 ko
John Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya

Mu gihe kidakwiye n’ukwezi kumwe amaze ku butegetsi, umukuru w’igihugu John Magufuli amaze guhindura ibintu bikomeye mu buyobozi butandukanye, akavuga ko hari n’ibindi vyinshi mu buyobozi bidafitiye akamaro abanyagihugu bitegerezwa guhinduka. John Magufuli avuga ko n’igiturire kimaze kuba cinshi mu gihugu agiye kugihagurukira.

Umukuru w’igihugu Magufuli aheruka gukuraho ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ukwikukira yamenyesheje ko utwara amafaranga menshi kandi abanyagihugu bariko bicwa na korera.

Mu gihe mu mpera z’indwi iheze hari hategekanijwe ibirori vy’ugutanguza icese ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Tanzaniya, amafaranga agera ku miriyoni 300 z’Amashilingi yari gukoreshwa yaragabanuwe ashikanwa ku miriyoni 25, asigaye John Magufuli ayarungikira ibitaro vya Muhimbili agurwamwo ibitanda 300 hamwe na matera 600 z’abarwayi. Ivyo akaba yabikoze kuva aho agendeye kuri ivyo bitaro asanga bamwe mu barwayi baryamye hasi kubera kubura ibitanda.

Umukuru w’igihugu Magufuli aheruka kandi kugabanya igitigiri c’abayobozi bategerezwa kuja mu rugendo mu bihugu vya Commonwealth. Ico gitigiri cakuwe ku bayobozi 50 gishirwa ku bayobozi bane gusa, Reta ya Tanzaniya ikaba yaciye yunguka amashilingi imiriyoni 600 zari gukoreshwa muri urwo rugendo.

Tubamenyeshe kandi ko abantu bose bamuhaye utuganuke inyuma yo gutsinda amatora yatubasubije, ndetse ategeka ko abashaka kumukeza bamurungikira ubutumwa bugufi kuri terefone ngendanwa, kandi ko ategeka ko ata wemerewe kuja kumuramutsa.

John Magufuli yaragabaije kandi igitigiri c’abacungera umutekano wiwe, agabanya n’igitigiri c’abantu baherekeza umukuru w’igihugu mu ngendo.

Mu zindi mpinduka John Magufuli yakoze, twobabwira ko kuva ashitse ku butegetsi, yategetse ko ata nama za Reta zizosubira kubera muma hoteri akomeye, ahubwo zikaba zizoza zirabera mu mazu y’inama z’ubushikiranganji butandukanye, hamwe n’ibigo vya Reta.

Nta mafaranga azosubira guhabwa abakozi ba Reta kuko bitabiriye inama, mu gihe basanzwe bafise imishahara yo ku kwezi, aho mukamenya ko iyo ngingo iraba n’abashingamateka.

Jphn Magufuli yategetse kandi ko uretse umukuru w’igihugu, icegera ciwe hamwe n’umushikiranganji wa mbere, abandi bategetsi bose bazohora bagendera mu bibanza bisanzwe mu ndege, ivyo akaba ari mu gihe bahora bagendera mu bibanza vy’ivyubahiro (VIP).


IGIHE

Messages

  • Nibamuhe umwanya harigihe yoba aje kubera akarorero Afrika nzima. Ko anezereje cane?

  • Shukrani Bwana Rahisi endelea kupiganisha rushwa . hata Congo nayo itapona. Nakupa heshima zangu kwa haya umeanza kufanya...

  • mugih atohindura munyuma imigambi yiw ira rash naho mur africa intwari zitaramba.

  • Ayo namava muhira!azohava asanga yiyatse uburenganzira atitonze!ariko niyaba akeney gutezimbere abanyagihugu nisawa!

  • ewe mukama abandi baratombora ni bamuturungikire mu Burundi, eka ni Magufuri nyene. Ariko rero arabe neza kwaje agwanya ibiturire aba nyafirika na bagesera bazomugira nka sankara mukama. Niyirambire nki sima.

  • AHAAA!NGUWO UMUKOZI WABANYAGIHUGU LERO S.E MAGHUFULI SONGA MBELE

  • Abakuru b ibihugu canke b ama leta nkamwe nibo Africa ikeneye.Ishaka
    ryo guteza imbere igihugu cawe kunywanisha abatanzaniya, gushira kumurongo igihugu udakandamije abantu, wishimikije Ukuri n’Urukundo ufitiye igihugu nabanyagihugu bawe biragaragara ko arivyo bikuranga. Komera muriyo nzira Nyenicubahiro; Imana ikuje imbere muruyo mugambi mwiza wo guhagurutsa igihugu c’Abatanzaniya. Ubere akarorero keza abany’Afrika twese.

  • kilicho namwanzo kinamwisho, mateso juu ya watoto wa Afrika yamekuwa mengi katika karine nyingi zilizopita , wakati umufika Afrika haina budi kusimama na kusimamia masirahi yake na katika zoezi hilo hatua ya kwanza nikujinyima nakukubali kuridhika na kidogo tulicho nacho tukifanya kazi kwa bidi .Mheshimiwa MAGUFULI njia ulioichaguwa ndiotulikuwa tunaitegemea kuwa mkombozi wetu ingwa hiyo njia inawaasi wengi kati yetu wa AFRIKA HUSUSANI wale waliozoea kuwa vibaraka vya COLONI , wanao taka kuishi wakiwakandamiza wa Afrika wenzao, najua sasa hivi umeibuka na nia wakuwakwamuwa wa Afrika mikakati ya kukukatiza kauri itaundwa kama walivyo fanyia Ndugu yetu Thomas NSANKARA wa Burkina faso lakini jikaze kiume wAFRIKA kamiri tuko nyuma yako , towa mfano kwa viongozi wenzako wAFRIKA tupumue.

  • kwakweli Afrika tungepata maraisi kama mheshimiwa raisi mpya wa Tanzania J.P MAGUFULI kwa hatua unayo chukua Afrika ingeendelea ila nakuomba uwe mufano kwa marais wenziyo ili nao wabadilike hongera sana kwa kujali raia mungu akulinde na akupe hekima.

  • hongera mzee kila lakheri

  • HONGELAAA UMEKUBALIKA DUNIA NZIMA

  • HONGELAAA UMEKUBALIKA DUNIA NZIMA

  • MAGUFULI ENDELEA KULETAMABADILIKO LAIA WAHALIYACHINI TUPATEUNAFUU HASAWAHUKUMIPAKANI KIGOMA MAWASILIANO MIUNDOMBINU DUNI.KAZI TU.

  • uyu mutama Imana nimwongere imisi maze azobe umwigisha wabandi bazokwifuza gutwara kk arakunda igihugu ntagusesagura ashira imbere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.