Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tatouage ibangamira amagara y’abantu
 Tatouage ibangamira amagara y’abantu
 Tatouage ibangamira amagara y’abantu
				
				dimanche 20 Nzero 2013
Bafatiye ku bikoresho bikoreshwa mu gukora irangi bakoresha mu kugita tatouage,urunani abaganga bize ibijanye n’indwara zo k’urukoba baratanze impanuro ku bantu bagira tatouage "kwandika ku umubiri".
Mu bintu bihingurwamwo irangi bakoresha mu kugira tatouage harimwo Aluminium,Barium,Cadmium,Cobalt,Chrome,Cuivre,Fer,Mercure,Manganese,Nickel,Antimoine,Strontium,Vanadium n’ibindi.
Bafatiye kuri ivyo,sendika abaganga bize ibijanye n’indwara zo k’urukoba baragabisha abantu ko hari ingaruka mbi nyinshi ziterwa na Tatouage.
Nkuko babandanya babimenyesha,irangi rifise ibara ryirabura bakoresha iyo bariko barandika k’umubiri ririmwo ibindi bintu biva mu gitoro vyitwa Benzopyrenes na Benzoanthrascene,vyinshi muri ivyo bikaba bitera indwara ya cancer. Mu gihe rero aho wanditse k’umubiri hagiye ahari umuco uva ku zuba bishobora gutuma haca haduka indwara zifatiye k’urukoba.
Hariho rero ibintu vyerekana ko umuntu aba agiye gufatwa n’izo ndwara zo k’urukoba :
1.kuribwa
2.kubabara
3. kuvyimba aho umuntu yagize tatouage hari igihe bishika ukumva ko umuntu yokurako iyo tatouage.
Hari izindi ngaruka umuntu atokwirengagiza zishobora gushika k’urukoba nk’indwara z’akaranda nka psoriasis,lichen plan,sarcoïde canke vitiligo.
Ku bantu rero bafise izo ndwara,abaganga bize ivyo indwara zo k’urukoba ko batogira tatouage.
Impanuro rero ni uko umuntu agomvye kugira tatouage yobanza kwegera abaganga bize ibijanye n’indwara zo k’urukoba bakamuha impanuro.
Sylvere Bamvumiragiye


Messages
22 Nzero 2013, 04:28, par kanny
ni ukwitonda kuko kurwara indwara ya cancer kubera umurimbo wa tatouage ni ubuswa, basore, bakobwa , bagabo ndetse n’abagore ni ukubireka