Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bimwe mu bihugu vy’Afrika vyatumiwe muri Reta zunzubumwe z’Amerika
 Bimwe mu bihugu vy’Afrika vyatumiwe muri Reta zunzubumwe z’Amerika
 Bimwe mu bihugu vy’Afrika vyatumiwe muri Reta zunzubumwe z’Amerika
				
				mercredi 22 Nzero 2014
Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika bihejeje gushira ahabona ubutumire bw’ibihugu 47 vy’Afrika mu nama izobera i Washington irongowe na Barack Obama umukuru w’ico gihugu.
Ku va ku wa 5 na 6 Myandagaro uyu mwaka, ivyo bihugu 47 havuyemwo ibihugu vya Sudani y’Epfo, Centrafrique, Madagascar, Guinée-Bissau, Egypte, Erythrée na Zimbabwe co kimwe n’ibindi bihugu bifitaniye umubano mubi n’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika canke ivyakuwe mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ntabutumire vyaronse. Iyo nama kandi ikaba yaratumiwemwo n’uwurongoye ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika umupfasoni Dlamini Zuma.
Iyo nama izohuza Afrika na Reta zunzubumwe z’Amerika ikaba izisunga cane ibisata vy’Ubutunzi. Tukaba twobamenyesha ko iyo nama ije mu gihe Reta zunzubumwe z’Amerika zihamagarira ibihugu vy’Afrika kwubahiriza agateka ka zina muntu, intwaro ibereye no kurwanya ibiturire vyimonogoje mu bihugu bitandukanye vy’Afrika.
Aristide Nizigire

Messages
22 Nzero 2014, 17:40, par karikurubu alias musongati
aha ntaco mvuga, ndinumira
23 Nzero 2014, 08:23, par bwitonzi
Iryo rizovurwayo