IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > UA iriteguye guhana abahungabanya utwigoro two gutorera umuti ikibazo (...)

UA iriteguye guhana abahungabanya utwigoro two gutorera umuti ikibazo c’Uburundi

mercredi 8 Mukakaro 2015

Inama y’amahoro n’umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika imenyesha ko yiteguye gufata ingingo zose zikenewe,mugufatira ibihano abanyapolitike b’abarundi bahungabanya utwigoro two gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Mw’itangazo ryo kuwa 6 Mukakaro ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,iryo shirahamwe rimenyesha ko ryiteguye gufatira ibihano umunyapolitike wese akora ibikorwa bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Inama y’amahoro n’umutekano imenyesha ko irajwe ikurikiranira hafi uko ibintu vyifashe m Burundi,na cane cane ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo gutunganya amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’akarere k ‘Ubuseruko bari bayisavye kuyigiza inyuma.

Iyo nama imenyesha ko ifise impungenge ku bijanye n’uko bantu babayeho muri kino gihe,bivuye ku ndyane za politike ziri mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Iman Ibafash Ko Mutaduheba Nakar Twashaka Ko Amator Yosubirwamwo Nkuko Vyasabwe Maz Akitabwa Na Bos Atar Dd Gus .

  • Aho ni sawa. Ariko muravuga ntimuja mugira uwo muhana muvugira muntamatama gusa. Hana abo bicanyi turuhuke

  • Haaaaaaaaaa! Mwari mwatevye nakare iyo RETA yarabasuzuguye irarenza urugero yashatse kubereka ko ntajambo mugira rero munyarutse mumunyare namba yibaza ngo nabenegihugu irirwa araniga hama amatora atunganywe bundi bushasha tuyitabe twese nabahunze twese tuyitabe.

  • NON KO MUCA IRUHANDE?
    DOMAKO HANYUMA BABE
    BARIMENYA HAKIRI KARE.
    JE NUMVA UMENGO NTI
    NKA BIMWE GACIYUBWENGE
    YAVUGA?

  • Mbe ba dd ntaco murabona canke ngo mwunve?rindira après une saimene izindi ngingo ruhasha, muriyahura.

  • Mbe ba dd ntaco murabona canke ngo mwunve?rindira après une saimene izindi ngingo ruhasha, muriyahura.

  • Mwaba dd mwiyunva gut?rindira akarinyuma karahinda.muriyahura cank musare,hinge mutangure mucanemwo mubuze ayo muhemba abo bicanyi banyu.

  • Mwaba dd mwiyunva gut?rindira akarinyuma karahinda.muriyahura cank musare,hinge mutangure mucanemwo mubuze ayo muhemba abo bicanyi banyu.

  • mucunge ntasubire kurengimbibe peter mpema yuzuye 10years asha ikiki imbwa zizomurya amaraso yababikira nayabarundi binzira karengane biramusha

  • kuba ufise amatwi ntiwumve ukagira amaso ntubone birababaje.bitebe bitebuke umuco uzatsinda umwiza

  • none muzitegura gufata ingingo gushika ryari?aho mwahereye muvuga,muja muma nama adahera.canke muba mwigiriye muma hotel?twe turarushe,namwe tuzohava tubakurako icizere.

  • vyoba vyiza muzifash kare kuko abana buburundi baheze bapfa abandi bahunga.raba mugwiz ibikorwa hama mugabanye amajambo kuk ntanama igikenewe bavyans nakare.komera

  • UNION AFRICAINE NIFATE IZO NGINGO VYIHUTA,BIVE MUMAJAMBO BIJE MUNGIRO.

  • Nanon mwarimwaratevy?tangurubunyen mugabomubikorenez mukurikijinging.

  • Mbega ndababaze hagire ico munyishura.Uburundi si igihugu nkibindi?
    Iyo colonisation shansha tuze tuyite ngwiki?Ibihano bazotanga bizobabaza abo nyene babisabira uburundi bwabibarutse.Abarundi ni abarimyi.nawe nu ntituzobura ama mesa umunyu imboga amavoka inyama ibiharage etc...
    Nta miti tuzobura kubera iyo ni cas humanitaire.ntamahera tubika i bulayi, ntidukeneye gufata indege.ibimoga barajana hirya..champagne barajana hirya mbega hoho barazi ko dufise tanganyika congo dusimbirayo tanzaniya uko nyene
    kigali uko nyene
    nta sanctions mukama yoza itubabaza gusumba agasuzuguro
    ngo UA africaine igiye gufatira ibihano Uburundi..Baco nimba batazi ko twasisiye barikinisha...
    Ntagasuzuguro dushaka ...le burundai est souverain.
    bene gukora constitution barihenze birabaraba.il fallait ko baba clairs et concis.peter a ete convaicu par le peuple ngo asubire kuri mandat suivant
    namwe nu umugabo aguma ari umugabo iwe.Ivyo bivugisha nibatangure bamesure boze neza ibihugu vyabo imbere yuko biha uburundi Imana itabahaye.Erega bariko bakora akajagari.Nzobashima bafatiye ibihano America nkunda ou u Rwanda nasariye igihe hoba akahaze...Mwabantu ba UA reke kurota.Uburundi si rwanyu
    uburundi si umubiri wanyu.Nanzi hari uwo mwumvise babwira ngo hindura umubiri wawe mwene wo adashaka.....Kweri tuveko ntidushaka muraturusha

  • IGIHUGU CARIKUKIYE.EAC MWITONDERE IVYAMATEGEKO NUBURENGANZIRA BWIGIHU CIKUKIYE,GIFISE NINZEGO.NTIMUTEZE INGORANE IGIHUGU

  • Mbega uburundi bwoba butarikukira? Mbega twebwe ntabwenge dufise?ubwo bukoroni bashaka kutuzanako nubwiki?sha jewe icombona aribihano barabifashe turemera,amatora ntitwayakoze none kandi bafashe ibihano ntamugabo ategeka murugo rwuwundi mugabo nibagume hamwe nyamba arubufaranga bahaye abo bamanifesta barabihombeyemwo ntakundi canke nibabohe pacifique,mbonimpa,vital,........ 2015 ni ya PETER NKURUNZIZA.

  • Mugihe Cose Uburundi Buzoba Bufise Abavugizi N,abahanuzi Nkaba Wily Nyamitwe,NZOBONARIBA,NDABIRABE GERASE Nabandi Nkabo Uburundi Ntamahoro Buzigera Buronka.Twizere Ko Ivyo Bihano Atahandi Vyotangurira.

  • Nanon mwarimwaratevy!arik muzemukoreshe ingo kandimurab akarenganyntikazkinjire muricogikorw arikomugab.bye bye

  • uwo muntu yiyise Marcel nomusabira ngw Imana imutahuz icarico igihugu ncuti yanj uburundi si umubiri wumuntu umw novuga nti numubiri wabarundi twese nitongo lmana yaduhay kandi urunganw kurunganw turabisanya rero nkuko arumurima wisangi tubuirizwa kumnya kuwusangira mubugwaneza! Hama ntagihugu kitagira amategeko mm na America ntabwo yorenga amatgeko rero tahura Hama ushir imber inyungu za Bose k Dieu te benissr

  • uwo muntu yiyise Marcel nomusabira ngw Imana imutahuz icarico igihugu ncuti yanj uburundi si umubiri wumuntu umw novuga nti numubiri wabarundi twese nitongo lmana yaduhay kandi urunganw kurunganw turabisanya rero nkuko arumurima wisangi tubuirizwa kumnya kuwusangira mubugwaneza! Hama ntagihugu kitagira amategeko mm na America ntabwo yorenga amatgeko rero tahura Hama ushir imber inyungu za Bose k Dieu te benissr

  • iyo nama nkuru yumutekano mur africa aho ntirabona bikenew ko uburund bubogoka?canke iyo nama nkuru iragenzura igisoda cuburundi hamwe nigipolice?ivy ndabivuzeko kubera inzi abant batatu bavuka muntara ya cibitok commune rugombo bijijwe mugisikare ub ar aba oficie kand bari barademobirijwe

  • iryoshirahamwerero nibarifise uburenganzira nirgir icorivuze kuko muburundi,sukubahonabigusa nogupfahamazegupfabenshibaziraporitik kandiataniyobarimwo.

  • Mwese aho mwavugiiiye ntimuruha?nasomye ivyo mwanditse vyose nabumvirije atari Marcel wenyene atararuha n’iseseka ry’amaraso mu Burundi,abandi bose barushe.barundi barundikazi ncuti z’uburundi ubu aho ikibazo canke ibibazo vy’uburundi bigeze,isi canke se amakungu vyarananiwe amanama araba ariko ntaco bashikako kimwe gusa nimureke kumara ama unite yanyu mwandika.ibibazo vy’uburundi bizohezwa n’Imana ugutabarwa kw’abarundi kuzova ku Mana Yehova.ivyavuzwe bigiye gushika ku gihugu c’uburundi.nimwicecekere Imana igira ikore nayo ayo manama canke ivyo biganiro ntaco bizovamwo kuko nta nyishu bizotora. Be quiet and see what God is going to do !

  • Que les USA, UE, bayeurs principaux de notre pays, interviennent le plus tot possible pou sauver la situation ! Chez vous , quant il y a seulement UN mort, des enquetes sont vites menées et aboutissent àl’identification et la traque de l’auteur ! Et par la, vous assurez la securité àvos peuples ! Mais la situation au Burundi a fait que une centaines de personnes sont deja morts sans dire ceux qui sont mort refugiés et d’autres milliers qui sont morts moralement, qui attrappent des maladies de tout genre suite àcette insatisfaction du chef de l’etat burundais ! A quand votre decision ? USA, EU, vous attendez un million de tetes tombées pou intervenir ? Depuis que ce Gouvernemnet tyran est la , d’innombrabre gens sont deja mort. sauvez notre nation de la tyranie

  • Ikimbabaza Nuko Abarundi Batobato Aritwe Tugwa Mumporero Nacane Cane Twebwe Urwaruka

  • N’ukuri U A ni igerageze ariko nzovyemera ndabibonye kuko abategetsi b’uburundi basigaye ari amabingira . Nkurumbi Wewe turazi ko ari umu daïmon.

  • Amashirahamymw nayo yohanz y’Uburundi nabanya politique bahmukiy’igihugu nibobaguma batezingoran igihugu kandi baragitay igihugu carikukiy nimurek abovyega babitungany.""IGIHUGU NTICUBAKIRA KUKINDI""

  • Amashirahamymw nayo yohanz y’Uburundi nabanya politique bahmukiy’igihugu nibobaguma batezingoran igihugu kandi baragitay igihugu carikukiy nimurek abovyega babitungany.""IGIHUGU NTICUBAKIRA KUKINDI""

  • IVYO NIVYABO TWEBWE NTAGITSURE TUGIKORERAKO!!!

  • ahubwo nkeka UA ibesb none ubu aho ibintu bigereye ntibibona?nifate ibihano ruhasha nayo ahandi abenegihugu bariko barahahonera.

  • NTA BIBURA KIDOBYA,GUSA UA IMENYEKO HARI NABIKORA BATARI MUGIHUGU

  • twihweje ibiriko biraba muburundi biteye ubwoba? dusavye amakungu eka ibihugu bifise muminwe yuko bokora ibishoboka vyose bakaja hagati ibara ritararwa? tugasaba abanya politice kudasaba amananiza reta yuburundi muburyo bwokurengera inyungu zanyu mushire imbere inyungu zabanyagihugu kuko aribo babatoye?

  • MURAMANZE MUFATE GEN REONAL NGENDAKUMANA ARIKOATERA AMAGRENADE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.