IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ububirigi busaba ubwitonzi mw’ishirwa mu ngiro ry’amategeko ariko (...)

Ububirigi busaba ubwitonzi mw’ishirwa mu ngiro ry’amategeko ariko aratorwa

mercredi 10 Mukakaro 2013

Umushikiranganji w’Ububirigi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Didier Reynders yahamagariye abategetsi bo mu Burundi gukoresha ubwitonzi bwinshi mw’ishirwa mu ngiro ry’amategeko amwe amwe ajanye n’ubwigenge bw’abanyagihugu amaze iminsi aterwako umukono.

Didier Reynders yabimenyesheje inyuma y’umubonano yagiranye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Gervais Rufyikiri. Muri uwo mubonano wabereye mu ngoro y’i Egmont mu gisagara ca Bruxelles, umushikiranganji Didier Reynders yatanze akarorero k’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryemejwe n’abakenguzamateka ku genekerezo rya 29 Ndamukiza 2013, umukuru w’igihugu nawe akariterako umukono mu ntango z’ukwezi kwa Ruheshi, mu gihe hasigaye imyaka ibiri gusa ngo igihugu cinjire mu matora y’umwaka w’2015.

Yisunze n’ayandi mategeko nk’iriraba amanama n’amakoraniro, itegeko rigenga imyiyerekano. Didier Reynders yamenyesheje ko igihugu c’Ububirigi kizokorera ku makenga abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bafise. Mu gihe Ububirigi arico gihugu kiza ubwa mbere mu bafasha Uburundi, umushikiranganji Reynders yibukije ko ishirwa mu ngiro ry’ayo mategeko rizokurikiranirwa hafi n’inama nshingamateka y’Ububirigi na buraya, agasaba abategetsi gukorana ubwitonzi bwinshi cane.

Naho biri uko, Reynders arashima ingendo ya Leta yo gushaka kuyaga n’abo batavuga rumwe, akaba yatanze akarorero k’ikiyago giheruka kubera mu Kayanza, gishigikiwe n’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu ntumbero yo gutegurira hamwe amatora yo mu mwaka w’2015


Egide Nduwimana

Messages

  • AMATEGEKO ATORWA BAYITONDERE CANE BASHOBORA KUYATORA BIBAZA KO AZOCINYIZA ABANDI BAKAZOSANGA NIBO ACINYIJE IMANA SUMUNTU BAMYEYE KO ITANGA UBUTEGETSI IKONGERA IKABUKWAKWA ARORERO NEBUKADINEZA IBABURONI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.