IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudagi buragabisha ko bushobora kugabanya imfashanyo k’Uburundi

Ubudagi buragabisha ko bushobora kugabanya imfashanyo k’Uburundi

mardi 12 Rusama 2015

Ibihugu bisanzwe bifasha Uburundi biratanguye gufatira ingingo zikomeye Uburundi. Inyuma y’ibihugu vy’Ububiligi, ubu Hollande, Ubu Suisse bimaze kumenyesha ko bihagaritse imfashanyo yavyo kubijanye n’amatora, igihugu c’Ubudagi naco kiragabisha ko gishobora gufata ingingo.

JPEG - 618.4 ko
Frank Walter Steinmeier, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu aturuka mu gihugu c’Ubudagi.

Mu rwandiko rwasohowe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu aturuka mu gihugu c’Ubudagi, Frank Walter Steinmeier, yarasabikanirije bagenzi we b’ubumwe bwa Afrika n’abandi baserukira ibihugu vyabo muri Afrika, aho agabisha ko amasezerano y’i Arusha yateweko umukono haciye imyaka cumi n’itanu(15ans) asigura neza ko ibiringo bitarenga bibiri.

Umushikiranganji Frank Walter Steinmeier aranagabisha ko igihugu c’Ubudagi gishobora kugabanya imfashanyo y’iterambere yahora iha Uburundi. Aramenyesha ko Ubudagi ataribwo bwonyene bumaze gufatira ibihano Uburundi, ahubwo akizera ko n’ibindi bihugu vya buraya bigiye kuja hamwe kugira vyigire hamwe ikibazo c’Uburundi n’ibihano vyofata.

Uyo mutegetsi aramenyesha ko atizera cane ko Umukuru w’igihugu azohava afata nkama ibiriko birashikira Uburundi ariko akamenyesha ko nimba ibihugu bitanguye guhagarira imfashanyo k’Uburundi ari ikimenyetso kigaragara ko badashigikiye ibiriko biraba mu gihugu.


Alida S.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.