Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudagi buragabisha ko bushobora kugabanya imfashanyo k’Uburundi
Ubudagi buragabisha ko bushobora kugabanya imfashanyo k’Uburundi
mardi 12 Rusama 2015
Ibihugu bisanzwe bifasha Uburundi biratanguye gufatira ingingo zikomeye Uburundi. Inyuma y’ibihugu vy’Ububiligi, ubu Hollande, Ubu Suisse bimaze kumenyesha ko bihagaritse imfashanyo yavyo kubijanye n’amatora, igihugu c’Ubudagi naco kiragabisha ko gishobora gufata ingingo.
- Frank Walter Steinmeier, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu aturuka mu gihugu c’Ubudagi.
Mu rwandiko rwasohowe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu aturuka mu gihugu c’Ubudagi, Frank Walter Steinmeier, yarasabikanirije bagenzi we b’ubumwe bwa Afrika n’abandi baserukira ibihugu vyabo muri Afrika, aho agabisha ko amasezerano y’i Arusha yateweko umukono haciye imyaka cumi n’itanu(15ans) asigura neza ko ibiringo bitarenga bibiri.
Umushikiranganji Frank Walter Steinmeier aranagabisha ko igihugu c’Ubudagi gishobora kugabanya imfashanyo y’iterambere yahora iha Uburundi. Aramenyesha ko Ubudagi ataribwo bwonyene bumaze gufatira ibihano Uburundi, ahubwo akizera ko n’ibindi bihugu vya buraya bigiye kuja hamwe kugira vyigire hamwe ikibazo c’Uburundi n’ibihano vyofata.
Uyo mutegetsi aramenyesha ko atizera cane ko Umukuru w’igihugu azohava afata nkama ibiriko birashikira Uburundi ariko akamenyesha ko nimba ibihugu bitanguye guhagarira imfashanyo k’Uburundi ari ikimenyetso kigaragara ko badashigikiye ibiriko biraba mu gihugu.
Alida S.
Messages
12 Rusama 2015, 11:06, par kibondo
nibashake bareke twe turazi uko bizogenda
12 Rusama 2015, 11:34, par anonyme
bizoca bigenda gute ga kibondo? genocide izoca itangura?
12 Rusama 2015, 13:41, par ndiko jonas
none uwo nawe numututsi ariko avuga ivyo ga vuganeza mwe na nuwera jewe nibaza cndd.fdd abayitwara batagira mumutwe kanazinda nta nyabenda.
12 Rusama 2015, 15:18, par burundi
eka bakureke uri ikibondo koko, wiyumvira ko muzabigenza gute?! ngira DD igizwe nkabiyumvira nkuko kwawe surtout tn chef.
12 Rusama 2015, 16:53, par Victoir
ni bamufase biragoye
12 Rusama 2015, 19:56, par vuganeza
Mbega ayo maruru yose ku mfashanyo,nibahagarike batarinze gukangira ,bakangande,ntiduhindura umu candidat nurya nta wundi twebwe dushaka umugamwe ntituwusangiye!!
12 Rusama 2015, 22:52, par ZABULON
KUBATABIZI,UBURUNDI BURI MU BIHUGU 3 BIKENYE KW,ISI.NONE TUZOBAHO DUTE NABURYA DUSANZWE DUKORESHA 6O%Y,IMFASHANYO?NIBASHIRE MU NGIRO UMUGAMBI WO*GUTUBIKA UWA VUBI*.DIEU EST LA POUR SAUVER SON PEUPLE.
14 Rusama 2015, 17:11, par JONAS
TURAKENYETWOCADUPFA
15 Rusama 2015, 08:41, par mahoro
ayo ma Euro yanyu yagumye, yashire ibihemu nkamwe mwirigwa muratabagura Africa nko mu burundi mukoresheje ivyitso vyanyu nka pacifique nininahazwe FOCODE ,FORSC,APRODF,ACAT, LEONCE, MUGWENGEZO.
Le BURUNDI N’EST PAS BORKINA FACON NOUS AVONS NOTRE PROPRE COUTUME TRES DIFFERENT A CELLE DES AUTRES PAYS AFRICAINS