Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa: Abadashigikiye ukwubakana kw’abasangiye ibitsina (...)
 Ubufaransa: Abadashigikiye ukwubakana kw’abasangiye ibitsina baragabishwa
 Ubufaransa: Abadashigikiye ukwubakana kw’abasangiye ibitsina baragabishwa
				
				lundi 15 Ndamukiza 2013
Mu gihugu c’Ubufaransa, abari mu murwi wiyamiriza ukwubakana kwabasangiye ibitsina bararengukishijwe imbere y’inama nshingamateka kuri uyu w’Imana, bagabishwa ko bazofatirwa ibihano mu gihe botera umudurumbanyo.
Abo barengukishijwe bagera kuri mirongo irindwi bakaba bagabishwa gushobora guhanishwa umunyororo w’umwaka n’ihadabu y’amafaranga y’amanyaburaya igihumbi n’amajana atanu.
Twobamenyesha ko bariko bategura kuja kugira imyiyerekano imbere y’inyubakwa ikoreramwo inama shingamateka y’Ubufaransa, mu gisagara ca Paris.
Integuro y’itegeko riha uburenganzira abasangiye ibitsina iteguwe kwigwa irigira kabiri mu nama nshingamateka ku musi wa gatatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2013, mu gihe impari ari nyinshi hagati y’abatavyumva kumwe mu gihugu c’Ubufaransa.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Jean-Marc Ayrault yaragabishije abariko bakwiragiza ibihuha, inyuma y’imyiyerekano yatunganijwe kuwa gatanu ku mugoroba n’abadashigikiye itorwa ry’iryo tegeko.
Egide Nduwimana
