IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ubumwe bwa Buraya bwagirizwa gucanishamwo abahutu n’abatutsi

Ubumwe bwa Buraya bwagirizwa gucanishamwo abahutu n’abatutsi

mardi 6 Gitugutu 2015, par egide

Umugambwe CNDD FDD wagiriza ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko ririko ricanishamwo amoko hamwe n’inzego z’igiporisi mu Burundi, ivyo bikabonekera mu bihano vyaraye bifatiwe abategetsi bane bakomeye bo mu nzego z’igiporisi. Uwo mugambwe wagiriza kandi iryo shirahamwe ko rishigikiye abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Inyuma y’ibihano vyafatiwe abategetsi bane bo mu nzego z’igiporisi, vy’ukutazosubira kwinjira mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu vya buraya, hamwe n’ugufata amatunga boba bafise muri ivyo bihugu 28, umugambwe CNDD FDD ufata ko ari agasomborotso kakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu, hamwe n’abandi bahurikiye muri uwo mugambwe. Nk’uko tubikura mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, ivyo bihano vyafatiwe abo barundi bane bo mu bwoko bw’Abahutu si ubutungane busanzwe buzwi kw’isi kuko, kubwa Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, ata butungane bw’ubwoko buhaba, agasigura ko n’abafatiwe ivyo bihano batigeze babimenyeshwa kugira bitabe mu butungane biregure.

Iryo tangazo ry’umugambwe CNDD FDD rigashira umuryango w’ubumwe bwa buraya mu karwi k’abantu kishize hejuru y’ubutungane busanzwe buzwi, hagafatwa ingingo mu kinyegero.
Mu gihe mu bafatiwe ibihano harimwo intwazangabo mu giporisi ariwe General Leonard NGENDAKUMANA, asanzwe ari mu bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza, umugambwe CNDD FDD ubifata nk’ugushaka gusenyura inzego z’igiporisi, kuko kubw’uwo mugambwe, uwo yafatiwe ivyo bihano yahowe ko ari umuhutu, akaba yahoze ari muri CNDD-FDD.

Iryo tangazo rya CNDD FDD ryagiriza ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ko riterekwa amasezerano y’uguhagarika intambara mu Burundi yateweko igikumu kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 2003, iryo shirahamwe rigatungwa agatoke ko ryarwanije ayo masezerano, ariko birabananira, ingingo yafashwe ubu akaba ari iyo gutoteza abo iryoshirahamwe ritipfuza. Umugambwe CNDD FDD ukavuga ko nyabuna abari gufatirwa ibihano ari nka Pacifique Nininahazwe, General Ndayirukiye Cyrille, Vital Nshimirimana, Sinduhije Alexis, Marguerite Barankitse n’abandi, abo nabo uwo mugambwe ukabagiriza ko aribo batanze amategeko yo guhamagarira abanyagihugu muvyo uwo mugambwe wita imigumuko.

Umugambwe CNDD FDD ukaba wiyemeje ko ugiye gusaba umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya gusokora iyo ngingo, ahubwo bihutire kugarukana za mfashanyo bahagarika kuko kubw’uburongozi bwa CNDD FDD, ubumwe bwa buraya bwahanye abataribo.
Uwo mugambwe amenyesha kandi ko ugiye gutegeka Umuryango w’Ibihugu vya Buraya gusubiza Reta y’Uburundi amahera yahomvye bifatiye ku guhagarika imfashanyo zari zamaze kwemerwa no gutangwa, ivyo navyo bikaba vyatumye ibikorwa vyari vyatangiwe ayo mahera bihagarara.

Mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD bakabona ko ukugarukana ikibazo c’amoko mu Burundi, ari ukwihenda ku nyishu yotorerwa ibibazo bihanze Uburundi.
Muri SAHWANYA FRODEBU bakanegura ivyo vyashikirijwe n’ubuserukizi bwa CNDD FDD.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU akabona ko ivyo vyashikirijwe na Daniel Gelase NDABIRABE vyerekana intege nke z’umugambwe CNDD FDD, agahanura ko uwo mugambwe wokwubaha ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya risanzwe riri mu bafasha Uburundi ku rugero rwo hejuru.

Tubibutse ko abafatiwe ibihano kw’isonga haza Godefroid Bizimana umukuru w’igipolisi c’Uburundi, uwa kabiri ni General Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika umunyamabanga mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe igipolisi, akaba yafatiwe ibihano inyuma yo gukoresha inguvu zirenze mu kubuza abari mu myiyerekano muri karitiye ya Nyakabiga na Musaga ku magenekerezo ya 26,27 na 28 Ndamukiza 2015.

Uwa gatatu ni Mathias-Joseph Niyonzima batazira Kazungu akaba ari umukozi w’urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Uwa kane akaba ari General Leonard Ngendakumana ari mu bashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimwagiriza kuba ari inyuma y’ibitero vy’amagerenade bikorwa mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Erega Ubumwe Bwa Buraya Bushaka Gusubiza Abatutsi Igihugu.Ariko Bamenyko Abahutu Turi Benshi Naho Bogiha Abatutsi Tuzokibakuzako Ubuhiri.Ntibihende Rero Kuko Turi Maso Ivyo Bikoza Turabibona.

  • jewe nibazako Leonce ngendakumana atori kuvuga ko bobubaha kuko babafasha, ahubwo ni kuraba ko batabasha kugirango bashike kuvyo bipfuza.

  • NIMWE MWAZANYE AMACAKUBIRI MUTSINDA AMATORA KUBERA MWAHENZE ABAHUTU NIGISODA KIBASHIGIKIYE NABAHUTU ARIKO IMANA IRAKUNDA ABATUTSI KUKO BATABAWE NABAHUTU BUMUTIMA BATEMERA IVYO MWASHATSE KUKORA MURI BAMPEMUKE NDAMUKE CNDD PETEr MWARAMENJE NIHARAMBE CNARD KOMERA NTAMYAKA ITANU MUZOTWARA NDABARAHIYE MUTOMOYE PETER UWO MUMENJA. SINDUMUJA

  • UE Izotugirira Ikigongwe Kuko Tuzobabwira Ko Uyomuvugizi Arwaye Mumutwe Kuko Usanga Bibaza Ngo Arakomeye,

  • Nyara hiyo leonc wew vyarivyovyos uri umututsi uryohegwa abahutu bahony nyerek umututs bafatiy ibihan wew amashur wiz agupfuyeko rer waryohew ndaday kobamwish wew ntunyay ub twebw abahut ntutuzokwemey kobadutoteza

  • mbe ko mutatubwira abo basubije inyuma bagiye america ntibarenge addis abebas visa zabo america ikanga ko bajayo n ibara turagowe

  • hako uvuganabi horyanab iyonintango abanyamerika ntibaravug akarinyuma karahinda

  • Aba bantu banditse iri tangazo bakanarisoma Nkurunziza abarabe neza kuko kubwanje nibo bansi biwe bambere bakaba n’abansi b’umugambwe CNDD FDD n’igihugu muri rusangi. Ni he mwabonye umusavyi ategeka uwo asaba, canke ngo asabe indishi kuvyo yemerewe atahawe canke yatevye guhabwa!!!! Iri tangano je mbona rirushaho gushira Nkurunziza na leta yiwe mu bibazo muri iki gihe no mu bihe bizoza

  • mbe ko muhama leonce ntabwenge mufise umuhutu w’ukuri azokuvuga nimwemere babahane nta mandat muzotumarana.

  • MANA yanj!!cndd-fdd po yayo iragoy!baba bakunda abahutu bakaba kuva bashitse kubutegetsi bishe abahutu gusa sibobatorwa gusa!ck bari guhohotera rwasa"umwami w’abahutu"gut?ck nyangoma yaharaniy abahutu bagagandaguy ndaday?ahubwo twaraguzwe uwo mugambwe n’akagwi kiyadukij mukwitwaza amoko(y’intara...)uburundi bizwiko ari ubwa nyangoma na rwasa kk nibo baharaniy abahutu! abatutsi barahohntey abahutu bahenzwe!muri rusangi cndd fdd nabasuma abicanyi biyadukij aho atamategeko bazi!uwutiz niyamber yohemba abiz universite 5!mana tabara ubudi amoko ntagishika aho ingoran ziva abatora amategeko benshi mur dd ntibazi gusoma n’ukwandika!bensh bakwirikira nk’intama!mu burudi na justice ibaho kuwutagira amafaranga!!

  • Jewe ndumuhutu mugabo sinari bwabone inkehabwenge ariko iki gihugu ntibogiha Dometien akagitwara kuko kuntwaro yiwe ntabwicanyi ntabusuma,none uyu nkurumbi nawe ashaka kugarukana amoko mu burundi,ndakubwije ukuri abazorwukwirikira nkurumbi bagiye guhera nkifu yimyijira Imana niyo cabona.

  • Haa karashizingani,nabagomba kugarukirabarundi nuburundi bacitsabatutsi!burya kurwa sibibi kibi nukurwa hamugaherayo.ubutungane dd bavuga nabwonyene ntiburikure nibaburindire.

  • Nibyo rwose abazungu barimo Louis Michel et
    Son fils (charles Michel), Tony Blair, Couchenard bashaka ko umuhutu kwisi arimbuka. Barabeshya nta kica umuhitu Imana yabo irahari.

  • Ndabashimiye abanditse irikete, iyokweara ababakoroni igihebaducamwo imirwi yabafise ijambo nabadafise ijambo mugihugu iyotwama tubiyamiriza nkuko abababikoze ntituba twarigeze tujamuryane zamoko kukoburya kubaho amoko siyongorane ahubwo kubura ijambo ngonuko uruwomubwoko kanaka nicokibi ndababwire gufuta amoko nkukobamwe bavyibaza siwomuti, ahubwo twihatire gufuta kugambanira ubwoko, tuvyirindecane abashatse kudusubiranishamwo ntitunume tubabwiretuti twababinye komushaka kutwankanisha nkamoko arimuguhugu . Nkibi abanya Bulaya bakoze vyogucagura abahutugusa bakanafatira ivyemezo kandi harisinzi ryanatutsi bakoze amahano hakaburamwo numwe binyeretse ukomurikahise baje biyegereza ubwokobumwe mumoko yabarundi arinavyo vyatumye tumara imyaka turyana ngonubwoko bwigijijeyo ubundi kumbe nabobabibinye bipaze. Ninkibivyababaraye bafatiwe ibihano nubwo arabahutugusa ntitwocadusimbira kubatutsi ngotubashavurire kuko nka Sinduhije canke Pacifique ntibocabitora ngobavugengo natwe nubwomwaturetse twaracumuye! Ivyontibishoboka muze amokoyose dukanure kanditumenye abagiye baduteranya maze twerekane Ko ikigihe twize dusise ubwenge kandi tuzin’Imana.

  • Jewe nabumvirije mwese numva binteye agahinda, ariko nuburenganzira bwanyu mwese bwo kuvuga no guserura icuyumviro, gusa nobahanura yaba Umuhutu canke Umututsi canke umutwa twese turabene Burundi ataho tuzoshirana kandi atanumwe azoba muburundi uwundi ngo abe ahanze yabwo ngo wewe canke uburundi buronke amahoro, gusa ni ukuraba neza abo bantu bashaka gusuka abarundi muntambara yamoko bataribuzoyirwane. nohanura abarundi ko kuko babonye vyinshi baca muri vyinshi,bakorerwa vyinshi ,..... ubu twizere ko bazi gutandukanya icatsi n’ururo. kuwbwimfashanyo nibindi nobamenyesha ko ubutunzi mbambere bubaho twobanza kurondera ko ari AMAHORO n’ubumwe kuko vyose musaba biva hanze atamahoro n’ubumwe dufita nubwo bobiduha vyoba impfagusa, turasavye umukuru wigihugu akore nkabandi bakuru bibihugu mugufata ingingo zihasha kubahungabanya umutekano w’igihugu

  • ivyo ababirigi bagize 1960 yari power extension.barondera ibisambo ,bifise ubwoba kugira bahume amaso majorite
    ntibigeze bakunda abahutu.ntaco abahutu bonyene bagize kugira baje mubutegetse ariko bamye bicwa.
    DUSAVYE KO RETA YUBURUNDI YITWARIRA BELGIQUE KO YAGIZE KANDI IKIGIRA "CRIME CONTRE HUMANITY MU BURUNDI"PLEASE ! KUVA 1965,1972.... KUKO BIRABONEKA KO ABAHUTU NABATUTSI ATACO BAPHA BAVUGA RUMWE. :TURIBICUCU"" TWICANIRA UBUSA

  • Ibi ni akumiro umugambwe urongora igihugu ugatangaza amagambo nkaya??? nonese UE ni umuryango w abatutsi??abanyaburaya ni abatutsi??biteye ubwoba babacungire hafi muri gushaka gukora jenocide muteranya abanyagihugu mubinyoma bafatiye ibihano inyamabi kandi nabatanze ibyo bihano si abatutsi mutuze rero mushyire ubwenge mubyo mukora kuko mushatse gukora jenocide ntacyo mwageraho ahubwo mwatsindwa burundu mucire birarura!kandi musabe imbabazi aya si amagambo akwiye kuvugwa n abategetsi biri kugaragaza ko mufite urwango ku batutsi,mwese mugomba kubana kuko muri abarundi!

  • ariko MANA Mbe imyaka cumi twabahaye ibishe NDADAYE na RWAGASORE KO batabaturondereye ,IVYO BAVUGA VYA 65?72?88?91?93?2006 ABA FNL BIMUYINGA ?2007 SAFISA UMUGAMBI ?MUGATUMBA ?2013 ABABIKIRA BO MUKAMENGE ECT......KO BATAKOZE NGO IBINTU BIJE AHABONA BARI KUBUTEGESTI 99% DD BISHINGA GUSAHURA IGIHUGU GUSA ?NTIBABONA IVYATUBABAJE TWEBWE ABARUNDI ?NONE UBU NGO YEEEEEEEEEEEEE NIHAZE UWUNDI TURABE .DD GENDA SHA NTACO WATUMARIYE .

  • Nibabireke tubigire turabe uwuzonesha uwundi about babirigi ni ba bashigikiye about batutsi tubikureko tune mumuryango wabavug’ icongereza hanyuma turabe akaryoshe kariwacu izontwaro za gikoroni tuzivemwo

  • iyo hatwara abahutu hagatwara n’abantu bazima hoho atari ibipurizo tubona birangwa no guturikira mu banyagihugu. politique ya do or die ntaco imaze

  • nahora nibaza k abavuga ko har interahamwe ziriko zivanga muvy abarundi kabihakana none ndabibonye munyandiko zabamwe bamwe. ikibazo cabarundi sic ubwoko. ahubwo nabo ba dd bagomba kwitwara nkonyamaswa ata tegeko bubaha. union europeenne ntacirwa aba dd bayiha kuko democratie yabashwaye mwo kera barabona ingene intwaro ya peter yica nkiya hitler

  • Burya hari abantu muntangaza,ndabona abantu ngaha benshi bidagaduye batuka umugambwe wacu cnddfdd,mbega ndababaze,haheze igihe kingana iki turi mu bihano?Jewe j’encourage nos dirigeants de tenir tete àces européens kuko j’en avais marre ko tutari tugishobora no guhana inkozi z’ikibi baca baza kutu menaça ngo imfashanyo,none ubu mwumva gute iyo mubona twihagararako?namwe mwihagararako ariko ndazi ko mufise ubwoba kuko ivyo bihano namwe abatutsi bibakorako,en plus tenir tete àces gens biduha kwigenga,abakunda igihugu dushigikire abategetsi bacu gushika bisubiye mu buryo aho kuguma mu buja bw’abazungu baduha intica ntikize

  • Ababiligi niko bameze no mu Rwanda bacanyishijemo amoko, bataraza tweri tumerewe neza, baje bacanishamo amoko gusa, kujyeza habaye Genecide!! Bakunda Divisr pour reigner!

  • Ababiligi niko bameze no mu Rwanda bacanyishijemo amoko, bataraza tweri tumerewe neza, baje bacanishamo amoko gusa, kujyeza habaye Genecide!! Bakunda Divisr pour reigner!

  • Nda Savye Aberwa Nikibazocuburundi Bose Kumpande Zose Gutinyana Nokwanka Ko Rumvako Mvuzuku Nokudatomora Ukuri Ngonokuzira Nibindi Nibindi Nivyobitumye Amahoromuburundi Abura Ndasavye Cenarede Na Cndd Fdd Konobahuza Jewe Bitabaye Mwo Agakengere Ndumurundi Mugabo Ndazi Ukuri ,kuko Kwica Gitera Ubanza Kwica Ikigitera Ubumwe Bwaburaya Harahobwafatiye Kunzegozose Zandondeyehagatiya Reta Na Cenarede Ndatanze Inomero Ndiyemeje Kuba Umuhuza Wabarundi Abahunze Bose Bagatahuka 0726502452 Trf Nsavye Uwosoma Iyonkuru Yoyishitsa Kuberwa Nikibazo Cuburundi.

  • Nsavye Kubumuhuza Wabarundi Kumpande Zose Hagati Ya Cndd Fdd Na Canard Ndizeye Ko Amahoro Yogaruka Abahunze Bagahunguka Hatabaye Ukwikunda Kumpandezo Suko Abandi Vyabananiye Nuko Banse Kuvuga Ukuri Hagatiyimpande Zibiri Biriko Biratuma Ibihano Bikomeza Kwiyôgora Ndashora Gutanga Inimero Kuko Nizeyeko Nobishobora 0726502452 Ababonye Iyinkuru Boyishitsa Kubwerwa Nikibazo Cuburundi Na Cenared Guterefona Murufasoni

  • @mbona
    "...yaba Umuhutu canke Umututsi canke umutwa twese turabene Burundi ataho tuzoshirana kandi atanumwe azoba muburundi uwundi ngo abe ahanze yabwo ngo wewe canke uburundi buronke amahoro..."

    Sha wewe ivyo uvuga urabivuga wivugira! Jewe maze imyaka 40 hanze y’uburundi!
    None wibaza ko nkizeye iki ku Burundi ko nigereye mu zabukuru? None aho sinatawe hanze?

  • Ko bibabaje!!! hari umugani baca mu kirundi ngo...umuvura amaso bwac akanya akayagukanurira!ushobora kubwir umuntu agufasha gute ngo mpa mfasha kandi umpe n’amande kuvyo wanyemerey ntumpe!! Nkurunzi uragaba ndake nubwo wamenyerey kwinumira abo bagabo bawe bagiye kugukwegera.Ariko siwew kuko wararengewe,vyagiy kubananira muragiza uburundi igisiga c’ikigome ngo ni Nkona,bwaca k’umurango ngo hari igikorane,n’ijoro ng’inkona yagiye kwarara yonger ipingura.barababeshe amayir abiri yananiy imfyisi.Ariko Ntisinzira izobikora mumaramare.

  • @ Browne, uri ndake nkukuwavyivugiye koko!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.