IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwafashe ingingo y’ukutazosubira kudandaza ivyimburwa vyabwo mu (...)

Uburundi bwafashe ingingo y’ukutazosubira kudandaza ivyimburwa vyabwo mu Rwanda

dimanche 31 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi yafashe ingingo ko ata bidandazwa biva mu Burundi bizosubira gushorwa mu gihugu c’Urwanda, abayobozi bazorenga kuri iyo ngingo babwiwe ko bazogira ibibazo.

Mu bikorwa rusangi yarimwo kuri uwu wa gatandatu muri komine Rugombo intara ya Cibitoke, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Yozefu BUTORE yamenyesheje ko ibidandazwa vyo mu Burundi bitazosubira kwinjira mu Rwanda, impamvu y’iyo ngingo ikaba ifitaniye isano n’ivyagirizwa Urwanda ko rushigikiye kandi rufasha abahungabanya umutekano mu Burundi.

JPEG - 45.3 ko
Bimwe mu bidandazwa biva mu Burundi vyahora bishorwa mu Rwanda

Yozefu BUTORE yabwiye abajejwe intwaro hamwe n’umutekano bazorenga kuri iyo ngingo ko bazogira ibibazo bikomeye, akavuga ko atacotuma Uburundi bubandanya gutanga ivyimburwa vyabwo ku gihugu kiriko kirwanya Uburundi. Abadandaza bakaba bemerewe kudandaza ivyo bimbuye mu zindi ntara zigize Uburundi.

Ibidandazwa vy’Uburundi vyahora bidandazwa ku bwinshi mu Rwanda bigizwe n’ivyamwa bitandukanye vyakoreshwa n’amahinguriro akomeye yo mu Rwanda akora ibinyobwa vy’imitoke, Uburundi bukaba kandi bwashora mu Rwanda ivyimburwa bigizwe n’imyumbati hamwe n’amamesa.


IGIHE

Messages

  • reka nabo inzara ibakomeshe

  • Ntakubandanya Ugaburira Abo Bagome!

  • Hahaaa ndabasetse cyane murabona mwafungira urwanda rukabura aho ruhahira kweri? Tanzania irahari, Kenya irahari , Uganda irahari

  • Hahahah abarundi se bagira iki ko ubukene bwabamaze muribijuju gusa

  • Abayobozi b’uburundi batekereza gute? Bakeneye ama devises none ngo ntibashaka ibicuruzwa byabo bijya mu rwanda! !! Ese usibye ko ibicuruzwa biva mu Burundi ari bike ntacyo bizahungabanya cyane ku rwanda bakeka ko mu gufunga isoko uwa mbere uhomba atari umuturage na leta b’uburundi? Ese niba hari umuturanyi washoraga amamesa akamanukana ibirayi none akaba azajya azamukana amarundi yagera ku mupaka bakamuha amanyarwanda adashyitse barabona igihombo bamuteje ?

  • mwaba murabagabo muhagaritse nibiva mu rwanda naho ubundi dufite tznia uganda na congo tukagira na rwandair nakibazo mwa nyeshyambamwe zabayobozi

  • Banza mwishure amafaranga yose u Rwanda rwabatangiye muri EAC mugiye kwirukanwa,mwabura ayo mwishura mufise ivyo kurya?!!!!ahubwo inzara irabamara ejo aho bukera, ivyo vyose mubiterwa n’inzara

  • Hewe Hawa urihenda nta munyarwanda azokwicwa n’inzara kuko abanyarwanda barafise amahera bazosumira ahandi.

  • Uburundi. Guhagarika ivyinjiramu rwanda. Nukwihenda gos. Kk u rwanda rwarikingiy. Rugeze kure muvyiterambere nikorana buhanga. Ahubwo. Muniz. Abanyagihug. Bahora. Babishora bakaronka agafaranga gatubutse. Komutabafatiye muvyubutunzi

  • Arikora turababande ubungubu ninzadufise murwagasabo? Tanzania yarahagaritse gushorera ibiribwa mu Rwanda, none nu Burundi burabihagaritse tugiyekubabande rwose?

  • Aliko abarundi ubugoryi bwabo buzashi cyagwa burakura? Ahubwo niba arabagabo nibafunge imipaka...nzabagaya nimwongera kubizana mu rwanda... icyonzi cyo muzabizana ntawubasabye..kuko subwambere.

  • Ntacyo u Rwanda ruhomba muve numatiku mwubake igihugu cyanyu twe ntakibazo dufite na kimwe musigaje kubuza abakobwa banyu ntibazongere kurongorwa n’abanyarwanda ndi nkamwe nakugara imipaka kuburyo nta murundi wambuka canke umunyarwanda erega nimusabe tubafashe kuyobora icyo gihugu tubabwire ibanga rituma dutera imbere kuburyo buri wese ugeze iwacu yifuza kuhaguma kubera iki? Umutekano kwishyira ukizana ibikorwa remezo byo birivugira erega turabakunda nuko mumeze n’amagare ahazamuka ntarukundo mugira none uwo mwimbu muzaja muwirira mwenyine Reba nawe umutegetsi ufata umwanzuro nkuwo ugafatira umuturage waje kwishakira amahera none ko ariho yakuraga a yo kugura umunyu,Nandi yo gufasha umuryango muramugenza mute? Gusa muteye agahinda nkunda u Burundi ariko ibihakorerwa biranshavuza sana kabisa Mana tabara u Burundi ndagusabye!

  • Ingingo Nkizo Zituma Ibintu Bija Muburyo. Mutama Courage Muhangane N Izo Ntumva Zitubangamiy

  • Uwutabizi yibazako bakomesheje urwanda.Iyonibutse itomati,inanasi,manderena nibindi nateye vyihuta kubora bakaba banseko tuzobishora mubafise amahera numva mbabaye cane

  • muribesha urwanda ruri kwije ahubwo uburundi nibwo bukeneye ibivahanze ahubwo mwabuze uko mugira

  • Umugabo barihima yasanze bamurongorera umugore nuburakari bwinshi ahita yikata ubugabo bwe(Igitsina)
    BURUNDI-RWANDA

  • KOMESHA UGWANDA NATWEBIRATUBABAZA KUBONA HARABARUNDI UMENGA NTIBABOKO UGWANDAGWADUKANIYE RETANIFATINGINGOZIKOMEYE KUNTUNVA ZITUNVA ZISHIRA ABANSI IRYA NAHANDBATUZWE NIVYACU

  • irukana nabambasader kubera imigenderanire atari myiza

  • Ababatindi nabo ngo babonye icyo bakangisha.....nzabagaya nimwisubiraho ntabyo tubasabye

  • Iyo Ngingo Yashikirije Nuwo Nyakubahwa Abarundi Turayishima Cane Ahubwo Umuntu Azofatwa Ashoye Ibidandazwa Mugwanda Azofatwe Nkumugwanyi Murakoze

  • Mbega sabanyagihugu bahahombera bo bashorayo ngo baronke udufaranga tubatunga!Yooooh murapfa nabi!

  • Mutama Butore mwarimwarantebej guhera ubu na contra narinfitaniy na campany fruit managementy yurwanda tugiy kuyihagarika murakoz kuko ndababwirako bitanvuyeko kwer rero urwanda nirutangaz ko rugomba intambara tubahire umuti tubah icirwa ko abarundi atarabana bogukinirako?murakoze.

  • Ewe reta iri hano ni isema ni ukuri. Ni ubwa mbere numva aho abategetsi babuza exportation. Mbe ivyo vyimburwa ko bitajabuka kuko ari imfashanyo aho none uruhombo ntiruca ruza ku munyagihugu? Kuko na kare vyashorwa mu Rwanda kubera ko hari urwunguko kurusha mu zindi ntara. Mbe hamwe u Rwanda narwo rwozibira imihora uburundi bukoresha harya vyobworohera? Emwe bategetsi b’Uburundi nimwikebuke mureke gufata ingingo giturumbuka kuko biraboneka ko inyishu mtanga zidahuye n’ibibazo bihanze igihugu.

  • Mbega Iyo Ngingo Ihomvya Urwanda? Canke Ihomvya Abarimyi-barundi. Ohoo! Abarundi Nibashishoze Barebe Neza Batitaye Kw,ico Citwazo Cabo Bantu Bitwaza U Rwanda Mungorane Zabo.

  • Mbega Iyo Ngingo Ihomvya Urwanda Gusa ? Canke Ihomvya Abarimyi-barundi N,uburundi . Ohoo! Abarundi Nibashishoze Barebe Neza Batitaye Kw,ico Citwazo Cabo Bantu Bitwaza U Rwanda Mungorane Zabo.

  • RETA YIYUMVIYE NEZA CANE. REKA NATWE TUBIFUNGURE BITUGEREHO

  • hahahhaa sha mwasetsa nuwuvuye guta nyina. ngo ivyamwa ntibizosubire kujabuka reka rero nabo bafunge ama camions atugemurira essance n’ibindi duhomeko

  • Yewegayeee!mbe amahera ya manyarwanda ko yararyoshe ntiduhomvye

  • That is a very stupid thinking. Twe dukupye ibinyura mumuhanada wacu mukoresha biza iwanyu mwajya hehe?

  • Nakare ntaciza tuzeye murwanda iyongingo ikomezwe kweri

  • Iyi ngingo uretse kwicisha abanyagihugu inzara ntaco ibamariye nta nico ihindura kw’iterambere ry’u Rwanda. Mbega murazi hamwe u Rwanda rwofata icemezo co gufunga imipaka ingorane twebwe abarundi twohabonera?!! mbega murazi ko iriyo nzira k’ubadandaza bato bato baja kurangura mu Bugande?? Izi ngorane z’uburundi sizo u Rwanda nizo u Burundi kandi inyushu igomba kuva mu barundi kuko nibo ubwabo baziteye, dupfe nk’abagabo tureke gupfana abaturanyi kandi batubaniye neza!

  • ariko abayobozi b’uburundi barasetsa! ubu barabona ari uRwanda rukeneye ibituruka iburundi cg n’abarundi badukeneye kubera ibibazo by’umutekano muke bamazemo igihe? hejuru y’ibyo hakurikiyeho ibibazo by’ubukungu bwabo butifashe neza na gato...none ngo nta bihingwa bwabo bizongera kwinjira mu Rwanda! ubu twe dufunze ku mipaka iduhuza n’uburundi bamara kabiri? ariko twe nta kibazo gihari ibihingwa byacu nibabishaka imiryango irafunguye kuko ngirango umusaruro wacu uraduhagije tugasagurira n’abaturanyi. a bon entendeur salut.

  • Urwanda ntirutunzwe ninanasi ahubwo muhemukiye abarundi

  • Abayobozi b’ igihugu cy’ u Burundi ntibakunda abaturage bashinzwe kuyobora!!!

  • Wow! A stupid decision by an uncaring guy! Sinari bwabone umutegetsi apfungira isoko ibidandazwa biva mu Gihugu ciwe!! N’abanyaBurayi ubu baricuza kuri embargo bakoreye Russia, nuko igihugu ca Amerika cibapfukamye mu nda atakindi bashobora gukora. None uwo na we ngo AbanyaCibitoke ntibashore ivyabo mu Rwanda, hanyuma se bazobishore iwe canke kwa Nyina babigure? None amahera bahora bakura murwo rudandaza azoyabaha? Stupid!

  • The guy is just deprived of common sense. He might not be educated but you don’t need to hold a degree to understand this simple logic. you are just punishing your innocent people with such stupid decisions. please take my advise and revert your childish decision as soon as you can otherwise it is a disaster and a shame to both your descendants and the nation in general that will go down in history. with all due respect, you need Rwanda more than it needs you and the decision will affect your people before anybody else.

  • haaaaaaaaaaa, ewe barundi muratangaje?? Mbe mwari muziko iyo igihugu kirungika ivyimburwa mu mamakungu bituma ifaranga riduga?? None ngo bareke kubijana mu rwanda? None muce munahagarika ibiraya vya ruhengeri bidutunze turabe?? erega bobo baraharonkera akunguko kandi ifaranga ryabo rirabandanya kuduga.. None ngo murahagaritse ivimburwa mu burundi ntibisohoke, iyo ni imyumvire ishaje kandi y abantu bataciye mu ishure. kandi nakare uwo yafashe iyo ngingo nukuri ntiyigeze ashika muri universite ni humanisteA3 .. None ga yemwe aha mubona turiko tujahehe? Mbe wewe wiyise HAWA ninde yaguhenze ko u rwanda rutunzwe nivyimburirwa i burundi?? ewe nagira ndakumenyeshe ko urwanda ruhagarika abazungu bashaka kubaha imfashanyo bati mutware imfashanyo zanyu kubera twishoboye, budget ya Leta yabo ishitse kuri 92% ivyo vyamwa navyo barabifise

  • Hhhhhhhhhhhh ariko Abarundi ntimukansetse koko!!!! Uziko mwasetsa nuvuye gushyingura nyina ubu murareba mukabona rero muduhimye hhhhhhhhhhhhhhh u Rwanda rurihagije kuburyo rutahungabanywa nayo mateshwa yanyu ngo ni ambargo abategetsi babarundi ni njiji kabombo kbsa ubuse u Rwanda narwo rufunze imipaka mwabaho mute koko? Abantu batabasha gutandukanya export na import ubwo muragana he koko? Mwatuje tukabana ra? Ubuse ibyo bihingwa byanyu ko mwanze kubigurisha abaturage banyu muzabibagurira ndebera aho ibihumbi 100 byamarundi bisigaye bivunja 25000frw byanyarda ubwo mwebwe ntibateye isoni koko? Akumiro ni tushi mba ndoga rwema.

  • Abarundi turavandimwe duhuje ururimi umuco mbese duhuriye kuri byinshi ariko abategetsi banyu barabahemukira kbsa ubuse mwibaza ko izo nanasi zanyu ntimutazizana mu Rda uruganda inyange ruzahagararara gukora? Ngaho nimufunge nimipaka mwirukane na Ambasaderi mbemere akabi nukuyoborwa ninjiji koko. Nigute uza mumujyi nka Bujumbura hashira imyaka 10 wahagaruka ugasanga ntacyahindutse

  • abibeshya ko u Rwanda ruzofata ibyemezo kubwo guhagarika nabo kugemurira cg gushora imari mu Burundi barihenda cane, muzahagarike inanasi , imyembe yanyu ntacyo u Rwanda ruzovuga kuriyo ngingo ntamuyobozi numwe muzumva abivugaho ahubwo u Rwanda ruzakomeza kubaha ibyo rwabahaga ,ibirayi , ibishyimbo yemwe niyo jus yingange muzakomeza muyibone ntacyo tuzahomba kuko turazi economic yigihugu aho iva
    kandi ayo makamyo azakomeza akoreshe umuhoro wacu kuko turasha nuwo musoro ubukungu bwu Rwanda bukomeze buzamuke naho mwebwe kuriyo ngingo muyikomeze tuzoraba abazahahombera

    hahahaha u Rwanda rwarabarenze ntimwajya mukibuga ngo mukine cyangwa ngo muhimane nu Rwanda wapi ntibyokunda
    ahubwo dore abo mwebwe mwakinana ni RDC , Somalia , no kwa Mugabe muri Zimbabwe kuko nibo ubukungu bwanyu bumeze kimwe naho attention rwarabarenze nimuri mukigero kimwe kabisa.

  • ariko aho mwavugiye, ikibazo mufise ni ikihe ? Bon umurundi azibiye urugo rwiwe, umunyarwanda nawe nazibire urugo rwiwe. Ikibazo kirihe. Umwe agumye iwe, muntu adahuza nundi aramureka, umwe akabandanya ubuzima bwiwe, uwundi ubwiwe, kandi nta compétiton. Umuntu wese afise ivyiwe uwundi ivyiwe. Kubera iki umunyarwanda ashaka ko umurundi amukunda kunguvu , kuberiki umunyarwanda ashaka kugendera murugo gu murundi kunguvu

  • @neutre umuntu agendera urugo rumuha ibitekerezo bizima urumva u Rwanda rwagendera kunguvu kuburundi buhakure iki? ikihe gitekerezo ? ntacyo u Rwanda rukenera kuburundi mushatse muzobana nu Rwanda kuneza kandi nimudashaka muzabyihorere ntawe u Rwanda rwinginga kabisa twarifashije twihagarikira genocide ubwacu tuzifasha no kwiyubakira igihugu ubwacu byanze bikunde kd tugwanye nuwundi wese uzashaka kudutobera igihugu nitwe tuzi aho twavuye kandi tuzi naho tiriko turajya , abavuga bazavuga baruhe

    thanks.

  • Aba batindi ubanza baziko bahagaliste petrol na masasu....mukwiliye gukosorwa kubaryamisha hasi mugakubitwa inkoni..

  • Dear my fellow rwandans namwe baturanyi bacu, ariko ubwo mwaretse abarundi bagatera imbere uko babishaka natwe kandi bakatureka tugatera imbere uko tubishaka ntawe ubangamiye undi! Ntabwo u Rwanda ruteze kuzaba u Burundi cyangwa ngo u Burundi buhinduke u Rwanda, bityo mureke abantu bajye bafata ibyemezo bibanogeye, papfa gusa kutabangamirana. Thx

  • OK
    badukure mukanwa kabo rero cyangwa afande aduhe oda tubapondaponde kabisa.

  • abarund turafuy ninzara ubu 1kg yubuf igez kuri 100 amamesa nayo nihatari ikaramu zozo imwe ni 500 idorar imwe ivujwa 3000 abanya rwanda mudufash

  • None Twe Twobandanya Dutwara Ivyacu Iwabo Kandi Batwinuba

  • Sha muzabihomberamo mba ndoga ruganzu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.