IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuserukizi bw’ibindi bihugu mu Burundi bwibukijwe ibikorwa butarekuriwe

Ubuserukizi bw’ibindi bihugu mu Burundi bwibukijwe ibikorwa butarekuriwe

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Ubuserukizi bw’ibindi bihugu mu Burundi bwabujijwe gukora ibikorwa bimwe bimwe bidafise uruhusha rw’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwasohoye itangazo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Munyonyo 2015, aho bwamenyesheje ubuserukizi bw’ibindi bihugu mu Burundi (Les missions diplomatiques et consulaires au Burundi) ko hari bimwe mu bikorwa butakirekuriwe gukora budasavye uruhusha. Iyo ngingo y’ubwo bushikiranganji iraraba kandi amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.

JPEG - 27.8 ko
Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko hari ibikorwa bigenewe ubutungane usanga vyakozwe n’ubuserukizi bw’ivyo bihugu, kandi butabisabiye uruhusha.
Bimwe muri ivyo bikorwa vyabujijwe, nk’uko bimenyeshwa n’ubwo bushikiranganji, ni nk’ukuja kugendera abapfungwa (Les détenus) bo mu mabohero atandukanye y’igihugu c’Uburundi, vyahora bikorwa n’ubwo buserukizi kandi butasavye uruhusha. Ubushikiranganji bwasavye ko mwene ivyo bikorwa vyobanza kumenyeshwa imbere y’uko biba.

Iryo kete ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu rimenyesha ko ubuserukizi bw’ibindi bihugu mu Burundi butakirekuriwe guherekeza umuntu mu butungane, kiretse gusa ari umunyagihugu asanzwe akomoka muri kimwe mu bihugu baserukira.


IGIHE

Messages

  • Ewe yemwe nukuri famille NYAMITWE iraturembeje. None igihugu bakigize icabo.Uwubuze uwo bikina akina na nyina kandi n- umusazi arubaha nyina. Kandi shetani ntiyigeze itsinda Imana. Mbega nikuki iyo aba dd bivye udufranga baca bibagirwa ico bari ? Uko kwikukira muduhayira kuri mukunyegeza ingene muca imanza za politike? Murashaka mubareke bazirabe kk ntanumwe atazi ko BAGORIKUNDA afata ingingo yatamitswe nubutegetsi.Ariko mubiganiro bigiye gutangura inzego zubucamanza n-igipolisi nukuzicarira kk zirimwo abataye akarangamutima kumwuga batoranye.

  • Yewe yewe abayobozi b’iburundi mufite itera bwoba nk’iryo gouvenement ya Habyarimana yari ifite muri 1993 génocide ijya kuba. Murimo murikwegera mukomeze mwice abanyagihugu muzabona ingaruka yabyo gusa ntimuzibeshye ngo hagire umwicanyi uhungira mu rwanda kuko yabona ikosora

  • uburundi nigihugu cikukuiye ,rero nibareke kwivanga bakore ivyo barekurirwa namategeko ageng’igihugu!

  • twikureko imisega( bamujeri) batarota amahoro.

  • Ariko abantu muzindugwa nokuririmba ihonyabwoko mukavyirigwamwo mukabigorobezamwo mtasoni migira?ababivuga bose mibazako ari abakokeza mutari iburundi harimwo nabavuga ikinyarwanda nabandanya gucocera amacakubiri burundi mukuhitiranya nurwanda. Ivyo bakabikora kuvirango barabeko vyoba ariko bateshwe bate abarundi mtahonyabwoko riri no mumutwe.mureke kagame muronderako abafasha gushikira ubutegetsi nkuko yabigize abanje guhonya abahutu akanabasanga muri congo ntacamwagiriye nico gituma yateguye kubikora iburundi ariko amenyeko uburundi atari congo kandi atari urwanda.we aheruka kuvyivugira mwese mwaravyumvise nicogitumba mukomeza kuririmba ihonyabwoko.mwibuke ko urucira mukaso rugatwara nyoko mukure ihonyabwoko mukanwa mwarariteguye ariko ntamurundi azogwa mumutego wibinwamaraso.izere

  • ahariho abanyarwanda bashisha nibarabe ivyiwabo barekekwivanga mubitabaraba

  • @Izere ikinywamaraso cyambere niwowe, abahutu twishe nabahe se? ko batwishe bafatanije nabahutu babarundi tukabakubita bagashwiragira. Nta mututsi ukora ihonyabwoko kuko ababikora nibicucu. Quoi que ca soit urikoze riramugaruka, reba nawe aho bari za Congo, abandi ngo baje kubitura ineza mwabafashije 1994, ariko muzihende mukinire ku Rwanda tubahe ikosora.

  • ahubwo iyo bakugumiza iyo wari ahandi ho nimvi uzozihamerera niwategekwa ivyo ukora nkumwana.

  • Nukuri abanyarwanda nabarundi turibamwe tureke guterana amagambo dukoresheje ururubuga,tureke kwinjira muri poritiki cyane,urwanda silwo lwatumye abarundi basubiranamo, ahubwo nibabayobozi babi bo muri afrika batemera kurekura ubutegetsi, ibyo bibazo byose niho bituruka, tureke kwitana bamwana, mugire amahoro yimana.

  • Nukuri abanyarwanda nabarundi turibamwe tureke guterana amagambo dukoresheje ururubuga,tureke kwinjira muri poritiki cyane,urwanda silwo lwatumye abarundi basubiranamo, ahubwo nibabayobozi babi bo muri afrika batemera kurekura ubutegetsi, ibyo bibazo byose niho bituruka, tureke kwitana bamwana, mugire amahoro yimana.

  • Nukuri abanyarwanda nabarundi turibamwe tureke guterana amagambo dukoresheje ururubuga,tureke kwinjira muri poritiki cyane,urwanda silwo lwatumye abarundi basubiranamo, ahubwo nibabayobozi babi bo muri afrika batemera kurekura ubutegetsi, ibyo bibazo byose niho bituruka, tureke kwitana bamwana, mugire amahoro yimana.

  • Nukuri abanyarwanda nabarundi turibamwe tureke guterana amagambo dukoresheje ururubuga,tureke kwinjira muri poritiki cyane,urwanda silwo lwatumye abarundi basubiranamo, ahubwo nibabayobozi babi bo muri afrika batemera kurekura ubutegetsi, ibyo bibazo byose niho bituruka, tureke kwitana bamwana, mugire amahoro yimana.

  • ndashimye iyongingo nyakubahwa nyamitwe ,erega abo bagabo bo ,bohanze mukaza murabirererako ,bazotugaya kandi natwe dufita incabwenge muburundi , aho baherekeza abaja kuburuna bagirizwa amakosa , ntiwumv ko no mukuyakora nyamakosa babizi kandi babashigikira !. ahubwo iyo mubirukana bose iwacu abo nibo baducanishamwo ivyamoko iwacu. ibipfu vyo mu rwanda navyo bikita mu vyuburundi btaberekeye.mbe bashaka tube nka karya kagabo kabacinyiza bakemererayo! ek peeee! iwacu iburundi ntidushakaaaaa!

  • Ico nico twita iterabwoba. Nta na hamwe bibujijwe guherekeza umuntu yitavye ubutungane, gusa ntimwinjirana kiretse uri umushingwamanza wiwe canke mu ntahe y’icese. Leta y’uburundi isigaje gusaba abo ba diplomates kuzohora babanza gusaba uruhusha imbere yo kuja kwa muganga, canke gusenga canke kw’isoko. None ivyo Leta inyegeza idashaka ko amakungu yobibona ni ibiki?
    Nkurunziza ariko arasotora isi yose ariko sinzi ko urwo rugamba azorutsinda. Canke ni rya gere rya nyuma?

  • NAKAMARAMAZA NUKURI KUBURUNDI!! MBE MUZONYEGEZA AMAFUTI MUKORA BISHOBOKE!!! NTAWUHISHA UMWOTSI INZU YAHIYE NTIBIKUNDA!!! YEMWE INGWANO MURIMWO NTAYOMUZOTSINDA NDABARAHIYE!! INZIRA MUSIGARANYE NIMWE RUDENDE "IBIGANIRO"!! KUKO HAZOGIRA IVYO MUZOHEBERANIRA NABO MUTAVUGA RUMWE!!! AMAKUNGU NAYO REKE YIRABIRE NIMBA MURI MUKURI MUBABURIZIKI!!!!

  • abaserukira ibihugu vyabo m’uburundi bafise uburenganzira bwogukurikirana ibiba mugihugu bakoreramwo. uwo mushikiranganji ariko abibutsa ivyo barekuriw ahubwo aba atumye bashinga ijisho naho babujijw. nciy n’ibaza iki kibazo: iyo havuzw ko hari abari m’ubusho butandukanye bafatwa bunyamaswa abandi bakabusohorwa bajana kwicwa, vyoba ar’ukuri? huguruw imiryango k’umurundi canke umunyamahanga yipfuza kumenya ukuri harico vyokwicira leta? umushikiranganji narab ingingo zifatwa kozidasigura kwemera ibivurwa

  • Ivy Uburundi Ntibyoroshe

  • Ivy Uburundi Ntibyoroshe

  • igorane sabaserukizi igorane zuburundi n ikirigo gusa.ivyobindi navyo sabaserukizi cagw ababirigi gusa nubujuju gusa bwamanda maremare yabanye politike bomugihugu cacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.