IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Ubuserukizi bwa Amerika burahakana ko ata bategetsi b’abarundi bwasibije (...)

Ubuserukizi bwa Amerika burahakana ko ata bategetsi b’abarundi bwasibije urugendo

jeudi 8 Gitugutu 2015, par egide

Ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi burabeshuza amakuru amaze iminsi akwiragizwa, avuga ko hari abategetsi b’abarundi basubijwe inyuma mu gihe bari bashaka kuja muri ico gihugu, bivuye ku cuka coba kitari ciza hagati y’Uburundi na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Mw’itangazo ubwo buserukizi bwasohoye, bamenyesha ko abo bategetsi b’abarundi bavugwa ko bankiwe kuja muri Reta zunze ubumwe za Amerika batigeze batanga amadosiye asaba uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu (Demandes de visa). Muri iryo tangazo bakavuga ko uwusavye wese kuja muri Amerika, hari igisata kijejwe kwiga dosiye y’umuntu umwumwe wese, hisunzwe amategeko agenga uruja n’uruza muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ayo makuru avuga abategetsi ba Reta y’Uburundi bankiwe kuja muri Reta zunze ubumwe za Amerika yatanguye gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi inyuma y’aho umugambwe CNDD FDD usohoreye itangazo ryiyamiriza ibihano umuryango w’ibihugu vya buraya wafatiye abategetsi bane bakomeye bo mu rwego rw’umutekano, ibihano bibabuza kuzokwinjira mu bihugu bigize uwo muryango, hamwe n’ugufata amatunga boba bafise muri ivyo bihugu.

Muri ayo makuru yakwiragijwe, bavuga ko umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, ari kumwe n’umuyobozi mukuru w’amabarabara, bankiwe kubandanya urugendo bari barimwo mu gisagara ca Addis-Abeba, bashaka kubandaniriza muri Reta zunze ubumwe za Amerika.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nta ngorane. None ko batagiye habaye iki? Ego data barabahaye izo visas

  • Ewe jean soma wumve nta visa ija muri USA bigeze basaba soma neza

  • Uwu numwanguho ukwiragizwa nabansi b’ burundi kugira baba she kuronka abaguma babizera na bamwe bakoreshwa nkibikoresho vyabo bagume bashinga. Amatwi ngo nibihugu vyosi vyadukuye kwa maboko ariko iyoporitiki yukurementanya ntahizobashikana ahubwo nkabagifise agatimma bogarutse bakishikana nayubundi ho bazokwibuka kwikangura bwamaze guca.

  • Na bado!!!!!!!!!Hanurana amazi atararenga inkombe mugarure confiance mu bantu bari babafitiye mwoye kwiha ibara

  • yemwe aberwa aberwa nikibazo cuburundi ndasubiye gusaba kuba umuhuza wabarundi hagati yimpande 2 cenarede nareta yuburundi ntiwiyumvire ngo ivyananiye abandi wwe woshibora ntibananiwe nuko banse kuùga ukuri kubovyega bondondera 0726502452 Hatabayemo Agakengere

  • yemwe aberwa aberwa nikibazo cuburundi ndasubiye gusaba kuba umuhuza wabarundi hagati yimpande 2 cenarede nareta yuburundi ntiwiyumvire ngo ivyananiye abandi wwe woshibora ntibananiwe nuko banse kuùga ukuri kubovyega bondondera 0726502452 Hatabayemo Agakengere

  • nn usa ishaka kugira nkivyo bagize kadafi ntimubigerageze kuko harico abo mumwita abana banyu mupfutse umutaka natwe tutarabanyu kandi ntibikabe kuko mwoba mwa subiriye imana imana ibadukiza isi siyanyu

  • Ahubwo murabaraba ntibatoroke,bitwaza ngo bagiy hanz muvy’akazi!

  • None bari bagiye he ata na visas basavye? Iyo ni imvugo ya diplomatie icabaye co carabaye kuko ministre na DG ntibariko baradoda umunyenga w’indege..Buja-Addis-Buja

  • Mbega bwoba bwarubwambere abarundi bagiye muri amerika? ndamwumviriza avuze ko batazi iyo baca. Amerika ivyayo biragaragara kwifise akariganga muhogo nk,incira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.