IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire buremeza ko atakirahinduka mu gutanga (...)

Ubushikiranganji bw’imigenderanire buremeza ko atakirahinduka mu gutanga impusha zo kuba mu Burundi

jeudi 11 Ruheshi 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu burabeshuza amakuru avuga ko yahinduye uburyo itanga Uburenganzira bwo kwinjira mu Burundi.,biciye mu buserukizi bw’Uburundi mu bihugu bitandukanye.

Nk’uko biri mwitangazo ry’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ryo kuwa 10 Ruheshi,2015,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ayo makuru atangwa n’abantu hamwe n’ibinyamakuru bishaka kujuragiza abasanzwe bafasha Uburundi.

Ubwo bushikiranganji buhamagarira abasaba kwinjira mu Burundi bose,guca mu nzira zizwi n’amategeko,hanyuma bakima amatwi ivyo vyose vyotuma bitosekaza ubucuti buri hagati y’ibindi bihugu na Reta y’Uburundi,canke izindi nyungu za Reta y’Uburundi.

Messages

  • Ibihuha vyo bizoguma bihari tant que mwanse ko amaradios yugururwa!

  • none boba bavyifondeye nukuri nibitaba arivyo nibareke gukinisha imigenderanire nibindi bihugu kuko ntamuntu kwisi nzima adakeneye uwundi utari ikijuju.

  • Ego MUCO nivyo namba bashaka ko inkuru ziza arizo,nibugurure ama Radios bugaye none bashaka ibintu babikore atanumwe amenya nakimwe? Nibareke ibimenyeshamakuru bikore kandi navyo bivuga ayo vyatohoje,mwugaye amaradios mwibaza ngo mwugaye n’iminway’abantu?

  • ariko ababeshi we!!!! ariko namakungu nahagabire areke gukorera kumvugo zidafashe, aho babariza ivyigihugu barahazi, igihugu gifise inzego zizigiwe zumvikanyweko nabose nsinumva impamvu hari ibigwarudubi vyita mubitabaraba.

  • Nashaka guhanura uyu mushikiranganji y uko yokora ibishoboka vyose akavuga ukuri,igihe aheruka mu Bubirigi yaravuze neza ko atakuri afise kuko ivyo avuga vyose ari imvugo za politike.Nobamenyesha ko ikintu cose gifise intango kizogira n impera.Mu Burundi nta matora azohaba kuko ntashoboka.none muri cndd -fdd uwize ni Nkurunziza wenyene?Ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka ,turiko turasenga kugira ivyo Imana ishaka ku Burundi Bikoreke.Ukuri murakubona gusa ,mushima kutiteranya na Boss wanyu,ariko impera ya FDD yageze kandi izoba mbi ,kuko Imana ntisinziriye.Amarira yose abavyeyi bari kurira azishurwa.MUzobona ibara reka kubesha ,ikinyoma ntawe cereye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.