IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buracagirizwa icanishamwo (...)

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buracagirizwa icanishamwo imigambwe

vendredi 11 Gitugutu 2013

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buragirizwa ugucamwo imigambwe amashami, nk’uko vyagiye biramenyeshwa n’abitavye uruganda ruriko ruhuza abari mu migambwe imwe imwe iri muri Leta canke itari muri Leta iri mu runani ADC Ikibiri eka n’iyindi ataho yegamiye, co kimwe n’amwe mu mashirahamwe hamwe n’urwaruka ruri mu migambwe, bikaba vyateguwe na Initiative et Changement-Burundi Tugenderubuntu.

Kuri ivyo vyagirijwe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati muri iyo nama ko ariyo iri kw’isonga mu gucanishamwo imigambwe, ndetse ukwo kuyicanishamwo kukaba arikwo gutuma havukamwo amashami muri yo aho batanze akarorero k’imigambwe nka Sahwanya Frodebu yavutsemwo Nyakuri, FNL yo ikavamwo amashami arenga atatu, UPD Zigamibanga nayo nyene ikaba yavutsemwo irindi shami inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010n ndetse n’amashengero akaba yagiriza ubwo bushikiranganji ko amwe amwe acikamwo amashami ku bwayo, kuri ivyo vyose rero, umupfasoni Menedore Ndayisenga yaserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yariyamirije izo mvugo, aho amenyesha ko ubushikiranganji yaserukiye butigera bwinjira mw’itunganywa ry’amashirahamwe. Muri ubwo bushikiranganji nyene bakaba bamenyesha ko ubu hasigaye hariho urwego rw’ukwumviriza amatati yama yiyadukiza mu mashirahamwe, kugira baze barabafasha kuyatorera umuti hakiri kare, ibintu bitarayangara.

Patiri Desire Yamuremye umuhinga mu vya politike

Muri ico ikiyago rero, umuhinga mu vya politike patiri Desire Yamuremye akaba avuga ko hari amaleta acamwo amashami imigambwe canke amashirahamwe mu ntumbero yo kuyagabanya inguvu kugira bagumane ubutegetsi, abandanya avuga ko ivyo, iyo bishitse ababikoze bohindukira bakaraba ko hari ico vyashitseko. Avuga ko mu gihugu c’Uburundi kenshi usanga vyagirizwa umugambwe uri ku butegetsi n’ubushikiranganji, na cane cane ko uyo mugambwe ariwo urongoye igihugu, kandi ariwo utegerezwa kubazwa ibiba mu gihugu vyose.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.