IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’umutekano bwatanguje umugambi w’«igiporisi kizira (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano bwatanguje umugambi w’«igiporisi kizira igiturire »

mercredi 13 Ndamukiza 2016, par egide

Ingingo zikomeye zarafashwe mu bisata vy’ubushikiranganji bujejwe umutekano mu ntumbero y’ugutuza igiturire mu Burundi. Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI aragabisha abaporisi hamwe n’imyamiramabi bazofatwa bahawe canke basavye igiturire abanyagihugu.

Nk’uko uwo mushikiranganji yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ibisata bikomeye vy’ubwo bushikiranganji burabwa n’izo ngingo zitashizwe ahabona, z’ukurwanya igiturire, ni mu giporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara, igiporisi kijejwe ivyinjira n’ibisohoka ku mbibe z’igihugu, igiporisi kijejwe amatohoza, igiporisi kijejwe kwakira n’ugutunganiiriza abandi, hamwe n’igiporisi kijejwe imirimo y’ugusaka n’ugusuzuma.

Muri ivyo bisata vyose, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko hari vyinshi bishasha vyategekanijwe mu ntumbero y’ukurwanya igiturire.

JPEG - 41.9 ko
Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano

Mu bibanza vyose bikorwarwamwo n’igiporisi, hagiye gushiraha ivyapa vyanditsweko amajambo avuga ati : « Igiporisi kizira igiturire. »
Alain Guillaume BUNYONI agasaba abanyagihugu kutazosubira kwemera gutanga igiturire.

Umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ko kuva ubu ibikorwa vyose vy’ugusaka bizoba bihagarariwe n’abajejwe intwaro, kandi inyuma y’ivyo bikorwa hashirwe ahabona icegeranyo kizoterwako umukono n’abakoze ico gikorwa kandi bitwaje ibibaranga, hamwe na nyene gusakwa azotera umukono kuri ico cegeranyo c’ibizoba vyafashwe, kugira ntihagire ibintu bisubira gutakara nk’uko bimaze kwibonekeza mu bikorwa bimwe bimwe vy’ugusaka.

« Igikorwa cose kijanye n’isaka kibwirizwa kurangwa n’icegeranyo, hariho icafashwe kikerekanwa, n’urwandiko ruvuga ico kintu cafashwe, hamwe n’umukono wa nyeneco. Aho igikorwa c’isaka kizobera hose hazoba hari abarongoye abandi, hamwe n’intwazangabo ibwirizwa kubazwa ibiriko birakorwa, hanyuma kigakorerwa mu mwanya uzwi kandi biciye mu mategeko abigenga. »

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje kandi ko urupapuro rutanga uruhusha rw’ukugendesha imodoka rugiye guhindurwa vuba, hatangwe urukozwe mu buhinga bwa none, kugira abigana izo mpusha, hamwe n’abakoresha impusha za magendu bafatwe.

IGIHE

Messages

  • uyo numutama dukunda cane korakazi mutama abajingitwa bajingitwe!!turashigikiye igipolisi kizira igiturire!

  • ABAHUTU NTANTUMWE AKOMEYE ARIMWO

  • uwonyene yari kuva aho yemeye ko ahdeuye kurya ibiturire

  • Ayo matama yawe ko yahishiye nkumuntu arya igiturire,aka gatipe ka bunyoni nani karimonoye umenga naga kongomani.

  • Mon frère Bunyoni pourquoi cela en 2016? De bonne promesses et par quel courage? Un signe de bonne volonté devrait commencer par vous après avoir remis àl’Etat cette maison que vous avez caché dans BABIKAKURE pour que lumitel vous verse de grosse somme sans qu’on le sache mais une attitude négative n’est pas profitable et c’est par la corruption que vous avez anéanti tout l’appareil juridique et qui porte aujourd’hui toute la responsabilité nationale parce qu’il voit le pays tomber bas sans rien faire.Je m’en réjouis car si en ce moment j’étais magistrat dans un au moins tribunal du pays je me suiciderai àleur place pour offrir àDieu cette institution impuissante depuis que j’ai l’age de prononcer correctement mon nom .Que la terre vous soit légère cher magistrat dont la faculté vous a permis seulement de choisir de belle fille au campus mutanga et ne laisser les moins favorable àla faculté de médecine ou celle de la fsa (faculté des sciences appliquées) qui ne sont pas redevables àla société burundaise

  • weeeh bono. fraicheur iyo!!

  • Jewe ivyo birantangaza, kuvakera mwamye mubitangaza ariko igiturire, nticahagaze ahubwo ciyongeye icuro ijana kwijana. abo mudondaguye nibo bambere mukurya igiturire, abakabiri nabo mubushikiranganji bujejwe indero, umuryeshure arangije ishure yu kwigisha, adatanze iraki zi 3,canke arenga ntaronka akazi.tutibagiye munzego zohejuru,atacufise ntacuzogenda ubukuyeko, ahandi naho ukabazwa umugabwe urimwo. utari murumwe wa bagumutsi Cdd fdd nugutaha bakubone hakirikare. uwundi nawe ngo uwufise ikwi rwarya ibihiye,ubwo butegetsi bwo mutwaro nibwo buzohora buyakusanya, ahubwo mutanzinguvu zokurya ivyo biturire.cangatatu,kokwa Nkurunziza komutahavuze nawe ariwe mukuru wabanya ibiturire nokunyuruza imitungo yigihugu ? uwuza gutuza bakaboko ahera kumukuru wabooooo.

  • Nukuri iyomkuru irabereye IGITURIRE KIHAVUYE NUKURI NTAMUNTUMUTOMUTO ATOBISHIMA

  • Ivyobavyita kwihera impundu mukigunda ukurwanya ibiturire ntivyashobotse hari inzego none bizoshoboka ubu atazihari

  • yemweeee...... nukuri nimugerageze kandi hamwe uwo mugambi wokwubahirizwa mu burundi amahoro yoba abonetse.

  • IYO NGINGO IJE HAGEZE TUZOSHIMA IGIYE MU NGIRO ARIKO NIMUDUHE UMURONGO TUZOZE TURATANGA AMAKURU.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.