Accueil > Amakuru > u Burundi > UE yatanze imiriyoni 3 z’amafaranga y’abanyaburaya yo gufasha impunzi (...)
UE yatanze imiriyoni 3 z’amafaranga y’abanyaburaya yo gufasha impunzi z’abarundi muri Tanzaniya
mardi 9 Ruheshi 2015
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko rigiye gutanga imiriyoni z’itatu z’amafaranga y’abanyaburaya azofasha mu gushikiriza ivya nkenerwa impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya.Ayo mafaranga yavuye muyangana imiriyoni 52 z’amafaranga y’abanyaburaya ategekanijwe gufasha mu karere k’ibiyaga binibi.
Nk’uko vyamenyeshejwe na Christos Stylianides komiseri ajejwe ivyo gufasha imbabare mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,impunzi z’abarundi zabandanije kwiyongera,mu gihe mu karere ibintu bisanzwe bitifashe neza neza.Yavuze ko ayo mafaranga aje kwerekana ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryitayeho abarundi hamwe n’akarere k’ibiyaga binini muri rusangi.
Christos yavuze ko impunzi zihungira mu Rwanda,Tanzaniya,Republika iharanira Demokrasi ya Kongo zivuga ko zihunga ihohoterwa n’iterabwoba,hamwe n’ubwoba bwo kugirirwa nabi.Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abarundi bababa ibihumbi 100 bamaze guhunga igihugu.
Igihugu ca Tanzaniya nico ca mbere kimaze kwakira impunzi nyishi n’ukuvuga impunzi 51 603,hagakurikira Urwanda rufise impunzi 29 907 hamwe na Kongo ifise impunzi 10 044.
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko rikurikiranira hafi ico kibazo c’impunzi z’abarundi,kuko rimaze gutanga umuriyoni 1,5 w’amafaranga y’abanyaburaya yogufasha impunzi z’abarundi ziri mu Rwanda.
Mugisha
Messages
9 Ruheshi 2015, 20:42, par Kajoyce
Barakoze.Ariko Ntibihagije Mugihe Badafashije Bimwe Biboneka Gutorera Umuti Icatumye Bahunga Maze Bagaruke Mu Bwa Nyaburunga.
10 Ruheshi 2015, 07:13, par Claude ndayiragije
Nivyiza ariko bakwiye nogutang impanuro kugira ng,abahunga ntibo ngerekane habagahengwe mugihugu tureke guteran amajambo reta nayo yugur ama radio kugra radiomunwa ibeshuzwe
10 Ruheshi 2015, 07:27, par renovat
emwe ubuho bagiye kuronka abashonji benshi. wibazara koharikindi bajayo barondera none nkabo bahunga bahungiki? bagende bareke mbona igihugu kiguma cuzuye abantu.