IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukwezi kuraheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA anyurujwe

Ukwezi kuraheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA anyurujwe

lundi 22 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ukwezi kwose kwakwiye kuri uwu wa mbere, ku munsi ku munsi, atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Inzego z’umutekano z’Uburundi zamenyesheje ko atarizo zafashe uwo mumenyeshamakuru.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

JPEG - 128 ko
Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yumvise amakuru yavuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.

Uwo murwi wemeza ko wagiye mu ntara ya Muramvya, bashika ku nzu y’uwujejwe igendereza batamuteguje, baheza bamusaba kwinjira muri iyo nyubakwa.

"Twararavye iyo nzu, icumba ku kindi, hamwe no hanze mu kigo, ariko nta kimenyetso na kimwe cokwerekana ko Jean BIGIRIMANA canke uwundi muntu yoba apfungiwe muri ico kibanza twabonye."

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko bararondereye no mu bindi bibanza harimwo no mu busho bw’igiporisi, ariko aho bigeze, uwo murwi ukavuga ko utarashobora gutora irengero ry’uwo mumenyeshamakuru canke amakuru atomoye y’ubuzima bwiwe.

Muri CNIDH basaba igiporisi ko mu matohoza kiriko kirakora, coshira inguvu zikomeye kuri zone ya Bugarama, aho biboneka ko Jean BIGIRIMANA yazimanganiye.

Ukwezi kwose kukaba guheze mu muryango wa Jean BIGIRIMANA hamwe no mu kimenyeshamakuru IWACU batazi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru, ata n’uwuzi namba yoba akiri muzima canke yaragandaguwe.


IGIHE

Messages

  • Ibintu Vyo M’uburundi Imana Niyo Yonyine Izodutabara Kuko Nakababaro Gusa.Ahubwo Yumve Ugutakamba Kw’abarundi

  • Ngoyahagaritse nabande!?.

  • Jew Mbonako Uwo Mumenyeshamakuru Atahandi Yoronderegwa Atari Muntara Yamuramvya Na cane Cane Muriyo Zone Yanyururijwemwo Kandi Ndasavye Uwo wese Yokwumva Inkuru Yuwo Mumenyeshamakuru Kibimenyesha Mumaguru Masha Nacane Cane Akihutira Kubimenyesha Abo Mumashirahamwe Aharanira Agateka Kaz,ina Muntu Kandi Tudasaba Uwo wese Yoba Afise Uruhara Mwiryo Nyuruzwa Ryuwo Mumenyeshamakuru Kumurekura Ataco Arinze Gusaba

  • Je numva ayo matohoza atagoye, iyo numero yahamagaye umugore wiwe bakimufata nibayirondere mubiro vyuyo muhora barabe ko badaca bamutora, ngaho ikigoye nicahe?

  • abamutwaye bose Imana yarababonye Irihorera.

  • Uyu mugabo yahungiye mu Rwanda agezemo Kagame amukubita agafuni kugira amahanga abyegeke kuri Leta yuburundi.

  • Uwomunyamakuru niyabayaraphuye arobayiahwe canke yanyurujwe nakarwigakoreshwa na Kagame kuko amatwi ansumira ngwimbere yinuraryiwe yaheruka kuvarwanda ngwicogihe rero yarirwanda ngobamusavye ngwatangaze kwaciye ahitamwo kwiyakira ubuhungiro Rwanda ariko nawe nkumuntu atamenya kobizomugirira ingaruka ngoyaxiye abishura ataxoyinona ngo ahontahunze mumwziyaheze ngubusihonohunga.
    Ahohantu barundibarundikazi muhacungeneza kuko indongozi zicogihugu kibanyi zitubaniyenabi umurundi etemeye guhugunga babonakoborondera ukobamwica bemera uwemeye guhunga kandibaravyerekana ntibabihisha.

  • iryo nyuruzwa. ryuwo mumenyesha makuru rirateye ubwoba. ntakiba baje nko kwiyumvira kwaka ubuzima umuntu kandi atariwew wabumuhaye! mana. garukira abantu bawe.

  • Ariko jewe abarundi murantwenza nivyabiziga batora barikumwe numwe akorera iperereza yamuhamagara kuri telphone naba arikindi murondera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.