IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umubonano mw’ibanga w’umukuru w’igihugu na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD (...)

Umubonano mw’ibanga w’umukuru w’igihugu na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD

dimanche 20 Ndamukiza 2014

Inama yahuje umukuru w’igihugu n’abantu batatu batatu baserukira urwaruka rw’Imbonerakure ku ntara ku ntara, hamwe n’uwurongoye urwaruka rw’Imbonerakure mu ntara yose, muri iyo nama hari hitavye kandi Pascal Nyabenda arongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu.

Amakuru dukeshi bagenzi bacu bakorera Radiyo Isanganiro mu ntara ya Ngozi , avuga ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yoba yariko ahanura urwo rwaruka ruva mu mugambwe iwe guhindura inyifato, ku bimaze iminsi bibavugwako. Ayo makuru nyene, akabandanya avuga ko umukuru w’igihugu yociye abandaniriza mu ntara ya Kayanza aho yabonaniye kuri uyu wa 19 Ndamukiza n’abasirikare bakuru bakuru n’abaporisi bamuka muri uyo mugambwe CNDD FDD.

Inyuma y’aho, umukuru w’igihugu akaba yabonanye n’ibicocoro bahoze ku rugamba muri CNDD FDD ariko ubu basubijwe mu buzima busanzwe, bahurikiye mw’ishirahamwe NONOKA. Inyuma yaho, Petero Nkurunziza akaba yabonanye n’abasitanteri bose. Mukamenya ko iyo mibonano yose yabaye mw’ibanga, ata mu menyeshamakuru n’umwe yashoboye kuhinjira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Icaha gikorwa mwibanga numugambi mubi nuko nyene ariko imbere y,Imana si mwibanga.

  • hangama nyakubahwa mukuru wigihugu turagushigikiye .utagushima yoshima nde?

  • Ntamumenyesha makuru yari kuhinjira kuko mutakigira ibanga mubika,mwitwaza ngo namategeko yumwuga,ngwabarekurira kutagira icomwokwiyubara,ahubwo nibanga ryo munzu iwanyu muhakwa kurivugira kuma Radio,mwitwaje ngo ni Democratien,iyo democratien yokutagira ahomubika akabanga niyahe,mwebwe abamenyeshamakuru mukumiriwe mukiriko ndabarahiye!!!!.

  • Wewe wiyita umwami,eseyaba warufise impuhwe zokutanigagura bene wanyu ukabura ibanga.None vyose ntanakimwe ufise.Ushaka amaradiyoahore muhaye munigagura abantu!!Amaradiyo turayashigikiye hamwe naba menyeshamakuru bayo.

  • nuwendeye inabukwe mukuzi vyaramenyekanye bizohishurwa naho mubinyegeza tuzobamenyera kuvyo bama.iryo nijambo ry,Imana.arabe atari wamugambi wiwe wokubesha ngo aracashigaje ikiringo cokwitoza.natahukanamabamba umunyu waheze.

  • Umumenyeshamaku,si itegeko ngo yame yivanga muri vyose.ndetse nivyo musanzwe muzi ko bamwe bamwe arabanyepolique,bagaca bigira ba maneko.Kandi ntaho ryigeze riba inama y’ibanga ijamwo beneyoooo!Nibareke rero kwifondera ngo barazi ivyahavugiwe,ivyo bavuga vyo nibinyomaaaa.

  • Abarundi nibo bayamaze ngo irisohotse riba rirenze impinga kandi irikwanse rikwanka munda kandi ngo nuwendeye Inabukwe murugarama vyaramenyekanye

  • Uyomugabo yigira umwami,nyomba arumwami wi sazi,iyohataba abamenyeshamakuru tuba twaromotse,mutegura kumara abantu bakaba batwibiye akabanga.Ahubwo nibakomere,nayo ivyanyu bizoteba bija ahabona.na Farao yigira ikigatanya ibisiraeli baramucitse

  • Uyomugabo yigira umwami,nyomba arumwami wi sazi,iyohataba abamenyeshamakuru tuba twaromotse,mutegura kumara abantu bakaba batwibiye akabanga.Ahubwo nibakomere,nayo ivyanyu bizoteba bija ahabona.na Farao yigira ikigatanya ibisiraeli baramucitse

  • Reka bazotangare,nibumva RPA ibivuze kandi itaririyo.Kimwe twezerako nyenicubahiro umukuru w,igihugu amanyembwa yibibi we akorwa nizo mbonerahafi,atayamenya,ahubwo bikorwa ntabamwe bahawe ivyicaro mu mugambwe batabimerita.

  • Mwami nonengahuvuziki?ivyimbonerakurevyirirwabivuga ntibizwi?icegeranyo mpuzamakungu nticasohotse?mugumamuharira??nonivyanyegeza nibiki?yiyociki?kubu isiyonse izikubutegetse bwatanze ibirwanisho mukanka nukwamatohoza yoba nikimenyamenya nukobirukanye uryamuntu aserukira leta ya USA kandi atamatohoza araba mwankaguhanurwa muzokumvirayo komeza ngowankakugarura impene ikirihafi yamarakurenga imirambi ukabirankayo none ntimubibona?

  • ikizova mw’ibanga ry’ukurondera ingene mumara abantu ntaco rimaze!!!Imana ihora ihoze ntizobigira ibanga bizomenyekana!!

  • Mwami kutagira ibanga bisigura iki?ayo mabanga bamena Nayahe?Nivyiza ko yagirishije inama ariko nubu iteye amakenga uravye iyo mirwi yatumiye kandi ikaba mwibanga?ubu naho azocagirisha inama ya basoda naba police na basubijwe mubuzima busanzwe bahora muri leta?ataruko harimwo amakenga?bamwe bavurwa mucegeranyo baribayitavye?...................?!

  • Uwo Mwami ivyoyavuze abifitiyuburenganzira bwokubivuga, Hanyumarero nagombakubabwirako kubumumenyeshamakuru nikintukimwe, ubwengenabwo burakenerwa, kandubwobwenge mwitangazamakuru bwisunga akarangamutima kumwuga bigafatana nogukunda igihugu ukoreramwo vyukuri tutibagiwe nokwubahiriza abarongoye inzego zigihugu ukozigendazirahindagurika wewe mumenyeshamakuru ukwiyekuguma uriwawundi, muribwabwenge nihohava ijambo rivugango: NYAKWUBAHWA NYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU CACU..........YAKORANIJE............ARIKOTIYASHIMYE KOTWEBWE ABAMENYESHAMAKURU TUYIKURIKIRANA, Ariko harinaho ushobora nokwinumira ukarindira kugeza umenye icavuyemwo vyosebirimuribwabwenge. Harumwana yigamu Bubiligi aherutse kumpamagara ambarirango’ mbega abamenyeshamakuru biyo iwacu bibazako kuvugavyose arikwokwerekanako urigihangange? Yambariyati jewe narigeze gushavuza numwe muba polisi bahano ngomaze incambona umumenyeshamakuru arambaza ukobimeze nonehondamubwiravyishi ariko muvyonamubwiye naravuzengo yombarukuberako ndumwiramure!? Ivyovyose yarabifashe, Atariko mugusohora inkuru ryajambo rivugango yombarukuberandumwirabure nasanze yararikuyemwo, naciyenshimira Imana kubona atarishizemwo ngokuko najewe ubwanje nyumayokumuha amakuru nasigayenibaza icatumwenshiramwo iryojambo ryogushusha urugamba kukonabatarabirabure ivyanshikiye nabobirabashikira,Nunomusi ndakundacane abamenyeshamakuru bomu Bubiligi.Ahorero iyonkurikiranye abamenyeshamakuru biwacu mu Burundi mengobarazwinshinga nokurondera ikintucotuma imitweyabarundi ishuha, biragoyekwigisha umumenyeshamakuru ukwakwiye gutanga inkuru arikoharakenewemwo ubwenge nkubwo uwomumenyeshamakuru wumu Biligi yakoresheje kunkuru narinamubwiye. Nashakakubabwirako umumenyeshamakuru ashoboraguhura numuntu akamubwira ibintu vyukuri canke ububeshi akamubwirati urazovuga nizinaryanje, umumenyeshamakuru ntahezangwakorere kuvyo uwomuntu amubwiyegusa icoyirinda nukwongeramwo ibindi ariko aragabanura ariko yisunze akarangamutima kumwugawiwe bwabwengenabwo navuza butibagiwe. Harumuntu ashoborakubwira umumenyeshamakuru ngo mumezi atarenga ayanaya tuzoba twarashe Bujumburayose yose, ahorero kumumenyeshamakuru hacakenerwa bwabwenge imbereyogutanga ayomakuru.Ndashaka kurangiza ndababwirako umumenyeshamakuru aharihose akwiye kwamayibangikanije mwabwabwenge navuzeko ashobora kuronka inkuru ifisemwo intumbero yogushusha uruhigi (gukokeza) umumenyeshamakuru akwiyekwirinda uwushaka kumucishako inkuru ifitanye insano nivyobintu.Ariko haniwacumu Burundi ugiraguti ukumva abamenyeshamakuru bagize uruganda rwibintubisa nogukokeza 9gushusha uruhigi) navyomuzobisanga mugutegura ivyobita rugandarwabamenyeshamakuru ukazosanga bibandacanecane kukintu kitagendaneza kuri reta,kugirantivyitweko arugukokeza iyababategura nuruganda rwokuvuga ivyizabikorwa na reta navyo, canke bagategura uruganda rwokuvuga abatavuga rumwe na reta bakabavugaho ivyiza bakora canke ibibibakora, mazemukareba ukuntu abamenyeshamakuru bacubi Burundi ukuntu bamamazwa mumakungu nabarundibose, abangushinabo ninjavyi zigakomeza kumaramara, Nukwinama ikabingongo! tugiramahoro ndaramukije.

  • Ahubwo mwebwe abo mukibiri murantangaza,mbega aho mwikanga amabinga nikuberiki?.ugwo rusaku gwanyu mworugeza ngaho?.unve uyo mubegito nawe,ngwivyo ONU yashikirije,birya vyanditwe mwikete ryanditswe nuwo Leonce none uradutse ngwivyo abaserukira ONU yashikirije.wewe nzojibwami ntukurikirana ibivugwa nivyandikwa.zamukura izo nsaku zanyu,uwonawe ngo RPA ngwizobivuga?,izovuga ivyo itamitswe na ADC ikibiri,amaso yibikere ntabuza abavoma,mwoshaka mwotekereza,mudatekereje naho murashobora kwiyahura!,ico mutegerezwa kumenya nuko igihugu kirongowe n’umugabo w’ijunja nijambo.nimuduhe amahoro,mureke gusakuza.murabona ako kamaramaza.

  • Ubugabo sizunza ahorero baguhenze wwe niwirire amaraso yabenewanyu mwirirwamunigagura hamuceceke nawejo niwwe icowomenya abuhayagiza ntibabona iyobaja vyaragaragaye kwinda aribashirimber wibaza kwivyoharindwi izohera bitaramenyeka?nuwendeye inabukwe murugarama vyaramenyekanye akonakazka kiramvu erega dd harimwabubweng nubwobadahabwa agaciro
    ibicirobagumabaduza gendawarakubiticwe dd

  • Ariko Nkurunziza ashobora kubonana ni mbonerkure zonyene gute?abasirikare basubijwe mubuzima busanzwe baba DD ?!intwazagabo zirimugisirikare gute!?kandi akabigira biyugaranye gute!? Umukuru wigihugu yerekanye ko atakisirikare kihari wenyene yakivaguye?imbonerakure zibonana numukuru wigihugu nkande!sugwaruka nkababandi barundi? Barundi mwese mwiboneye ko DD ivyo yateguye igire ibishire mugiro ntakuntu umukuru wigihugu ashobora kuvangura igisoda cigihugu wenye ubwiwe?ntaho vyakabonetse

  • nahebe kuvuga kumaradiyo ariko kumana azodedemba.kuko naho atovuga amakuru yibiba vyose canke butegurwa naba dd turabimenya

  • nahebe kuvuga kumaradiyo ariko kumana azodedemba.kuko naho atovuga amakuru yibiba vyose canke butegurwa naba dd turabimenya

  • nahebe kuvuga kumaradiyo ariko kumana azodedemba.kuko naho atovuga amakuru yibiba vyose canke butegurwa naba dd turabimenya

  • Ewe nkurunziza uranteye ikigongwe mbega urazi ukuntu bibabaje guhunga amahoro nukuntuwarukiri muto izonama ukoresha mumpisho ko uzitanguye utevye ubona intarazose uzozimara ryari? Gerageza urabeko wozizunguruka zose hatarababa ubwire abawebose inziramuzocamwo muguhunga niyomuzohurira.sha abasokuru nibobayamaze ngo:<<umwana yankwa niwe akura>>. Harya [Obama Rwasa] azosigara aragitwara nawe upfungiwe muri ya sentare mpuz’Amakungu y’Irahe kuko bavuga ngo:<<Urucira mukaso rugahitana Ewe nkurunziza uranteye ikigongwe mbega urazi ukuntu bibabaje guhunga amahoro nukuntuwarukiri muto izonama ukoresha mumpisho ko uzitanguye utevye ubona intarazose uzozimara ryari? Gerageza urabeko wozizunguruka zose hatarababa ubwire abawebose inziramuzocamwo muguhunga niyomuzohurira.sha abasokuru nibobayamaze ngo:<<umwana yankwa niwe akura>>. Harya [Obama Rwasa] azosigara aragitwara nawe upfungiwe muri ya sentare mpuz’Amakungu y’Irahe kuko bavuga ngo:<<Urucira mukaso rugahitana Ewe nkurunziza uranteye ikigongwe mbega urazi ukuntu bibabaje guhunga amahoro nukuntuwarukiri muto izonama ukoresha mumpisho ko uzitanguye utevye ubona intarazose uzozimara ryari? Gerageza urabeko wozizunguruka zose hatarababa ubwire abawebose inziramuzocamwo muguhunga niyomuzohurira.sha abasokuru nibobayamaze ngo:<<umwana yankwa niwe akura>>. Harya [Obama Rwasa] azosigara aragitwara nawe upfungiwe muri ya sentare mpuz’Amakungu y’Irahe kuko bavuga ngo:<<Urucira mukaso rugahitana Ewe nkurunziza uranteye ikigongwe mbega urazi ukuntu bibabaje guhunga amahoro nukuntuwarukiri muto izonama ukoresha mumpisho ko uzitanguye utevye ubona intarazose uzozimara ryari? Gerageza urabeko wozizunguruka zose hatarababa ubwire abawebose inziramuzocamwo muguhunga niyomuzohurira.sha abasokuru nibobayamaze ngo:<<umwana yankwa niwe akura>>. Harya [Obama Rwasa] azosigara aragitwara nawe upfungiwe muri ya sentare mpuz’Amakungu y’Irahe kuko bavuga ngo:<<Urucira mukaso rugahitana nyoko>>.

  • imibonano nkiyo ni myiza cane kuko ihumuriza abanyagihugu bafise ubwoba ku mbonerakure. turamukeje. IMANA IMUFASHE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.