IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umubonano ujanye no kwongereza ubumenyi n’ubushobozi ku nzego (...)

Umubonano ujanye no kwongereza ubumenyi n’ubushobozi ku nzego z’umutekano

jeudi 3 Gitugutu 2013

Umuhuza w’aburundi, Mohamed Rukara yarahaye umubonano abaserukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ abahoze ku rugamba, abaserukira ubushikiranganji bujejwe umutekano hamwe n’ umuyobozi w’ umugambi wo guteza imbere igisata c’umutekano DSS (Développement du secteur de la securite).

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 2 gitugutu 2013, umuyobozi ajejwe umugambi wo guteza imbere igisata c’umutekano , ALWIN Boogaard yaramenyesheje ko uwo mugambi usanzwe ufashwa mu buryo n’igihugu ca Hollande , muvyo bakora si uguteza imbere inyigisho ku gipolisi hamwe n’igisirikare ahubwo harimwo guteza imbere isuzumwa y’ intwaro rusangi.

Ndetse, uwo mugambi wama ukora icirwa uko imyaka ibiri iheze kugira bige ibikenewe vyose muri ico gisata c’umutekano n’ukungene abanyagihugu baba babona abo bajejwe kubakingira umutekano wabo mu kubaha nk’amanota. Ni muri iyo ntumbero uwo mugambi DSS (Développement du secteur de la secteur de la sécurité) wipfuza gusubira gukora ico cigwa kugira barabe akunguko kawo. Kubera ko uwo mugambi urondera ko wokwegukira abenegihugu, izo ntumwa zifujuije kumenya inzego zitandukanye zoshobora gukorana n’ibiro vy’ umuhuza kugira basigure ico cigwa.

Uwo mubonano wari uwo kugerageza gutororokanya ivyiyumviro bimve nimba ico cigwa cokorwa. Boogaard yamenyesheje ko abo bafashanya muri ico gikorwa hamwe n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi bahavuye bemeranije ko ico gikorwa bogikora.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.