IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA woba ukibandanya

Umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA woba ukibandanya

lundi 2 Ntwarante 2015

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu n’akabanyororo APRODH rimenyesha ko hoba hari umugambi wo kugandagura Bob Rugurika umuyobozi wa RPA hamwe na bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike.

Nk’uko Petero Karaveri Mbonimpa abivuga, abavuzwe mw’igandagurwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi Lucia, Olga na Bernadetta, nibo bavugwa ko boba bafise uwo mugambi mubi. Nk’uko Petero Karaveri Mbonimpa yabibwiye iradiyo y’abanyagihugu RPA, abo bafise uwo mugambi bakaba bashaka kubagandagura imbere y’ukwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka w’2015.

Petero Karaveri Mbonimpa rero akaba asaba Reta gukurikiranira hagufi ico kibazo, kuko hamwe abo bantu bokwicwa vyohava bita igihugu mu kaga. Amenyesha ko umugambi wo kugandagura umuyobozi wa RPA utigeze uhagarara, aha uwo mukuru w’ishirahamwe APRODH akavuga nk’ivyashitse aho uwo muyobozi yagiye gukurwa mw’ibohero ry’i Muramvya mw’ijoro, ariko akabankira.

Bob Rugurika umuyobozi wa RPA, Ijwi ry'Abanyagihugu

Aristide Nizigire

Messages

  • Petero Claver Mbonimpa,nawewe uravuga make kuko barakugwaye,iyo wubahutse ukavuga ko abavuzwe mw’igandagugwa dy’abo babikila mbe ugirango ntibiyizi? eka bambewe uraraba neza nawe ushobora kuba uri mubagiye kugandagugwa murino misi.

  • oya ntibazopfa bazobaho, babe baratabara abanyagihugu sha ni hapfe abataco bakimariye babure ikibakira bakigwe na shetani, murabona!!!!

  • Imana niyo nkuru, bategura imigambi mibi nayigaca icanzo, ntaho izore ka abashingatahe nkabo bahagarikiye igihugu ngo bagende itibiye akabanga abarundi.Ugira harico barategura gukora ngo bagishikeko kitaramenyekana!!bama babikora twabimenye kera .sha abobagabo kumabi bakoreye igihugu nabaco sinzi igihano bazohabwa,sinibazako na satani azobakira.Imana nihangaze Uburundi na barundi.

  • mana ukor’ibihambay kandi turazi ko udukunda turagusavy ngo ukingir abana baw na can can abo bariko bahogwa ukuri.amaraso y’umwana waw nabatwikire maz ukuri kwaw kubandany kwigaragaza.tugusavy tukwizey ko ur’Imana mushobora vyos.bikiramariya maw dusabire.

  • Igandagurwa ry’umuyobozi wa RPA ntakindi ryoba rigamije atari ukuzana akajagari mugihugu, kuko atamunyagihugu numwe azi ico iyo radio yamaze yovyihanganira.Nuko rero twirinde inyifato igayitse yugusesa amaraso yinzirakarengane. murakoze. er9e

  • imvugakuri misiyose yamibonwa nabi abarundi twararushe inrwano none bashaka duubir kuba impunz kand turiko turahunguka

  • hahahaaa !!! reka tubtege amaso ! arko abo bagabo je 6nibaza ko bafise umutima canke ubwenge nkubw’abandi bantu baremwe na rugira vyose! arko nta vyamaho ! none ko abasoma biblia ko bavuga ngo nta butware butava ku mana,n’ubwabo bwavuye ku mana? niba naho ariyo yabatoye ivyo bakora nivyo yabatumye ?

  • imana iramubona kandi umwansi aguciricobo imana ikaguciri canzo nareme umuntu apfa hageze.

  • wa muntu wiharaje kuzana irementanya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.