Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe Sahwanya FRODEBU usaba ko n’abandi bapfungiwe ubusa (...)
 Umugambwe Sahwanya FRODEBU usaba ko n’abandi bapfungiwe ubusa borekurwa
 Umugambwe Sahwanya FRODEBU usaba ko n’abandi bapfungiwe ubusa borekurwa 
				
				mardi 3 Ruhuhuma 2015, par
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU urashima irekurwa rya Patrick Nkurunziza, umukuru w’urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU n’urwa ADC IKIBIRI. Uwo mugambwe usaba ko ubutungane bw’Uburundi bworekura n’abandi bose bapfunzwe bazira ubusa.
Ingingo y’ukurekura Patrick Nkurunziza yasohotse ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, akaba yayi yafashwe kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2015, yagirizwa gukorana n’umurwi w’abarwanyi bateye mu ntara ya Cibitoke mu mpera z’umwaka w’2014.
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU umenyesha ko washimishijwe n’iyo ngingo y’ukurekura umunywanyi wabo, kuko ivyo yagirizwa bitari bifise ishingiro.
 
- Patrick Nkurunziza, umukuru w’urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU n’urwa ADC IKIBIRI.
Feniyasi Nigaba, umuvugizi w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU amenyesha ko muri SAHWANYA FRODEBU batari bashimye ifatwa ry’umukuru w’urwaruka rw’uwo mugambwe hamwe n’urwa ADC IKIBIRI, kuko ritari ryakurikije amategeko. Feniyasi Nigaba ati : "Ni akanyamuneza kubona ubutungane bwarabonye ko ivyaha yagirizwa bidafashe."
Muri uwo mugambwe basaba ko ubutungane bworekura n’abandi bapfunzwe bazira ubusa, aho bakavuga na Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA apfunzwe azira amatohoza yakoze ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu b’abatariyanokazi, Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 bo kuri paruwasi Guido Maria Conforti bita "Kwa Buyengero"
Egide Nduwimana

Messages
3 Ruhuhuma 2015, 14:42, par mukobwajana
ABA DD NTA WUZI ICO BASHAKA ARIKO TURAKIZI KUGIRA BAZOSIGARE BONYENE MUMATORA BARIKO BAGIRA ITERABWOBA NGO ABA NYA KIRUNDO BOSE HUNGA D APRES GIHAHE N ABAMENJA BANDI BIWE..AHANDI NAHO NGO SHIRA MURI PRISON UVUZE IBITAGENDA..EWE ADOPLHE NA PETER N ABANDI MUTUMA BUZOHURA N IVYABDITSE MURI PSAUME 108 ET 109