IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umugwi CNTB w’amatongo warukwiye gukurikiza amategeko-Pontien (...)

Umugwi CNTB w’amatongo warukwiye gukurikiza amategeko-Pontien Niyongabo

jeudi 20 Kigarama 2012

Icegera c’uwurongoye inama nkenguzamateka Pontien Niyongabo ahamagarira abarongoye umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y‘amatongo n’ayandi matungo gukurikiza amategeko aho guhengamira kuruhande rw’abahungutse gusa. Ni mugihe uwo mugwi CNTB wagirizwa ko uhengamira ku bahungutse abasangwa nabo bagakurwa mu matongo yabo.

Pontien Niyongabo amenyesha ko umugwi CNTB ujejwe ibibazo vy’amatongo warukwiye gukora ku neza y’abarundi bose. N’amategeko agenga uwo mugwi ngo niko abivuga. Mu ngingo y’9 havuga ko umugwi CNTB utegerezwa kunywanisha abarundi bose, abahungutse co kimwe n’abasangwa, gusasagaza amahoro mu bantu.

Uwo yahoze kandi ari icegera c’uwurongoye uwo mugwi ukijaho kuva mu mwaka w’2006, avugako uwahora arongoye uwo mugwi Padiri Astere Kana yakoresha umutima wo kuzuriza bose ata wandya wangura.

Iyo ngendo yo gukurikiza amategeko ngo yatumye uwo mugwi ugishingwa washoboye gutatura amatati arenga ibihumbi 13 kandi ibice 90 kw’ijana ni ivy’abasangwa n’abahungutse bumvikanye baragabura amatongo yabo ku bushake . Pontien Niyongabo atangazwa n’uko hariho amatati yatatuwe ariko arasubirwamwo n’umugwi mushasha CNTB.

Ico cegera ca kabiri c’uwurongoye inama nkenguzamateka avuga ko abarongoye CNTB bari bakwiye gukora ataho begamiye muvya politike n’ubwoko canke intara. Abona ko intumbero y’umukuru mushasha wa CNTB Serapion Bambonanire ishobora gutuma uburundi busubira mu matati mugihe atokoresha ubwitonzi ntangere.

Uwurongoye CNTB yaraherutse gushikiriza ko abahoze barongoye uwo mugwi cane cane icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka bakora bahengamye kandi bumvira amabwire y’imigambwe yabo. Uwo yagirizwa arabibeshuza yishigikije amategko kandi ngo n’umukuru w’igihugu yarashimye igikorwa cabo.

Ikibazo c’amatati y’amatongo kirateye impari n’induru cane cane hagati y’abasangwa n’abahungutse mu ntara za Bubanza, Makamba,Bururi na Cibitoke. Abasangwa bagiriza umugwi CNTB ko uhengamira ku bahungutse hanyuma bakirukanwa mu matongo yabo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.