IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuhuza w’abarundi asaba abarundi kwisunga amategeko agenga intwaro (...)

Umuhuza w’abarundi asaba abarundi kwisunga amategeko agenga intwaro rusangi

jeudi 24 Kigarama 2015

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ahamagarira abarundi bose begwa n’ikibazo ca politike kiri mu Burundi kwicara hamwe mu biganiro bibaye mu muco kandi vyitabwe mu ntumbero yo ku gitorera inyishu.

Mw’itangazo umuhuza w ‘abarundi yateyeko umukono kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Kigarama 2015,umuhuza w’abarundi amenyesha ko atewe impungenge n’ubwicanyi bwibonekeza mu gihugu,agahoza kandi imiryango yose imaze kubura abayo.

Muri iryo tangazo,Umuhuza w’abarundi asaba abarundi bose kumenya ko igihugu kigizwe n’ubwoko butandukanye kandi ko ubwoko bwose bufise uburenganzira bwo kwubahirizwa mu amateka yabwo.

Umuhuza w’abarundi asaba kandi abarundi bose kwisunga amategeko agenga intwaro rusangi,kandi bakubaha agateka ka zina muntu kuko arivyo bitegerezwa kuba ingingo nyamukuru ngenderwako.

Umuhuza w’abarundi yibutsa ko kuvugana bifise akamaro kanini mu bihe Uburundi burimwo,agasba abarundi gukoresha na cane cane imvugo yubaka.

Umuhuza w’abarundi arangiza yipfuriza abarundi iminsi mikuru myiza irangiza umwaka.

Messages

  • uwo muhuza yanditse ari mukihe gihugu?kuko kugeza ubu ntawuzi aho akorera.iyo muvuga muti umuhuza w’abarundi yasohoye itangazo a.........................

  • UMUHUZA NAKORE IVYAJEJWE KUKO NICO YATOREWE GUHUZA ABANDI

  • Ndagushimiye mutama. Hanyuma konaherutse waragiye kwivuza wobawaragize kamitende? Kuko hariho uwambwiye ngo warakize kera ngwahubwo ngowaciye uhitamwo kwifatikanga naba SindumujaMujeri.org? None kugerubu mwoba muri Burundi canke murugendo rwakazi? Inyishu kuwariwewese yobafise ukuri .

  • Pourquoi est ce que quand le dialogue approche ,les déclarations deviennent nombreuses?

  • Wewe Rukara we ni mnafiki hizi siku zote ulikuwa wapi? Katika wanaotuletea vurugu na wewe wumo

  • Uyo wewe avuye hehe??? ridicule.
    mugihe bishe abantu il n a jamais parlé, et maintenant, ashaka iki??
    Ewe mana yaremye abarandundi. imisiyose CDD-FDD ihekura abarundi, uyo nawe ngo ni umuhuza yaranyitse nka Nsoro, arindiriye ko ibigori vyera aze gusoroma. Nti bitangaje ni umu CDD-FDD. Ijambo ntibagira, atari kunywa amaraso y’abarundi ntakindi bashoboye.

  • nyakubahwa umuhuza icojewe nosaba uraduhuza nabarimyi bipfuza kuzana imitahe mugisata cuburimyi muguhingura umwimbu kuko tworonka abadufata mumugongo tworonka umwimbu mwinshi nuko harivyo tubura nkokubura aho tubika umwimbu nokubura isoko raba aho tugeze kurisite wb/ www.cpsburundi.org )turabenegihugu bagera ku800

  • TURAGUSHIMI NYAKUBAHWA RUKARA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.