IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba abarundi gukura amaboko mu mpuzu

Umukuru w’igihugu asaba abarundi gukura amaboko mu mpuzu

jeudi 4 Mukakaro 2013

Igihe Uburundi bwariko burahimbaza umwaka wa mbere inyuma ya yubire y’umwakaka, mw’ijambo rya Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yamenyesheje ko muri aya mezi ya Mukakaro na Myandagaro yahariwe iyinjira ry’ibikorwa amajana atatu vyaranguwe ku mugaragaro.

Nk’uko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ribivuga mu ngingo yaryo ya 74, umurundi wese afise igikorwa c’uguterera mu bikorwa vy’igihugu. Nyen’icubahiro umukuru w’igihugu akaba yabandanije akeza abanyagihugu bitavye mu bikorwa vy’iterambere rusangi, ivyo navyo bikaba vyarafashije mw’iterambere ry’igihugu kandi mu mwanya muto. Mu myaka itandatu gusa, abarundi barashoboye kwiyubakira amashure ibihumbi bibiri n’amajana umunani, ni ukuvuga amashure y’intango hamwe n’ayisumbuye, amakaminuza, amavuriro, inyubakwa zikoreramwo abategetsi bamwe bamwe, nk’abarongoye indero mu ntara, abarongoye intwaro, ibibuga vy’umupira bitandukanye, ingoro z’inama n’ibindi.

Umukuru w’igihugu abandanya avuga ko twisunze ubumwe twarazwe n’umuganwa atari umugani Rwagasore Ludoviko, ko dushoboye vyose, mu kwima na ntaryo ugutwi abanebwe, bamara umwanya wabo wose barindiriye ko buhwibira ngo batware utwa barundi, bikorere ivy’abiriwe barabirira akuya umurango wose.

Petero Nkurunziza akaba yasavye abarongoye abandi, abajejwe umutekano, ubutungane, abanyagihugu ko bogwiza umwete mu kugwiza ibikorwa, bizotuma n’umwimbu urwira. Akaba yaravuniye akagohe abatitabira ibikorwa rusangi, ko bokubita agatima mpembero ko ibikorwa vy’iterambere rusangi atakibi bizanira igihugu atari akunguko ku barundi bose, ko bakwiye kuvyitabira nyabuna atawusigaye inyuma.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.