IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > " Umukuru w’igihugu ntazokwemeza itegeko rigenga abamenyeshamakuru"

" Umukuru w’igihugu ntazokwemeza itegeko rigenga abamenyeshamakuru"

mardi 7 Rusama 2013

Abari mu mashirahamwe y’abamenyeshamakuru barungikiye urwete umukuru w’igihugu kuri uyu kabiri igenekerezo rya 07 Rusama 2013.

Muri urwo rwandiko rwashizweko umukono n’abanyagihugu barenga ibihumbi cumi na kimwe, basaba ko umukuru w’igihugu atokwemeza itegeko rigiye kuzogenga umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Kubwa Dénise Mugugu, umukuru w’ikigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi, bizeye ko iryo tegeko ritazoshirwako umukono kuko ryazanye impari nyinshi kandi n’abatari bake bararyiyamirije.

Pascal Rwankara umuhinga muvya politike n’ibwirizwashingiro yamenyesheje ko iryo tegeko ata gaciro rigifise kuko ryarengeje ikiringo ryari kuba ryashikirijwe umukuru w’igihugu. Pascal Rwankara amenyesha ko umukuru w’inama nshingamateka aba afise ikiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani gusa kugira abe yashikirije umukuru w’igihugu amategeko aba yatowe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Iyo bitagenze uko, ni nk’uko iyo nteguro y’itegeko yoba itatowe n’abashingamateka n’abakenguzamateka. Umukuru w’igihugu nawe aba afise ikiringo c’imisi mirongo itatu iharurwa bahereye ku musi iryo tegeko riba ryamushikiriye, kugira abe yamaze gushira umukono ku nteguro y’itegeko riba ryemejwe.

Ku bijanje rero n’itegeko rigiye kugenga abamenyeshamakuru, inama nshingamateka yatosoye impinyanyuro z’inama nkenguzamateka ku genekerezo rya 29 Ndamukiza 2013.

Naho biri uko, mu biro vy’umukuru w’igihugu bakaba bamenyesha biciye ku muvugizi w’umukuru w’igihugu, ko iryo tegeko ritarashikirizwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu. Ivyo bikaba kandi vyemejwe muri kano gatondo n’inama nshingamateka yamenyesheje ko iryo tegeko rikiri mu gisata c’iyandikiro.

JPEG - 6.7 ko

Kubwa Pascal Rwankara yanonosoye ibijanye n’ibwirizwa shingiro, iryo tegeko rikwiye kandi gusubira kwigwa kuko ryarengeje ikiringo gitegekenwa n’ibwirizwa shingiro.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.