IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri Somaliya mu rugendo rutari (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri Somaliya mu rugendo rutari rwitezwe

mardi 22 Ndamukiza 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu rugendo mu gihugu ca Somaliya, aho bivugwa ko yagiye gutera intege abasirikare b’Uburundi bari muri ico gihugu.

Urwo rugendo umukuru w’Uburundi yagize muri ico gihugu, akaba yarugize atabateguje nk’uko amwe mu makuru ariko aravugwa. Abasirikare b’abarundi rero bari kugarukana amahoro muri ico gihugu, bakaba bitwara neza nk’uko bivugwa n’ababarongoye, ndetse ico gihugu kikaba kigeze ku ntambwe ishimishije bivuye ku mwete w’abasirikare bahurikiye muri AMISOM, muri abo hakaba harimwo abarundi.

Twobamenyesha ko AMISOM ubu irongowe n’umusirikare w’umurundi ariwe Lieutenant Général Silas Ntigurirwa. Umukuru w’igihugu c’Uburundi rero, akaba yakiriwe na mugenzi we arongoye Somaliya.


IGIHE

Messages

  • jewe mbona nyakubahwa umukuru wigihugu NK.PETERO ni ucomando

  • Nareke inkina mico amayasukemwo mabisi mugihuguciwe yake biryabirwanisho imbonerakure
    nubwoza mubwiye katazobarotanga bamaye babimuhokoze sicoyagomvye?nginzara irabarembeje baroza kubisumish

  • Nikoye, kuyumu president w’Uburundi arumunyabwengera!

  • ISOKO RIKURU Ryahiye President ari Adis Ethiopie, Ubu naho yashaka kwerekana ko ivyITURIRWA rya BRB atabizi kugira ngo avuge ko we yarafise URUGENDO muri Somalie. Haaaaaaaaaaa BABWENGE BARI BABIRI (UMUHUTU - UMUTUTSI) Hava mumwe arapfa !!!! None uwo ninde ga yemwe ???

  • harico mwihenda ibigwanisho biramutswe bitanzwe ntivyohaba imbonerakure hari aba demobilise dufise arashe adahusha.mwabatutsimwe igihugu reka tucisanasanire kuko mwebwe kuva kuri mico_mbero vyarabanikiye kukibungabunga.ico ndabasavye peter muveko kuko nintwari kandi numwana wintambara

  • We kuharura ivyisoko na BRB ukibagira babantu bicwa mugatumba bucazinduka muri USA akacayisibisha vyitwe kababaye abanyagihugu ariko arabesha twaramuvumbuye ntakintu nakimwe ubukiba atabayateguye

  • Jewe nibaza ko aba dd botekana bagasezera mu bwitonzi kubera iki biruhisha ku busa? Akabo kaheze. Ndi mubo bahaye ivyo birwanisho. Kandi turi benshi. Umuheto twarawusangiye. Tuzobahindurira batangare. Mwenewacu yishwe nabo. Mama yambuwe nabo. Mwene mama yahunze ko atari muri system. Ndarengewe. Na brb ntavyo nokeka. Tout est possible mugabo ejo siheza uwishaka yokerebuka. Ariko hagurunka dukerebuke. Baza umu dd muri kumwe ntampinyuzagusa ivyabo biragoye. Abarundi muhore ejo niheza ndabaremesheje imbere y Umusalaba Uburundi ni Ubw Imana. Ndabahumurije izere Imaba imigambwe yose iri i Burundi irarwaye. Ikunde wibuke ko guturira isoko nkuru canke brb uba wituriye. Igihugu ni ABANTU. UMUTAWARE ATAGIRA ABANTU ASHATSE YONYIKA NKA NSORO.

  • ninde yababwiye ko BRB yahiye mwabantu mwe imitwe yanyu umengo yuzuyemwo amazi

  • Perezida Nkurunziza ndagukunda ndabivugiyengaha kanyi n’Imana ibonavyose ikabona nibirimumwiza irabona kontarikondabesha. Abonabo birirwa batondesha ivyago bizabirashikira igihugu cacu, bashoborakuba babifisemwo uruhara mubatera ivyovyago. Harumuntu dusoma mugitabo citwa bibiriya yitwa Yobu yaba mugihugu ci Uzi,yarumuntu atunganye kandakunda Imana cane akanayubaha cane yaritunze afise bana namatungomeshicane, rekandabibarize, mbemwobamuzi ivyago namagorwa Yobu yabonye? mbemwibaza ko yobu ariwe yishe abiwe nivyiwe? cankemwibazako Yobu yariziko abiwe bazopfa namatungoyiwe akamushirako? Ndibazakwari oya, Abavugarero ko Perezida afise uruhara mwisanganya ryatumye isoko rikuru rya Bujumbura risha, hamwe niyicwaryabantu mu Gatumba nibindimwirirwa muramwagiriza binuka, ntahomutaniye nabantu babwiye Yobu ngo natuke Imana ngokuko ntaco imumariye. Prezida Petero Nkurunziza ndamukunda wavyemera utavyemera ndamukunda.

  • harikunt gitangaj mu barundi!har abnt bakigndra ubwoko!ohoo,nkuwo yitw sisi nkuwomuha igihugu,ahaa!ntaco mvuz,knd bury uwo sisi ndumv dusangay ubwoko,

  • Nimwashira ubwoko imbere bizobananira

  • Yeee nkuwuyiyita ngo mama tahura ntamuntuyavuze koyanka peter twanka imirimomibi igenda imugaragarako uvuga ivyi Mana ahugambuvuge kwimana arumunyakibi?yifuriza abantu ibibi?ahurihenze Imana nintungane ibikorwavyacubibi tugendadukora nivyobituma Imana iduhana ntukagereranye yobu nurya kotuzi ivyobintuvyose vyabaye ikibazo nokubaza nibande babikoze vyamanutse biva mukirere?kobatashirwa kmugaragaro?nikuvuga katavyazi?ibizigabidasibwa gutorwa vyakataguw amazosi ngaho ibuj nikuvuga kutabibona?ikibazo nibande babigira?icowomenya niki
    umurereci wumusuma niwe musuma kandabarundi bose ntabwarinjinji.

  • Kuyu yiyise sisi ikibazo turimwo sicamoko ahorero uvyumve uzi abanyagihugu babahutu bashonje?banganiki?ubamariyiki?
    Ibirwanisho birazwi kovyatanjwe
    nikimenyamenya ninama zomwibanga zabaye kandi kundwiheze bakanamubwira kobatazobisubiza nibadashitse icovyatangiw natangimihoho
    kimbe bazobirondeza rasiyo ngobarashonje
    ivyogusana igihugu navyo nugusambura gusa amakaminuza ntimwugaye?ukonikogusana?yeebabaweee.

  • @Kananirabagabo Ntiyimye, Wombarira ibikorwabibi Yobu yariyarakoze imbereyuko abiwe nivyiwe bimushiriyeko? Ndakwiyamye gusubira guterinduru ko ivyago bibamu Burundi kwarukubera Nkurunziza iconibuka kuri Yobu nuko Satani yasavyeko Imana yaka Yobu ivyafisevyose ngomaze irabeko Yobu asubira kuyubaha, ariko nubwo Yobu ivyoyaritunze vyosevyamuhezeko ntiyigeze atukimana. Amen.Arinacogituma nkomeza kwisabira Prezida Nkurunziza gukomeza igikorwaciza yatanguye cokwiyegereza Imana ibihebidashira mugihecamagorwa namahirwe.

  • Gusura ingabo muri somslie nivyiza cane ariko gutanga ibigwanisho mubanyagihugu azobibazwa kdi kwirukana abodufashije mu bdi kandi twimirije amatora jewe numva hs ri agahaze biva kiki ? Inda ndende abanye batwara u bdi nuko badatwaye manda 5 ivyo kuvukana imbuto mu bdi vyaraheze merci

  • Yagiye kubonana nabasoda bava muri DD kugira ababwire ivyoyavuganye nimbonerakure abandanya agabura izego wenyene .munyuma ace avuga ko ari ADC

  • Nukuri muzemurabe umwana arabase kumunwa niyige agirindero nasatwetwahunze icogihugu mutama arakwiyekudushimira nubwaguma atwirukako ndavye ubwoburundi burimwo abantubatubaha burimwo abantu umengoreta nimuvyarawayo nibagwize ibigovyokuvura abasazi inohanurakizigenza nawe poltko yi kuuremwibarabara uyishi bubiro nkakurya kwamuseveni na tanzania kenya urababaza ingenebigenda

  • Nsi .ndumurundi ariko abarundi m uRigutyo nta president mufise niyo arimubandi b a president u murabamo u kwitinya cane

  • Uyu mama jew sinibaza kurumurundi ubona ukuri niyigihugukirikuja?ahoguhanura abatwara uvuga ibitagirakamaro?nubwunyiyama ivyomvuga nukuri kuvya Yobu none kovyahereye murugiwe bigatwara umugore na bana nivyatunze
    wombwira umwana cank umugore kimbe ibintu vyanya kubahwa bimaze kubura?abapfa agahora sukwatari mumuryangowiwe?we ceceka abarundi sibose baribijuju nkaw utaboniyurikuja ivyuhayagiza harigihe naw woshikirwa nihurovyemera koresh ziryankoho
    mwahaw harigihe mutokwererwa

  • We kananirabagabo ntiwimye,izina ryawe rirakuranga pe.igihugu muhungu ubu kirimwo abagabo,reka gutera induru,utumena umutwe mwe nuyo yiyita ngo nwari,mwebwe muzoguma muvuza induru gusa kuko nivyo mushoboye cooooonyene.ngwibigwanisho ,birakabahitana!!!.ivyo bigwanisho biri mumitwe yanyu no mumitima yanyu,nimubigumane mpaka bizobirahire,ntarundi ruririmbo musigaye muririmba.murateye isoni,ndabasabe muze murunviriza izo mpanuro mwahawe nuwomufasoni MAMA kuko zirubaka,kandi burya uyo muvyeyi arabakurira.mungana nabo yavyaye,kandi arabakunda caaane,nimwikebuke rero.

  • @Kananirabagabo Ntiyimye, Burya nukwibintu dushobora kubatutavyumvakumwe burya umukuruwigihugu caricocose abona abenegihugu nkumuryango wiwe nicogituma abarundi bavugango SEBARUNDI. Kuwiyise Ndadaye, ivyowavuze kuri perezida wacuko atamu perezida dufise ngokubera yicisha bugufi biramaze ngahakw’Isi ntawushimwa abaho, urinumira bakakwita kur’ikijuju, wavuga bakakwita umusazi! Jewerero nkumurundi ndumwe mubashima imyitwarire ya perezida wigihugu canje, kukonubundi ntamwishimye ntawundiwohanze yozofata umwanyawambere wokumushima, Hahirwa abicishabugufi kukwaribo bazoshirwa hejuru.

  • Mpere kuruyu yiyita mama ivyuvuzubu ndakuva urikuraza
    iconokubwira nyakubahwa jew simwanka ndamukund nanka ibintubibi bigenda bimubako ntabishire kumugaragaro akagumafukafuka ntabitandukanye akihorera wibaza kumusumvyubweng?arabona ariko vyose izinduru zirikuba zihagaze kuri manda ya3
    nkuy ngo ni Giramahoro wew sinzikubona ibiberamugihug nimbatarikwisamaz ceceka ukomeze urye amaraso yabenewanyu ngonihurokura imigisha kuvuga katabirwanisho wosobanuragute ko leta yokwanka amatohoza mvamakungu?mbewibaza karabasazi?none kowivugisha un ngirya yarahiye kigiye kwihagurukira ndabe icuzokora ntaminsi isigaye sentare mvamakungu itatanguye kubahamagaza uzobumbwire ndaha

  • maze iminsi mbona abanyarwanda bivanga mubibazo byabarundi bikantangaza cyane. ese ntitwokemura ibibazo byacu ibibazo biri muburundi tukabirekera abarundi?
    kuki hano iwacu tutubahuka kuvuga ibikorerwa rubanda ariko tukajabuka imbibe kuvuga ibyahandi?

  • WIKANIRA UMUGISHA WUWUNDI UKANYA IBUYE

    RINDIRA NAMWE MUZOSHIKIRWA MUTARINZE KWITERANYA KUMANA

  • Jewe ndatangazwa ninyifato n’ingendo z’abarundi bamwe bamwe. Mbega mwibaza ko ivyo vy’ibirwanisho canke imbonerakure mwitwaza kugira mushike kuvyipfuzo vyanyu ko hari aho bizobageza. Nagomba ndabibutse ko Nkurunziza Petero n’umugambwe aserukira aribo bari kubutegetsi. Kandi muragera kure mu vyipfuzo vyanyu mukibaza ko ayo majambo canke ivyo bikorwa vyo gutobera ubutegetsi ko hari ico bizoshikako!!! Guhera 2004, 2010 gushika uno muso muvuga, mutoba kandi ndabizi ka muzokwama ukwo kandi muzorinda musaza mukora ukwo, ariko igihugu kizokwama citwa uburundi, gitwarwa n’abo Imana ishatse ko bagitwara. Murantunga kuko murarengeje mwebwe "bamwe bamwe".

  • Halte aux tentatives d’intoxication et de manipulation de l’opinion !

    La machine de la manipulation de l’opinion est toujours àl’œuvre au Burundi
    Quand je rédigeais l’appel du 11 avril 2014 par lequel je demandais àchacun d’agir pour lutter contre le fléau de la manipulation après les manifestations du Bureau des Nations Unies au Burundi (BNUB), je ne savais pas que celui-ci a osé transcrire des allégations mensongères de distribution d’armes àune partie de la population.
    Je suis étonné par la réaction de certains groupes, certainement àl’origine de cette rumeur, qui demandent àcor et àcri la création d’une Commission Indépendante pour mener les investigations alors que tous les témoignages sur place ne rapportent aucun indice sur la réalité de ces allégations.
    A ce propos, on se demande si àchaque fois qu’il y aura rumeur, il y aura toujours création d’une telle commission. Si oui, on aurait donné une brèche àl’imagination féconde de certains esprits qui ne manquent jamais de produire des rumeurs sur tout et rien. Il ne faudrait surtout pas oublier que, derrière cette proposition apparemment « acceptable », des manœuvres, destinées àinfluencer les résultats dans le sens de tenter de confirmer les propos tenus depuis des années, ne peuvent être exclus.
    Après s’être rassuré sur terrain, la raison est devenue évidente : cette allégation traduit, dans le cas le moins grave, une stratégie commune, entre les fonctionnaires du BNUB et certains groupes de burundais, adoptée pour favoriser le maintien du BNUB et son mandat, contrairement àla résolution récemment adoptée par le Conseil de sécurité.
    L’autre possibilité, àlaquelle l’on est obligé de penser eu égard aux propositions qui ont rapidement suivi ces allégations comme les sanctions àl’encontre du Burundi, renvoie àune réelle préparation d’un conflit armé dans le pays, ce qui réclamerait effectivement la présence du BNUB. Mais les Burundais restent confiants que la communauté internationale ne se laissera pas abuser et entraîner dans un conflit qui serait initié par des politiciens en mal de popularité. La concomitance de ces pseudo-révélations avec la commémoration du génocide rwandais explique l’émotion de certains membres de la communauté internationale.
    L’on devrait se poser la question suivante : pour quel intérêt, ces groupes réclament–ils le maintien du BNUB actuel ? D’un côté, quelques politiciens semblent avoir renoncé àla participation aux élections (la correspondance de M. Léonce NGENDAKUMANA suggère « une autre voie » qui ne peut être que celle des négociations avec tout ce qui s’en suit….Tentative de manipulation mais le piège est grossier).
    Pour les autres groupes, l’on peut légitimement se demander si l’intérêt n’est pas identique avec celui des agents du BNUB ou probablement le sont-ils effectivement ? Pour certains membres de la société civile, il n’est un secret pour personne que le BNUB est leur vache àlait ou mieux leur « Boîte » puisqu’ils sont appuyés dans leurs activités et sont même impliqués étroitement lorsqu’il s’agit d’accorder ou pas des appuis àd’autres demandeurs (l’épisode du refus de l’appui au Comité technique pour la mise en place d’un cadre de concertation de la société civile et les pouvoirs publics est significatif).
    Une autre intention de manipulation s’est manifestée pendant la nuit du 21 au 22 avril 2014. Des rumeurs se sont propagées àtoute vitesse sur certaines stations de radios qu’il y a incendie de la Banque de la République du Burundi (BRB) et cela tout simplement àla vue d’une fumée provenant de ses enceintes. Informer en soi qu’il y a une fumée n’était pas mauvaise mais diffuser et confirmer l’incendie sans détenir des preuves est pour le moins symptomatique d’une mauvaise foi, pourquoi pas une intention de nuire.
    Un journaliste a osé déclarer àla radio, àminuit quarante et une minute (00h41’), qu’il vient de quitter le site de la banque parce que « sa vie aurait été en danger ». Pourtant, en plus de la population, il y avait plusieurs journalistes de différents médias nationaux et internationaux. Qui en voulait àsa vie, lui seul et pourquoi ?
    Une autre personne a regretté que « les leaders d’opinions les plus populaires » n’aient pas eu la possibilité d’arriver sur les lieux pour se rendre compte de ce qui se passaient réellement. Faut-il comprendre qu’il y a des personnes qui doivent nécessairement être témoins de situations pour que ces dernières soient normalement rapportées ? Fallait-il, au lieu de prendre les mesures qui s’imposaient c’est-à-dire informer l’opinion sur l’origine de la fumée, inviter des groupes divers pour engager une polémique ou des débats? Ou probablement que ces « leaders » sont tellement compétents que rien ne peut se faire sans eux. S’il y avait eu effectivement catastrophe, ces insinuations auraient été certainement le point de départ d’accusations, comme cela est devenu une habitude sous nos cieux : arrogance, suspicion permanente, accusations tous azimuts, voilàle style préféré de certains de nos compatriotes.
    La critique facile et inappropriée avec tentative d’intoxication de l’opinion a donc eu cours. Alors qu’un message du Gouverneur de la BRB était déjàpassé sur les ondes de la Radio nationale (RTNB), des allégations mensongères ont continué de fuser de certaines autres radios : incendie de la banque, les canaux d’information du Gouvernement ne fonctionnent pas etc. L’intention était-elle celle d’informer ?
    A voir de près cet épisode, il se remarque que la machine de la manipulation de l’opinion est toujours àl’œuvre et peut malheureusement tromper les citoyens peu ou pas informés.
    A partir d’un fait, somme toute banal, puisqu’il ne s’agissait que d’une destruction de billets usés, une exploitation tendancieuse (vie en danger par qui, leader d’opinion ( ?) empêché d’accéder àla scène, affirmation persistante d’un incendie imaginaire, ...) heureusement rapidement étouffée, aurait pu conduire àune situation de confusion et de peur. Comme dans les romans policiers, l’on pourrait se demander àqui profite « le crime », car àcoup sûr, ce n’est pas le peuple burundais. J’appelle donc tous les burundais àse mobiliser pour faire échec àla manipulation qui a fait tant de mal au pays.
    Rappelons-nous, tous les drames vécus dans ce pays ont démarré sur des rumeurs et des accusations sans fondement et tous savent ce que cela a coûté.

  • Abanya rwanda nivyo ntibivange ngaha kuko ivyabonavyoturabizicane ingene atamunyagihugu avuga
    nkuyu ngoni NDC nkawwe ni niwinumire nokubaza ibibazo vyibiba muburundi wonyishura?nibobitobera wibaza koharuwobatobera?igihugu gisigaye arindya ne gusa iyoni demokarasi mwagwanira?imigambwe gutabagura amashami?amashure yomwarugaye nihomugiye kuramura incabwenge yeababaweee!!

  • Ico novuga, nuko abarundi twese dukwiye kuba umugisha kugihugu cacu. Abanyabwenge n’abakomeye, abatunzi n’abakene, abanyenkomezi n’abanyacubahiro, abategetsi n’abategekwa, twese dukwiye kwiga gushima kuko n’ivyiza bitari bike vyarakozwe ntitwovuga bibi gusa. Nyen’icubahiro president Petero NKURUNZIZA igihe azomara kubutegetsi, nzomwubaha kandi nzomusengera. Ni yava kubutegetsi, uwuzomusubirira wese, nzomwubaha kandi nzomusengera. Naho bimeze uko bimeze rero, wibuke ko mw’ijuru har’IMANA: kandi abakoze neza, lzobaha "ingero" n’abakoze nabi, lzobaha "ingero". Ncuti yanje, wiyubare muvy’uvuga no muvy’ukora, kuko uzobihemberwa. IMANA ntihengamye, "IRAGOROROTSE" izobiroranya vyose, murakoze.

  • Noneho musenga mureka , vyose bazovyishurira hano kw’isi. (Tout se paie ici bas) tôt ou tard bizoja ahabona myoye kwigira ibitambuga.

  • Reka kuka mwigira ibitambambuga , muramusengera canke mureke vyose bavyishurirahano kw’isi (tTout se paie ici bad)

  • Ntiranyibagira C.umva ko uzi gusenga rero udutabare utubwirire Imana idutabare ubona ko yabikoreye n’abandi benshi idukureko Nkurunzira kandi wongere ko tuzotanga ikimazi co gukenguka niyabidukora.wibuke ko na wawundi Nebukandineza yapfuye arisha nk’inka newe ya peresida nka Nkurunzira

  • Ewe Ruzobavako nabivuze mbona ko inyishu n’ibibazo vyinshi ku bantu bamwe bamwe nkamwe bitazobura. Ariko nagomba ndakubwire ko turi mu Burundi tukaba abarundi. Ntiwihende gose kuko turamenyeranye kandi turazinanyi. Ngo imigambwe iratabagurwa?!! Mbega Mukasi umuzi kw’iki? Umuzi gute? Wombwira igituma hari imigambwe nka PADER, PALIPE AGAKIZA, FNL ICANZO,...... Yoyo nukwo itabagurwa ntihicwe indongozi zayo. Aha nokubaza ico uzi canke umaze kwumva kuri Mayugi..... Nakubwiye nk’umurundi reka turindire ariko ivyipfuzo vyanyu biraboneka kandi vyabonetse kuva kera kandi bizwi kuva kera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.