IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gikorane co gushimira (...)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu gikorane co gushimira Imana

jeudi 27 Kigarama 2012

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe n’umuryango wiwe,baratunganije igikorane co gushimira Imana i Buye mu ntara ya Ngozi kikaba catanguye kuri uyu wa gatatu itariki 26 kigarama kikaba kizorangira itariki 31 kigarama.

Kuri uno wa gatatu itariki 26 kigarama, igihe yariko arugurura indwi y’amasengesho no gushimira Imana,indwi yateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu I Buye mu ntara ya Ngozi,umukuru w’igihugu yasavye abarundi ko iminsi mikuru yo kurangiza umwaka yoba iyo gushimira Imana kubwo imihezagiro yahaye igihugu cacu muri uno mwaka wa 2012,yongera amenyeshako iminsi mikuru ya Noweri n’umwaka mushasha yategerezwa kuba iyo guhurirako abantu baganira ijambo ry’Imana ibitandukanye n’ivyo tubona muri bino bihe aho abantu batari bake mu kibanza co gushimira Imana kuvyo iba yarabakoreye mu mwaka uba ugiye guhera,bafata umwanya wo kuja kunwa ibiboreza.

Umukuru w’igihugu akaba yarashimiye abitavye bose ico gikorane co gusenga,guhimbaza no gushimira Imana kubera imigisha yahaye igihugu n’umuryango wiwe muri ino myaka yaheze.Umukuru w’igihugu kandi yaraboneyeho akaryo ko kumenyeshako muri ino minsi indwi y’amasengesho bazoshingira intahe Imana kubera ibikorwa vyiza yakoreye igihugu muri uno mwaka aho twahimbaje imyaka mirongo itanu iheze igihugu kironse intahe yo kwikukira.

Kubwa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, ngo uno mwaka wa 2012, wari umwaka w’intango nshasha,umwaka wo kwimbura eka mbere umwaka w’aho ibikorwa bitari bike vyakozwe,aca aboneraho n’akaryo ko kumenyesha ko ico gikorane kizoba akaryo ko gusaba Imana ngo ibandanye ihezagira igihugu mu myaka mirongo itanu igiye kuza.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwakira abashitsi, buramatari w’intara ya Ngozi Claude Nahayo yarashimiye umuryango w’umukuru w’igihugu kuba waratoye ku ncuro igira kabiri gutunganya igikorane nk’ico mu ntara z’uburaruko. Ibikorwa vyo muri ino ndwi yahariwe amasengesho bikaba vyitabwe n’abategetsi b’igihugu harimwo icegera ca mbere n’ica kabiri c’umukuru w’igihugu,abashingamateka n’abamwe mu bagize reta, kikaba gifise urufatiro ruvuga ngo «Igikorwa ciza nticoreka gutanga ivyamwa vyiza.»

Muri ico gikorane igihe hazoba haheze amasengesho, hakaba hazotangwa inyigisho k’urwaruka,ku bakenyezi bafise amabanga ahambaye mu gihugu ku majambo y’urufatiro bazoba bafatiyeko.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.