IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yitavye ibikorwa vy’inama y’ibihugu vya Afrika (...)

Umukuru w’igihugu yitavye ibikorwa vy’inama y’ibihugu vya Afrika nivy’abarabu

lundi 18 Munyonyo 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yafashe urugendo ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere rumushikana muri Koweit, yitavye ubutumire bw’inama ya gatatu ihuza ibihugu vyo muri Afrika n’ivy’abarabu.

Kuri ubwo butumire yarungikiwe na mugenzi we Cheikh Sabah Al Ahmad Al Jaber, Petero Nkurunziza agiye mu bikorwa vy’inama ya gatatu ihuza ibihugu vyo muri Afrika n’ivy’abarabu, inama y’iminsi ibiri izotangura ku munsi w’ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo gushika ku genekerezo rya 20 Munyonyo 2013. Muri iyo nama izokwisunga icivugo c’imigenderanire y’ibihugu mw’iterambere, ibisata bitandatu arivyo poritike, amahoro, umutekano, ubudandaji, uburimyi hamwe n’abanyamitahe, batibagiye kurabira hamwe uruhara rw’abakenyezi mw’iterambere rirama nivyo bizokwigwa. Ibihugu vyitavye iyo nama bizorabira hamwe ukwo vyokwongereza ugukorana hagati y’abanyamitahe n’abandi bikorera ivyabo.

Inyuma y’uko iyo nama y’iminsi ibiri isozerwa, abakuru b’ibihugu bayitavye bazorabira hamwe uko imigenderanire yifashe kuva mu mwaka w’2011, bongere bemeze integuro nshasha y’uko ibihugu bigiye gukorana ku kiringo co mu mwaka w’2014 gushika mu mwaka w’2016.

Nk’uko tubikura mw’itangazo ryasohowe n’ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu, bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza azobonana n’abategetsi batandukanye bo mu bihugu vy’abarabu n’ibindi bihugu vyo muri Afrika, bakaba bazoganira ku migenderanire n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.


Egide Nduwimana

Messages

  • mupfasoni urapfuma witoze ngira weho ko uri pasteur ngira wokora !!Ariko ivyanyu biragoye ,,erega le burundi est un etat laic,,!!

  • Ha ha ha ha ha h...!! Bugesera ubwirizwa kuba warumvirije ikiganiro kabizi ca Jabo Jean Marie yagiranye na Jean-Baptiste Bagaza, president du Parti PARENA et ex-president de la Republique du Burundi. Sinzi rero ko ari uko uvyibaza cabnke woba wabiburiwe na Bagaza. Ico bikoze, ndabona koko k’Umutambukanyi wa S.E. Pierre Nkurunziza yifashe neza kandi aberewe. Kumbure ko ubu vuba amahoro n’ubutunzi bw’u Burundi bugiye gutotahara avec toutes ces differentes visites et surtout ce remaniement de la Constitution.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.