IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki arakwije umwaka afunzwe

Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki arakwije umwaka afunzwe

mercredi 28 Munyonyo 2012

Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, ayaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi no mu makungu basaba ko umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo Bonasha FM n’iradiyo y’abaransa RFI yorekurwa. Kuri uyu wa gatatu, uwo mumenyeshamakuru akwije umwaka wose afunzwe. Yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba.

Ingene vyagenze kuva agifatwa

Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki yafashwe n’igipolisi c’iperereza italike 28 ukwezi kwa Munyonyo ku mwaka w’2011. Yafatiwe aho yatumwe n’iradiyo akorera Bonesha FM kurondera amakuru mu gisagara ca Bujumbura. Yatanguye gufungirwa mw’ikambi ya gisirikare iri ahitwa ku Mutukura mu ntara ya Cankuzo, hanyuma ajanwa mu gasho k’igipolisi muri iyo ntara nyene ahamara iminsi mirongo ine. Yahavuye yimurigwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Ruyigi ubu naho afungiwe mw’ibohero ry’intara ya Muramvya.

Sentare nkuru y’intara ya Cankuzo yaraburanishije akatari gake urubanza rw’uwo mumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki. Yakatiwe igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Yatanguye kwagirizwa gukorana n’imigwi y’abarwanyi. Reta y’u Burundi yarahakanye ko ata migwi y’abagwanyi ihari.

Mu nyuma icaha kirahinduka yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba. N’aha nyene umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama yarabwiye abarundi n’amakungu ko ata migwi y’iterabwoba ihari mu Burundi. Yavuze ati ‘’Nta migwi y’iterabwoba iribonekeza muri kino gihugu cacu, ariko dushaka gukinga ibara ritaragwa’’. Yabivugiye mu nama yahuje abaserukira ibihugu vy’akarere mu nama yabereye i Bujumbura yo kugwanya imigwi y’iterabwoba.

Hassan Ruvakuki n’abashingwamanza biwe baragaye urubanza hanyuma barunguruza. Muri sentare isubiramwo imanza i Gitega, uwo mumenyeshamakuru yavuze ko ata caha yakoze mu kuja muri Tanzaniya kuvugisha umugwi w’abagwanyi wari watangaje ko ugwanya reta y’u Burundi. Abashingwamanza biwe bamenyesheje ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru rirekurira umumenyeshamakuru kurondera inkuru aho ariho hose no hanze y’igihugu harimwo.

Umushikirizamanza yasabiye Hassan Ruvakuki kubandanya igihano yaciriwe co gufungwa ubuzima bwiwe bwose. Urubanza ruri mu mwiherero ruzosomwa italike 8 ukwezi kwa Nzero umwaka w’2013.

Umwaka uraheze afunzwe

JPEG - 47.5 ko

Mu gihe kuri uyu wa gatatu haheze umwaka Hassan Ruvakuki afunzwe, abatari bake bagize ico bashikiriza.

Patrick Nduwimana arongoye iradiyo Bonesha FM asaba sentare isubiramwo imanza y’i Gitega kwikubita agashi igakurikiza amategeko ikarekura uwo mumenyeshamakuru. Yemeza ko uwaserukiye reta yabuze ivyagiriji bikwiye vyotuma Ruvakuki aguma afunzwe.

Maitre onesime Kabayabaya, umwe mu baburanira Ruvakuki yavuze ko kuva urwo rubanza rutangura hibonekeje ihonyangwa ry’amategeko. Yizeye ko sentare y’iyungururizo izokurikiza amateko ikarekura uwo mumenyeshamakuru.

Ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu ribonako icaha gifunze Ruvakuki kitabaho mu Burundi. Pierre claver Mbonimpa arongoye APRODH nawe nyene yasavye sentare y’iyungururizo ko yokwanka kuremerwa n’ubutegetsi muri urwo rubanza. Avuga ko iyo dosiye yahawe intumbero ya politike.

Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ umenyesha ko ubabajwe no kubona umumenyeshamakuru ashobora kumara umwaka wose azira ubusa. Alexandre Niyungeko arongoye UBJ avuga ko iryo fungwa risubiza inyuma ubwigenge bwo kumenyeshamakuru mu Burundi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF,Reporters Sans Frontieres ryizeye ko italike 8 ukwezi kwa Nzero umwaka uza w’2013 izoba ntibagirwa kuri Ruvakuki. Pierre Ambroise arongoye igisata ca Afirika muri RSF yizeye ko Ruvakuki azorekurwa kuri iyo talike kuko ngo azira umwuga wiwe.

N’ayo sentare ntahiyizwa isaba abantu bose ko borindira ibizova mu mwiherero w’urubanza. Eliya Ntungwanayo arahumuriza ko sentare y’iyungurizo y’i Gitega izosoma ingingo ibereye.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.