IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yoba akiri muzima, ariko yarakubiswe (...)

Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yoba akiri muzima, ariko yarakubiswe bikomeye

jeudi 4 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe igiporisi c’Uburundi kibandanya guhakana ko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA adapfungiwe mu giporisi canke mu busho bw’igendereza, hari amakuru avuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza i Muramvya. Ayo makuru avuga ko Jean BIGIRIMANA akiri muzima, ariko ko yoba yarakubiswe bikomeye, n’inzara ikaba imurembeje.

Ayo makuru y’uko umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA yoba akiri muzima aje yunganira amatohoza yakozwe n’ikinyamakuru IWACU uwo mumenyeshamakuru asanzwe akorera, ayo matohoza akaba yerekanye ko ijisho rya nyuma rya Jean BIGIRIMANA ari i Bugarama. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi akaba yasavye umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

JPEG - 128 ko
Jean BIGIRIMANA akorera ikinyamakuru IWACU

Mu kinyamakuru IWACU batabariza uwo mumenyeshamakuru, bagasaba umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, hamwe n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, ko bofasha hatararengerana, Jean BIGIRIMANA akarekurwa. Mu gihe uwo mumenyeshamakuru yogira ico aba, muri IWACU bavuga ko bizobazwa uwutwara igendereza mu ntara ya Muramvya.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Uwatanze amakuru ku muryango wiwe yavuze ko yafashwe n’abakozi b’igendereza.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe. Uwo muntu yatanze ayo makuru y’ifatwa rya Jean BIGIRIMANA yavuze ko yahagaritswe n’abakozi b’igendereza, bari kumwe n’abajejwe intwaro, i Bugarama, ariko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akaba abihakana.

Godeberte Hakizimana, umupfasoni w’uwo mumenyeshamakuru asaba inzego zijejwe umutekano ko zomufasha kurondera hamwe n’ugukingira umugabo wiwe ari mu kibanza kitaramenyeshwa.


IGIHE

Messages

  • Dukwiye kumenya ko turi kw’isi, burya ntukanezewze no guhohotera mugenzi wawe na cane cane umuhora ngo ntimuvuga rumwe muri politique kandi musangiye igihugu! Barundi gutoteza no kugira nabi ntawe vyigeze bihira, nuwubikora uno munsi amenye ko igihe kizogera akabibazwa, yemwe naho woba wibaza ko uri umutegetsi uratinda ukabazwa amaraso, n’ubuzima wasinzikaje! Ni murabe Hissene Habre ukuntu ariko akubitwa intahe mu gahanga kubera amabi yakoreye abanya Tchad??!! Erega umuntu ni nk’uwundi, uwo utoteza ababara nkuko ubabara, kandi ndizera ko utokwifuza uwogusinzikariza ubuzima nawe rero ukwiye kuba umuntu ukirinda gusinzikaza ubwo abandi. BARUNDI TWIKEBUKE TUREKE UBUNYAMASWA AMAZI ATARARENGA INKOMBE NIMBA ATARAYIRENZE, KANDI DUHAGURUKE TWIYAMIRIZE AMABI AKORERWA ABACU. inyishu iri mu biganza vyacu kuko ni twebwe abarundi twizanyemwo izi ngorane!

  • Muzemwitondera ivyomuvuga nubwomwobamuziko mushigikiwe nibihangange vyomwiy’isi kuko iyumaramajwe ivyobihangange biribandaniriza ubuhangangebwavyo kandi ubuhangange bwavyo bugasigaraburaboneka arikowewe wamazekuba ngo cwe.
    Umuntu yobishobora yokwitonda akavuga namake vyomuberavyizagusumba kwiringira ngoharibihangange bizomvugira bamwebasigayebavyita ngonukwemera bakaba incungu? yarabaye incu Yezu kristu maze arapfira jewe narumunyavyaha ndasigara .
    Nonabandi usanga ngobitangiye abandi mugihe usanga nawe ivyakorewe yarimaze kubikorera abantu barenze umwe yarikibandanya kurondera nibindi bisesema Imana akorera ibiremwa bantu noneho ngoyitangiye abantu! Ndabasavye muzemurafatumwanya musoma ibitabo bitagatifu bizobafasha kuzoza muririnda kwishinyagurira mwebwe nyene ubwanyu.

  • Uwicisha inzara nawe niyo izomwica, uwicisha inkota nawe niyo izomwica, uwicisha amahiri nawe niyo azomwica, mwomenya rero ko uwundi muntu ababara uko namwe mwobabara.

  • Copy uvuze neza cane gose nda gu komeye amashi .

  • NONE HOHO IYO TELEPHONE YAMUHAMAGAYE NTIYASHOBOYE KUYIMENYA KUGIRA NYENEYO ATANGE AMAKURU AKWIYE?

  • none uo yavuze koyafashwe nabindendereza rimuramya yavuze ivyatabonye nibajebajebe hokugenda iyo yoyavuze bakihweza bakabona kuronderera ahandi bahebuye uwo arabajana

  • " l’homme est un loup pour son semblable"on n’a pas menti

  • haa!!nukuri turagowe pe none ko tuzi abantu muburundi bashobora guhagarika abantu ari inzego zigiporisi nizigendereza hanyuma bose bakaba babihakana non uburund bujahe bu kava he?ha izo nzego bazicunge kuko bagomb guhuma amaso abarundi namakungu kugira bamwice ahere amazimayongo.mon pays va mal vrmt!

  • IMANA NI UMUTABAZI KAND YITWA NTIRENGANYA, IRIKO YUMVA AMABOROGO YA JEAN BIGIRIMANA.

  • ivyiburundi nahimanb ubuzibwaho busigaye bugoye ibintubiduga kumusi kumus

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.