IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abdou Diouf yabisikanije na Michaëlle Jean

Abdou Diouf yabisikanije na Michaëlle Jean

mardi 6 Nzero 2015

Michaëlle Jean aheruka gutorwa kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa yatanguye icese amabanga yiwe kuri uwu wa mbere. Mu birori vy’ukubisikanya na Abdou Diouf yahora muri ayo mabanga, Michaëlle Jean yagarutse kuvyo agiye gushira imbere mu kiringo c’imyaka ine agiye kumara ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa.

Mu gisagara ca Paris, ahasanzwe hari icicaro c’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa, niho habereye kuri uwu wa mbere ibirori vy’ukubisikanya hagati ya Michaëlle Jean yatowe kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo nk’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, hamwe na Abdou Diouf yahora muri ayo mabanga.

JPEG - 36.1 ko
Abdou Diouf abisikanya na Michaëlle Jean agiye kuramutswa ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa

Mu myaka ine azomara muri ayo mabanga, Michaëlle Jean amenyesha ko azoserukira iryo shirahamwe muvya poritike, hamwe no bindi bikorwa vyose biraba iryo shirahamwe kw’isi yose (Porte-parole politique et représentante officielle de l’Organisation au niveau international), hamwe n’ugushira mu ngiro imigenderanire y’iryo shirahamwe n’ibindi bihugu.

Michaëlle Jean yavutse kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga 1957 ahitwa Port-au-Prince muri Haïti. Mu mabanga yagiye arashingwa imbere y’ayo, yarabaye intumwa idasanzwe ya UNESCO muri Haïti, yongera araba umurorerezi adasanzwe w’ishirahamwe ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa mu nkino mpuzamakungu z’ukwinonora imitsi (Jeux olympiques et paralympiques) zabereye mu gisagara ca Londres mu mwaka w’2012. Yarakoreye kandi mu kiringo c’imyaka 18 Imboneshakure hamwe n’insamirizi vy’igihugu ca Canada (Télévision publique canadienne, la Société Radio-Canada)

Michaëlle Jean abaye uwugira gatatu arongoye iryo shirahamwe, inyuma ya Abdou Diouf yarongoye iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’2003 gushika mu 2014, hamwe na Boutros Boutros-Ghali yarongoye iryo shirahamwe kuva mu 1998 gushika mu 2002.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.