IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umupfasoni wa Rwasa Agathon yarashwe n’abantu bataramenyekana

Umupfasoni wa Rwasa Agathon yarashwe n’abantu bataramenyekana

dimanche 15 Ntwarante 2015, par Jean De Dieu

Umupfasoni wa Rwasa Agathon, umukuru w’urunani RANAC yarashwe n’abantu bataramenyekana,bamusanze aho yari yagiye gukoresha umushatsi hafi ya TOURISTE Hôtel muri Quartier Asiatique.

JPEG - 123.6 ko
Umupfasoni wa Rwasa Agathon Ku bitaro BUMEREC
JPEG - 143.7 ko
Salon de Coiffure yari yagiyemo gukoresha umushatsi, CHEZ 21

Abarashe umupfasoni wa Rwasa Agathon bari mu muduga wo mu bwoko bwa PRADO, bakaba bamurashe amasasu abiri, rumwe rwamufashe mu mutwe haruguru y’ijisho. Ku bitaro BUMEREC aho ariko avurirwa hari abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abagize urunani RANAC.

JPEG - 38.9 ko
Rwasa Agathon yihutiye kuza kuraba umupfasoni wiwe yari acitse kw’icumu
JPEG - 52.9 ko
Annonciate Haberisoni, umupfasoni wa Rwasa Agathon

Karori NDITIJE, icegera c’umukuru w’urunani RANAC Dushayuruburundi amenyesha ko bari bamaze kumenya ko hari umugambi wo kugandagura bamwe mu bari migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, NDITIJE Karori akavuga ko ivyo bikozwe bwoba ari nk’ubutumwa bw’ukwereka RWASA Agathon ko hanyuma ariwe azogandagurwa.

JPEG - 38.6 ko
Hopital RUMEREC

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.