IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI wongereje ikiringo c’ugushikiriza impapuro zisabwa (...)

Umurwi CENI wongereje ikiringo c’ugushikiriza impapuro zisabwa abazokwitoza

mercredi 8 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umurwi CENI watanze iyindi minsi itatu yiyongera kuyari yahawe abashaka kwitoza mu matora y’abajenama ba komine hamwe n’amatora y’abashingamateka, kugira batange impapuro basabwa.

Inyuma y’aho abaserukira imigambwe bamenyesheje ko batigeze boroherezwa n’abajejwe intwaro mu kuronswa impapuro zisabwa n’umurwi CENI ku bazokwitoza mu matora y’abajenama b’amakomine hamwe n’ay’abashingamateka, baciye basaba ko bokwongerwa ikiringo.
Ivyo babisavye mu gihe n’umurwi utegura amatora CENI wiyemereye kuri uwu wa kabiri, ko utararonka amadosiye y’abazitoza mu matora y’abajenama ba komine.

Mu kiganiro umurwi CENI wahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko ico kiringo congerejwe iminsi itatu, ku bajenama b’amakomine, ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 11 Ndamukiza 2015. Iminsi itatu nyene niyo yongewe ku bashingamateka, ni ukuvuga kuva kw’igenekerezo rya 14 gushika kurya 16 Ndamukiza 2015.

Tubibutse ko intonde mfatakibanza z’abiyandikishije mu muce wa kabiri zamanitswe kuva kuri uwu wa kabiri, abanyagihugu bagasabwa kuja kuziraba, abatisanzeko bakaba bafise imisi itatu yo kwitura CENI.


Egide Nduwimana

Messages

  • mworohereze abo bose babishaka kugira ejo batazahava babona ibyo bitwaza.

  • CNDD-FDD iti intsinzi ni cash, Uprona zompi gurtyo, FNL zompi kukaba uko, Frodebu uko zingana zikavuga nk’uko nyene, etc...
    Emwe, suspens y’impera z’ukwezi kwa gatanu izohava iduhagarika imitima bamwe bamwe hano!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.