IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNIDH usaba abegwa n’ibibazo vya politike gusubira mu (...)

Umurwi CNIDH usaba abegwa n’ibibazo vya politike gusubira mu biganiro

mercredi 19 Myandagaro 2015

Umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH umenyesha ko ubabajwe n’ubwicanyi bumaze iminsi buhitana ubuzima bw’abanyagihugu,ugahoza kandi imiryango yose imaze kubura abayo,ugasaba kandi Reta y’Uburundi kubandanya ibiganiro idatevye kandi ivyitwariritse cane .

Mw’itangazo ryashikirijwe na Yohani Batisita Baribonekeza arongoye CNIDH,uwo murwi usaba abarongoye imigambwe ya politike gusubira mu biganiro vyotorera inyishu ibibazo vya politike,kwigumya no kuvavanura n’ingendo y’igikenye.

Muri iryo tangazo,umurwi CNIDH usaba abajejwe umutekano kubandanya gukura ibirwanisho mu banyagihugu kandi atawe bahohoteye,kubandanya gucunga umutekano w’abanyagihugu bose ata nkunzi,kwibuka ingingo zigenga agateka ka zina muntu,bakamenya ko umuntu naho yoba yakoze icaha adategerezwa guhohoterwa.

Umurwi CNIDH usaba abakuru b’amashengero n’amadini kuva mu gacerere,ugasaba kandi ko abarongozi guhimiriza abayoboke babo kubana mu mahoro no gusonera agateka ka zina muntu.

Umurwi CNIDH urangiza usaba amakungu guhimiriza Reta n’abatavuga rumwe nayo gusubira mu biganiro,abanyagihugu nabo ukabasaba gufatana munda no kwima amatwi ico cose cobacanishamwo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nukuri Wewe Washirahamwe Utakamba Ko Abarundi Bosubira Mubiganiro Atagisabwe Tugushigikiye100%!! Uratanye Caaane Nariryashirahamwe Rya Njangwa Yubahuka Akavugakurya!! Abajejwe Amashengero Nyakubahwa Ntaco Bovuga Kugezubu!!Kko Ntibumvigwa!! Wibuke Impanuro Zuzuye Ubwenge Abasenyeri Ba Catholique Batanze!! None Bokoriki Kugezubu???

  • Ahubwo fasha leta izomburakimazi zifatwe zishengezwe ziba ziturira imiduga ziturira ibiraro zisahura abantu kandi biyita ngo bahanira agateka ka zinamuntu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.