IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi MENUB wasozereye icese ibikorwa vyawo mu Burundi

Umurwi MENUB wasozereye icese ibikorwa vyawo mu Burundi

mercredi 18 Munyonyo 2015, par egide

Ibikorwa vy’umurwi MENUB w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wari ujejwe gukurikirana amatora mu Burundi vyasozerewe ku mugaragaro kuri uwu wa gatatu mu birori vyari vyitabwe n’abaserukiye Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ivyo bikorwa bisozerewe mu gihe inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaheruka gusaba ko ibikorwa vya ONU mu Burundi vyokwongerezwa mu ntumbero y’ugufasha gutora inyishu z’ibibazo biri mu Burundi.

Ali Diabate, icegera c’uwurongoye MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi) yamenyesheje muri ivyo birori ko n’aho amatora yabaye mu Burundi, hari abo atashimishije, akizera ko ibiganiro bigiye kuba bizogira ico bishitseko mu gutora umuti w’ibibazo biri mu Burundi.

Uwaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, Zakariya GAHUTU ajejwe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu igisata c’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, yashimye ingene MENUB yakoranye n’inzego z’igihugu c’Uburundi.

Tubibutse ko uwo mugwi washizweho kuva ubuserukizi bwa ONU busozereye imirimo yabwo muri Kigarama 2014, kugira uzofashe gukurikirana amatora yari yimirije mu 2015.


IGIHE

Messages

  • NAMBAKWARIGUTERANYAGUSA, KODUHONYE MUBONABADUFASHIJIKI ? IVYOVYONABARUNDI, DUKORIBIRUTIVYO NIBATAHE, INKUMIZACUZIRONKEAMAHORO, BARIBABENZEATARAKANDI?NIBAGENDE, UBURUNDITURASHOBOYEPE, NYANGOMANAWE NARYEBIKEARYAMEKARE, KUVAKERAVYARAMUNANIYE ABATAMUZINIBAMWISINGE

  • NAMBAKWARIGUTERANYAGUSA, KODUHONYE MUBONABADUFASHIJIKI ? IVYOVYONABARUNDI, DUKORIBIRUTIVYO NIBATAHE, INKUMIZACUZIRONKEAMAHORO, BARIBABENZEATARAKANDI?NIBAGENDE, UBURUNDITURASHOBOYEPE, NYANGOMANAWE NARYEBIKEARYAMEKARE, KUVAKERAVYARAMUNANIYE ABATAMUZINIBAMWISINGE

  • none ko basubiye iwabo nuko bamaze kubonako atayandi matora yo kurorera ari bugufi? none amwe CRANED yahora ivuga azoba ryari? ko hari bamwe bayiteze canke byose bizoherera mubiganiro, bagabane ivyicaro biherere iyo. niba aruko, ubwo naha2020 abazogezayo.

  • les imbessile!sont des renarts!!ns avos decouvrir vos ruses!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.