IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wiga ingene igihano c’ugupfa cogaruka warashizweho

Umurwi wiga ingene igihano c’ugupfa cogaruka warashizweho

jeudi 18 Ruhuhuma 2016, par egide

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko kugira ivy’ugutembagaza ubutegetsi biranduranywe n’imizi mu Burundi, Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.

Mu bihano bikomeye yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE, mu gihe yari mu nama nshingamateka kuri uwu wa gatatu, yabwiye abashingamateka ko harimwo igihano c’ugupfa.

«Mbere hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abenegihugu bishiriyeho.»

JPEG - 37.7 ko
Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi

Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa igihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yashizemwo n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.

Imirwi itatu niyo irwanya Uburundi

Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yamenyesheje ko hari abansi b’Uburundi bamaze kumenyekana ko bafashe umuheto, abo nabo bakaba bagizwe na :

FNL ya NZABAMPEMA Aloys yahoze ari intwazangabo mu gisoda c’Uburundi, akorera muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo

RED TABARA ukorera mu gisagara ca Bujumbura, ukaba urimwo abahoze mu gisirikare c’Uburundi hamwe n’igiporisi batorotse n’abirukanwe, abakukuruke mu gisirikare, abasubijwe mu buzima busanzwe, n’abandi

FOREBU ugizwe n’abagerageje gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015

Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yamenyesheje ko iyo ariyo mirwi imaze kunyekana ko itera umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, ifadikanije n’abanyeporitike bamwe bamwe yagirije ko batemera amahiganwa, hamwe n’abo yagirije kandi ko biyita ko badaharanira ivyicaro vya poritike, kandi ku bwiwe aribo barondera uburyo n’ibikoresho bihungabanya umutekano mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Harumunsi mutica ?ngonuko bitarekuwe?

  • Harumunsi mutica ?ngonuko bitarekuwe?

  • Hari umuntu yiciriye umugani wumutezi wifuku haraho mwogishiraho mukacishiriraho mukazosigara musaba ko bagikuraho mutakibishobora noshima ko muri abagabo muhereye kuri rumwe bacira uwo mwicanyi wanyu nkurumbi

  • MUBURUNDI TWARAMAZE KUGW IBIZIBIGUGU EHERABA NKUYU YIYITA NTUKOMEYE NGO NTAMUSI MUSIBA KWICA.NONE ABO BICA NIBANDE? EKA URI NTUKOMEYE URIMURI BA SINDUMUJA MUPFUYE MURIBAZA AHUBWO NIBAGISUBIZEHO ICOGIHANO COGUPFA TURABE BA SINDUMUJA IYOBAZOGIKWIGWA SHA NARABABWIYE INKONA NTIYARUZWA MUGIYE KWIBONERAKO BATANGATANGE MUGISHAKA GUTEMBAGAZ UBUTEGETSI MWARI MWIBAZA NGO BIZOKOROHA?OYA DAAAAAAA!!!

  • ahubwomufatirenokubanyagigu,batotezwa.abandi?murekenabanyagihugubikorere.ntimugashirempingayanje.icogihanontikigire.umugambwe?!

  • MBEGA ABO BANTU BAGUMA BAVUGA NGO ADOROFE!,MBEGA KUVA DUHEKUWE UBU NIHO BAKIMENYA IBIHANO?,HAAA,NDAMBE MBONE

  • ICO gihano nikigaruke kuko vyarenze ihaniro

  • EKURI NTUKOMEYE NYENE ABATUTSI SUKOMWAFUYE UBUHO NUKUBAKUBITA MBAKA MUGWANDA TUBACAGENAKAGABO WANYU

  • Igihugu c’uburundi abategetsi baco baraciyubwenge.Bravo nyakubahwa!!

  • Igihugu c’uburundi abategetsi baco baraciyubwenge.Bravo nyakubahwa!!

  • Igihugu c’uburundi abategetsi baco baraciyubwenge.Bravo nyakubahwa!!

  • Gishireho mugabo igifita intango gifita iherezo gusa mumenye ko ivyo mukora vyose bizoriha abana banyu n’imiryango yanyu.

  • Bravo to burundian leaders for coming up with a such wonderful decision!!

  • Bravo to burundian leaders for coming up with a such wonderful decision!!

  • ngiryo rero irindi terabwoba rya nkurumbi aho wibwira ngo utere ubwoba abantu ngo ntihagire uwuzosubira kuvuga,urihenda ubundi abo mwirirwa murica imanza zabo zaciriweho sha ivyo nubusa,mbega wamburakimazi wakinwamaraso wamumenja we ntavuze izina uwo sita sindumuja ninde hewe iryozina umwita umwita izina rimukwiye YARANSE ARAHAKANA ARARENGWA KUBA UMUJA WA NKURUMBI,basirikare mudashigikiye nkurumbi ngwaho ico mwarindiriye agomba akibahe

  • Ico gihano nibagishireho vuba.N,abatera ama grenades mu bantu kibafate. Abicanyi bogisonera.

  • Bahere kuri Nkurunziza kuko nawe yarakatiwe ico gihano

  • Ico gihano ntabwo gikenewe kuko nubundi murica uko mushaka kandi abo mushaka mwa binywamarasomwe.Noneho mwasaranye urwanda murakaruzira
    kandi ngo akataretse kaba gasema nimubandanye

  • Igihano co gupfa kibanze gufata abari baciriwe urwo rubanza. Hanyuma muarshobora kugishiraho mwibaza ngo mugomba kwikura umwansi kw’izosi ariko ejo muhavuza kikabagarukako, ico kudakinisha ni amategeko!!!!!!

  • Kwica Niko Kazi Kanyu,ariko Gishireho Kumbure Nkurunziza N’abiwe Bazoheze Bamanikwe Buhene:inkubisi Y’amavyi Yayakubise Iyikubitirako.

  • yooh Imana Ninziza Kandi Ijambo Ryayo Nukuri. Ikizi Nuko Nabari Bagiriw Ubuntu Nimana Ahiga Kubamara Kurumbi w Ntibariho Kubwaw Shaka Ukigarukan Kuko Nubundi Wabaniga Ababo Ntibabone Nibiziga Nivyiza Ko Kibaho Kugira Vyorohe Ingen Naw Bazokuniga Amakungu Nabarundi Babireba. Komera Nkurumbi Urahaye Uza

  • nyakubahwamushikiranganji,mwihweje,iyongingo,iragarura.umutekanobikoranyenubutunganebwigengahamwenamatohoza.adahengamwe,atagirankunzi.mpinkayanjecank’imigambwenabanyagihugumubarekebahashe.uwivye.uwishebamukureho!

  • ubwo bujuju burarenze. uwuzosenyura inzego akabîshobora, azobacira urwo gupfa.

  • NANJE NDEMERA KWICOGIHONO COTANGURA VUBA BAGERA KURI BUYOYA NA BAGAZA NA BUSOKOZA BIKUNZE NAKAGAME AKAJAMWO NIBINDI BIPFAMUTIMA NKIVYO.BATIBAGIYE ABARYA RUSWA BOSE.

  • rek bagishireh hargih cohra kur w na shebuj.

  • rek bagishireh hargih cohra kur w na shebuj.

  • Basha. SINDUHIJE ari muri CENARED acatwara Igihugu Hama Abarongoye Igihugu Gushika Kuri Nkurumbi Bose Kuko Bishe Abantu bitabe sentale yahawe guhana abishe abantu ibahanishe igihano c’ugupfa. Ahubwo barakoze kushiriraho Imana Iriko Irarokora Abarundi Munzira Yukwihana Kwabo.

  • AHA IRY’IMANA YAVUZE RIRAHAYE RICA INZIRA,NDABONA MUMISI ITARI MYINSHI NKURUNZIZA ,NYABENDA,NYAMITWE,NDABIRABE, BUNYONI IMIVYIMBA YABO ITONZE UMURONGO IMANITSE KUBITI NANJE NZOBATWENGERA MWIJIGO MVUGA NTI: EWE HAMANI WIBWIRA KO IGITI UGISHINGIYE MORODEKAYI NONE NIWEWE UKIMANITSWEKO ,NONGERE NTI GUMA UWURWISHIGISHIYE YORUSOMA

  • Jewe nagira nsabe abarongoye uru rubuga ni ukuri mwikubite agashi. Hariho amajambo ateye isoni ,amajambo y’ishirasoni avugwa n’abantu ataco yibanga mutaba mureka ngo bacishe kuri uru rubuga. Ni ukuri nyene ni mwaba mushaka ko dutera tuja imbere fashe abaca kuri uru rubuga kwandikana ubuntu n’ubupfasoni. Kwubahuka kwifatira mu gahanga Sebarundi tukamutuka ayo dushatse.Ukwo ni ukwikwegera umuvumo. Ntimwibaze ngo muriko mutuka umukuru w’igihugu mu guhana mukanyegeza amazina y’ukuri yanyu. Muribuka ko naho yokora amakosa angana nte, umwanya akituri imbere aguma ari umuvyeyi kandi uzobahana siwe . Mutyoza Imana. Nizere ko ata mukristu yubahuka gushira isoni ukuraho. Umuvyeyi naho yoba gito gute aguma yubahwa. ari sacré. Abarongoye uru rubuga namwe mu kwemera ko haca amashano nk’ari aha namwe mwikwegera umuvumo! Mushobora kuba mutemera ko Imana iriho ariko muzobibazwa. Gushikiriza ico umuntu yiyumvira si bibi. Ariko bigire mu rupfasoni. Hari n’abatazobisoma canke bazomfata nk’ikijuju ariko uzoshaka azohindura canke areke ariko hazogera umusi ntasubirinyuma ntiwigizwinyuma. Ico utarabona ucerekwa n’ukuramba! Ikarema nziza n’umwaka muhire w’ikigongwe c’Imana.

  • Yego sha ni mugishireko nimwe muzagi consomant mbere!

  • Muminsi iheze nasomye mu gitabo ca babanyi babanyagwanda. Ngo"UNERA AGATI INKUBIRANE UKAYITARUKIRIZA" ciriya gihano barashobora kugishirako kigahera kuri Nkurumbi usize umugani mubi kw’ isi

  • Emwe Ivyuburundi Namadabidabi Ngo Igihano Co Gupfa Urucira Mukaso Rukarya Nyoko Nibagishireho

  • Nize mw’ushure muri Histoire ko umugabo w’umufaransa yitwa Guillotin yazanye imashini yo kwica abantu baciriwe urwo gupfa mu gihe ca Revolution francaise, ariko icantangaje na Jean Guillotin nawe yahavuye icirwa urwo yaciriye abandi yicisha aka guillotine kiwe. None ni bagarukane igihano co gupfa ndazi neza ko nabo bose bazogicirwa n’intwaro izikwirikira. Ntibafyine rero kuko politike ihinduka kumwanya kumwanya uwiyita umugenzi wa Nkurunziza ejo arashobora kwisanga yitwa mujeri.

  • Jewe sishigikira ubujuju nkubwo bararaba neza nkabantu nkabo biyumvira ivyiyumviro vyo kwica!,nkivyo murabe kwataco bahajije mumutwe.kuko Imana nti yaremye umuntu ngo hagiruwundi abumwaka. ivyo nivyiyumviro vyi kuzimu shetani ariko arakoresha abo barongozi bahisemwo kumukorera. iryo tegeko rya shetani rikemezwa, murabo bari kubutegetsi na bamwe bamwe barongoye igisirikare nigi porice hazorokoka umwe nigihimba. nukuri umwanya ubutegetsi bwagisheta buzoba bugihangamye bamwe bazomanikwa abandi baryuruzwe, abandi babandanye kuraswa nkuko biri uyumusi, igihe bazoba batakiri kungoma bizobagora. ariko nkavunira akagohe abo Imana izohereza uburundi nti bazokwifuze kwihora abansi babo kuvyo babakoreye, uguhora nukw,Imana mwohava musanga mwabaye ibihumane nkabandi, kuko umwicanyi nigihumane .

  • Na Simon Nyandwi niwe yazanye ikintu cuku hobaho itongo ryabapfuye ryabategetsi bari muri leta bakitandukanya n’abandi. Ariko ivyakurikiye uwo Nyandwi nyene niwe yatanguye guhambwa mwico kibanza nyene kumpanda. Nayo ivyo vyigihano c’urupfu nabo bariko barabitegura harigihe kizogera nabo bagashikirwa. Baravuga ngo ruriye abandi rutabibagiye kuko aho mwicaye mwahakuye abandi kandi ejo hazoza abandi mutakiri murayo mabanga.

  • Eeeh!!! Muraraba Neza Kuko Twese Tur’abarundi,Sinumva Ko Hojaho Ico Gihono,ndibaza Ko babigira Kuko Aribo Bari Kwisonga Ariko Bamenye Yuko Hari Abo Bariko Baravyara Bazosigara Muri Ico Gihano.Ahubwo Imana Izagame Twebwe Abarundi Batobato Tugwa Mumporero.

  • Mu Kirundi Bati:"umugabo Yihindukiza Mu Kirago Ntiyihindukiza Mwijambo"burya Umuntu Yari Yakuyeho Igihano Cugupfa Yari Yaragize Bien .Rero Ku Bwanje Mworabingen Mupfuma Mutunganyibind Bihano Kuk Tukaraba Nabi Turiha Amenyo Imbere Y’amakungu .MURARABA RERO NTIMUBE NK’UMUVYEYI YIHINDUKA SES ENFANTS

  • Nivyo ico gihano co gupfa kirakenewe cane mu burundi niho akajagari kohagarara!

  • uyo murwi niwegeneza ugorufu ukuntu bazoguherako wewe nyene

  • Ahubwo Icogihano Cogupfa Cari Caratevye Kujaho Uravye Ukuntu Abantu Basigaye Bagandagurwa Bunyamaswa Birateye Agahinda, Kandi Ahonyene Nuwubikoze Arigamba Kugeraho Avuga Ngo Nzopfungwa Ariko Wewe Azoba Yapfuye, Mugabo Jewe Ndaziko Batazonyica. Icogihano Nikigaruke Basi.

  • Urucira mukaso rugatwara nyoko.

  • Ni batangirire kuri iyo njavyi nyene iri kubivuga.

  • nonenibasubizaho igihanocogupfankurunzizakoyariyaciriwe urwogupfa bizogendagute?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.