IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umuryango wa Edouard Nsabimana usaba ko uwabo yogarukanwa i (...)

Gihanga : Umuryango wa Edouard Nsabimana usaba ko uwabo yogarukanwa i muhira

mardi 28 Gitugutu 2014

Edouard Nsabimana ni wa munyagihugu yanyuruzwa n’abantu bitwaje ibigwanisho bateye i Gihanga kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Gitugutu, bakagenda b’ivye ibintu bitandukanye. Umuryango w’iwe usaba ko uwabo yogarukanwa.

Therence Nzohabonayo umwe mu bavukanyi ba Edouard Nsabimana, amenyesha ko abiyita aba FNL ari bo bamutwaye ku musi w’Imana igihe c’isaha zibiri z’ijoro bamusanze ku bunywero bwo muri V4 kw’ibarabara ry’i 9. Ngo bamukoreye inkoko baca baramushorera, bafata urukoko baca mu gikaju kwa Nahum barajabuka no muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Edouard Nsabimana akaba yarahamagaye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu, abamufashe bamubwiriza kuvuga ko bashaka amafaranga angana n’imiriyoni zitanu, bakabona kumurekura. Ubu rero uwo muryango ukaba uriko uraraba ukwo woterereza uwabo akarekurwa.

Therence Nzohabonayo ahamagarira Reta y’Uburundi gukingira abo irongoye, n’ugukora ivyo ishoboye vyose uwabo agaruke ari muzima, ndetse yongere ikingire abarundi n’ababubamwo inkozi z’ikibi nk’izo. Agira ati: ’’Nta muntu atogira ico yibaza kuri iiyo mirwi isa naho iriko irakwira mu gihugu, kandi ntawutokwibaza ati: Abo bantu badutwaye umuntu nta sano bafitaniye na ya mirwi ivugwa mu makomine ya Rusaka, Gisozi na Mugongomanga?

Mukamenya ko Edouard Nsabimana, yari umu umuherekeji w’ubwato bugenda bugaruka MPURUNGU-BUJUMBURA. Afise imyaka 43 yubakanye n’umugore umwe n’abana batatu. Abo rero bamunyuruje babwira umwe mubavukanyi biwe ngo: "Muvuge ko muyafise tubarangire aho muyashira hanyuma tumubarungikire". Ubwoba rero ni bwose ko ashobora kwicwa ku bw’amakuru aguma avurwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.