Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umushikiranganji wa mbere wa Libiya yarekuwe
 Umushikiranganji wa mbere wa Libiya yarekuwe
 Umushikiranganji wa mbere wa Libiya yarekuwe
				
				jeudi 10 Gitugutu 2013
Mu gihe yari yanyurujwe mu mutwenzi wo kuri uno wa kane n’abantu bitwaje ibirwanisho bakekwa ko ari abahoze ari abarwanyi, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libiya Ali Zeidan yarekuwe.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Libiya, Ali Zeidan, yari yanyurujwe mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu n’abantu bitwaje ibirwanisho. Inyuruzwa ryiwe rikaba ryabereye ku nzu y’uburaro yabamwo iri i Corinthia, ku murwa mukuru Tripoli. Abantu bari bitwaje ibirwanisho binjiye muri iyo nzu, aho yari asanzwe ari, ariko ntawigeze amenya ivyariko birahabera, nk’uko umukozi akora muri nyubakwa yabimenyesheje.
Kubw’imboneshakure CNN, Ali Zeidan yajanywe n’imiduga yari imurindiriye imbere y’iyo nyubakwa ata n’urusasu na rumwe ruvuze canke ikintu kigaragaza ko hari inyuruzwa.
Iryo nyuruzwa rikaba ribaye imisi itanu inyuma y’ifatwa rya Abou Anas al-Libi, umukuru akekwa ko ari muri Al Qaïda, ifatwa ryateye ishavu abahoze ari abarwanyi hamwe n’abashigikiye idini rya islam muri Libiya.
Abahoze ari abarwanyi baciye biyemerera iryo nyuruzwa, bo bakavuga ko boba bamuhagaritse bisunze amategeko ajanye n’icaha co guhungabanya umutekano wa Leta, kandi bo bakavuga ko babikoze kw’itegeko rya sentare nkuru. Ariko rero, iyo nkuru ntiyigeze yemezwa na sentare. Ali Zeidan akaba yari yatwawe mu bushikiranganji bwo hagati mu gihugu.
Floxella Karire
