IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umutekano w’uwahoze arongoye igendereza ku ntwaro ya FRODEBU (...)

Umutekano w’uwahoze arongoye igendereza ku ntwaro ya FRODEBU urageramiwe

lundi 20 Nzero 2014

Uwahoze arongoye urwego rw’igendereza mu Burundi ku ntwaro y’umugambwe FRODEBU, Audifax Ndayitoreye amenyesha ko umutekano wiwe ugeramiwe muri kino gihe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Nzero 2014, Audifax Ndayitoreye yamenyesheje ko atewe impungenge n’inzego z’ubutungane zo mu Burundi kubona ata matohoza arakorwa ku vyerekeye ubwicanyi yahatswe kugirirwa kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2013 ku muhana iwe uri muri komine Gihosha mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Audifax Ndayitoreye ku nsamirizi Renaissance, avuga ko nk’igihe c’isaha 12 z’akagoroba, haje imuhira iwe abagabo batatu bambaye impuzu zisanzwe binjira mu nzu. Ariko we avuga ko atari ahari bahasanze umufasha wiwe, niko kumubaza iyo umushingantahe wiwe ari, abishura ko atazi iyo yagiye. Mu nyuma niko kumusaba abereke iyo yoba abika ibirwanisho biriko birakwiragizwa mu gihugu cose, uwo nawe arahakana ko ata bintu nk’ivyo ariko arakora muri kino gihe.

Nk’uko bibandanywa bivugwa na Audifax Niragira abo bagabo boba bari bafise ibirwanisho mu makoti maremare bari bambaye, niko gusiga umukenyezi wiwe ubwoba bwamutekeye.
Inyuma y’iminsi ine, haciye haba agacerere kadasanzwe mu bajejwe umutekano, mu gihe yari yasavye ko borondera izo nkozi z’ikibi.

Audifax akavuga rero ko atazi igituma ariko arahigwa buhongo. Ahamagarira abajejwe umutekano ko bogerageza gukorana ubwitonzi mbere bagafata izo nkozi z’ikibi.
Agira ati : "Mbega ubuzima bwanje budashoboye gukingirwa hari akantu umunyagihugu nyarucari wo ku gatumba."

Audifax Ndayitoreye yahoze arongoye igendereza ku ntwaro y’umugambwe FRODEBU ubu akorera mu Burundi inyuma y’imyaka yamaze mu gihugu c’Ubuhorande asanzwe afise n’ubwenegihugu bwaco.


Floxella Karire

Messages

  • Oya namwe ba mugeza ngaho! Murumva kuvyura ibintu vyabaye haciye umwaka?!
    None ko atabamenye, n’umugore wiwe yababonye ntiyabamenya kandi batari bahishije mu maso, arashaka ko ari igipolisi n’ubutungane babamenya?! Ntibitanganje intumbero ica yibonekeza. Ni yayindi yahereye muri vya bihe bihitiye ntiriwe ndavuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.