Accueil > Amakuru > umutekano > Umutekano wa Bob Rugurika wasubiye guhungabana
Umutekano wa Bob Rugurika wasubiye guhungabana
jeudi 2 Ndamukiza 2015
Umutekano w’umuyobozi wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu urabangamiwe n’abantu bagendera mu miduga ifise ibiyo bitabona, nk’uko bivugwa n’iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu.
Kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante, amamodoka afise ibiyo vyirabura ababanyi ba Bob Rugurika bavuga ko anyuragiranwa muri quartier abamwo, abo banyagihugu bakaba babariye bagenzi bacu ba RPA ko abo bagendera muri iyo miduga banabajije aho Rugurika aba.
Ukwo kuronderwa rero n’abo bagendera muri iyo miduga, kukaba gushitse inyuma y’aho arekuriwe ava mw’ibohero ry’i Muramvya, aho yari yafashwe inyuma y’amatohoza iradiyo RPA yari yakoze ku bijanye n’iyicwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi, bagandaguriwe muri komine ya Kamenge muri Nyakanga 2014.
Umutekano wa Bob Rugurika ukaba wagiye uratituka bikomeye kuva mu ntango z’2015, aho yahatswe gukurwa mw’ibohero rya Muramvya mw’ijoro aho yari apfungiwe, bikavugwa ko intumbero yari iyo kumwica.
Aristide Nizigire
Messages
2 Ndamukiza 2015, 11:39, par diacre
Bob ndaguteye intege ntuze utinye kuzira ukuri kandi umusi wugushengera kwawe kuzwi nuwakuremye abandi bose ntabubasha bagufiseko rero abakwipfuriza inabi nibashireko umwete ariko ntaco bazokugira
2 Ndamukiza 2015, 13:03, par bucanayandi
Bob ntutinye umute kano wawe ucunzwe nabamalayika! Iyatababo ntubukiriho mwe nabandi musangiye guhumwa narusiferi! Kandi turikumwe mumasengesho Imana iratabara uburundi nabarundi!
2 Ndamukiza 2015, 18:22, par juju
bob ikiganza c’imana kiri kuri wewe umwana w’umuntu ntabubasha na butoyi agufiseko ntutinye kandi ntugire ubwoba bandanya umwuga wawe umusi imana yaguhaye wukuja iwe ntawuwuzi nikinyegezwa cayo komeza uzoshengerane ijambo abo uvugira bariko bararenganywa imana izobaguhembera hezagirwa ncuti nkunda
2 Ndamukiza 2015, 20:19, par Kunda
Nonega Abo Bantu Bipfuza Iki?Bo Baryoherwa Babonye Amaraso Ariko Araseseka .Rugurika Turamwemera.Kuko Yavuze Ibikenewe.Uri Umugabo Kabisa.Twebwe Aho Tugeze,twari Dukwiye Kumenya Ko Niwica Wibuke Nawe Ko Uzopfa.Ico Nsaba Reta Y’uburundi.Nuko Yozitira Itaronerwa Nayahandiho Ababona Kure Baramaze Kubona Ko Hari Agahaze.Nkabarundi Twari Dukwiye Kuja Kumavi Tugasenga.
2 Ndamukiza 2015, 21:06, par kabisa K.
bob rugurika wariyemeje gukokeza ingwano ariko nizereko utarimuburundi none kuva 2005 ntaciza nakimwe aba DD bakoze kuburundi?jewe ndadaye bamwishe niga muwindwi urumvako nzivyishi niba wanka uburundi ababukunda turacariho
2 Ndamukiza 2015, 22:27, par blinda
bob ntaco azoba kuk Imana iramubona kandi irabona ingene yitangira igihugu ciw!!imigambi ya satani nitsindwe mw’izina rya yesu!!