IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umutekano wa Bob Rugurika wasubiye guhungabana

Umutekano wa Bob Rugurika wasubiye guhungabana

jeudi 2 Ndamukiza 2015

Umutekano w’umuyobozi wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu urabangamiwe n’abantu bagendera mu miduga ifise ibiyo bitabona, nk’uko bivugwa n’iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu.

Kuva kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante, amamodoka afise ibiyo vyirabura ababanyi ba Bob Rugurika bavuga ko anyuragiranwa muri quartier abamwo, abo banyagihugu bakaba babariye bagenzi bacu ba RPA ko abo bagendera muri iyo miduga banabajije aho Rugurika aba.

Ukwo kuronderwa rero n’abo bagendera muri iyo miduga, kukaba gushitse inyuma y’aho arekuriwe ava mw’ibohero ry’i Muramvya, aho yari yafashwe inyuma y’amatohoza iradiyo RPA yari yakoze ku bijanye n’iyicwa ry’ababikira batatu b’abatariyanokazi, bagandaguriwe muri komine ya Kamenge muri Nyakanga 2014.

Umutekano wa Bob Rugurika ukaba wagiye uratituka bikomeye kuva mu ntango z’2015, aho yahatswe gukurwa mw’ibohero rya Muramvya mw’ijoro aho yari apfungiwe, bikavugwa ko intumbero yari iyo kumwica.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bob ndaguteye intege ntuze utinye kuzira ukuri kandi umusi wugushengera kwawe kuzwi nuwakuremye abandi bose ntabubasha bagufiseko rero abakwipfuriza inabi nibashireko umwete ariko ntaco bazokugira

  • Bob ntutinye umute kano wawe ucunzwe nabamalayika! Iyatababo ntubukiriho mwe nabandi musangiye guhumwa narusiferi! Kandi turikumwe mumasengesho Imana iratabara uburundi nabarundi!

  • bob ikiganza c’imana kiri kuri wewe umwana w’umuntu ntabubasha na butoyi agufiseko ntutinye kandi ntugire ubwoba bandanya umwuga wawe umusi imana yaguhaye wukuja iwe ntawuwuzi nikinyegezwa cayo komeza uzoshengerane ijambo abo uvugira bariko bararenganywa imana izobaguhembera hezagirwa ncuti nkunda

  • Nonega Abo Bantu Bipfuza Iki?Bo Baryoherwa Babonye Amaraso Ariko Araseseka .Rugurika Turamwemera.Kuko Yavuze Ibikenewe.Uri Umugabo Kabisa.Twebwe Aho Tugeze,twari Dukwiye Kumenya Ko Niwica Wibuke Nawe Ko Uzopfa.Ico Nsaba Reta Y’uburundi.Nuko Yozitira Itaronerwa Nayahandiho Ababona Kure Baramaze Kubona Ko Hari Agahaze.Nkabarundi Twari Dukwiye Kuja Kumavi Tugasenga.

  • bob rugurika wariyemeje gukokeza ingwano ariko nizereko utarimuburundi none kuva 2005 ntaciza nakimwe aba DD bakoze kuburundi?jewe ndadaye bamwishe niga muwindwi urumvako nzivyishi niba wanka uburundi ababukunda turacariho

  • bob ntaco azoba kuk Imana iramubona kandi irabona ingene yitangira igihugu ciw!!imigambi ya satani nitsindwe mw’izina rya yesu!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.